Publicidade

Ezequiel 45

Ukunagurwa kwa Isirayeli

1 Nimwagabura amatongo nk’ishamvu zanyu, muzokureko aho mwegurira Uhoraho. Hazobe ari ingero z’igice c’ukuboko ibihumbi mirongo ibiri na bitanu vy’uburebure n’ingero z’igice c’ukuboko ibihumbi mirongo ibiri vy’ubwaguke. Aho hose hazobe ahejejwe. 2 Kuri aho hantu, muzopime ahangana n’ingero z’igice c’ukuboko amajana atanu kuri izo nyene, impande zose zize zingane, hazobe ah’urusengero. Ingoro izokikuzwe n’ahatubatse hafise ingero z’igice c’ukuboko mirongo itanu z’ubwaguke. 3 Ico kibanza cejejwe, muzopime ahangana n’ingero z’igice c’ukuboko ibihumbi mirongo ibiri na bitanu vy’uburebure, ku ngero z’igice c’ukuboko ibihumbi icumi vy’ubwaguke ahazoba ikibanza cejejwe cane. 4 Ni ho hazoba umugabane wera w’abaherezi, bakorera mu Ngoro yanje, kandi begera ngo bakorere imbere yanje. Ni ahantu bashobora kwubakamwo amazu yabo, hakongera kandi hakaba ikibanza cejejwe c’Ingoro yanje. 5 Ikindi gice kingana ukwo nyene kizohabwe Abalewi bakora mu Ngoro, habe inyegu yabo, abe ari ho bubaka ibisagara vyabo.

6 I ruhande y’umugabane wanje wera, hazobe ingero z’igice c’ukuboko ibihumbi bitanu vy’uburebure n’ibihumbi mirongo ibiri na bitanu vy’ubwaguke. Aho hazoba ari ah’uwo ari we wese w’Umwisirayeli.

7 Umuganwa azohabwe umugabane ku mpande zose z’aho hantu hanje hera, no ku mpande z’igisagara, mu ruhande rwo mu burengero baja mu burengero, no ku ruhande rwo mu buseruko uja mu buseruko, uburebure bwaho burehe n’ubw’umugabane umwe, uhereye mu ruhande rwo mu burengero uja mu buseruko. 8 Uwo mugabane uzobe umugabane wiwe muri Isirayeli. Gutyo abami banje ntibazosubira kurenganya ubwoko bwanje, bazogaburira igihugu Abisirayeli, bakurikije uko imiryango yabo iri.

9 Uku ni ko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze: Birahagije, yemwe bami ba Isirayeli! Nimureke akarenganyo n’agacinyizo, mukore ibitunganye n’ibigororotse. Nimureke kwambura abantu banje, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze. 10 Mukoreshe iminzane itunganye n’ingero efa na batu zitunganye. 11 Ingero yitwa homeru izobe ari yo ngero mufatirako mu gupima. Ingero efa na batu zizobe zingana. Efa ibe ic’icumi c’ingero homeru, na batu nyene ibe ic’icumi ca homeru. 12 Ingero shekeli izobe ingana n’ingero gera mirongo ibiri. Shekeli mirongo ibiri ushizeko shekeli mirongo ibiri na zitanu, ugashirako shekeli cumi na zitanu bingana ingero mina imwe.

13 Iri ni ryo shikanwa muzoshikana: ku ngero homeru imwe y’ingano, muzokureko ica gatandatu c’ingero efa imwe, no kuri homeru imwe ya sayiri na ho nyene muzokureko ica gatandatu ca efa imwe. 14 Icashinzwe cerekeye amavuta ya Elayo apimishijwe ingero batu, ni ic’icumi ca batu mukuye ku ngero koru imwe yose. Iyo na yo ingana n’ic’icumi c’ingero batu canke homeru imwe, kuko ingero batu icumi zingana na homeru imwe. 15 Kandi intama imwe ni yo ikwiye gutoranywa mu zindi amajana abiri zo mu buragiro butotahaye bwa Isirayeli. Ivyo ni vyo bizokoreshwa mu gushikana ibimazi vy’ifu n’ibimazi vyo guturirwa, ivy’amashimwe hamwe n’ivy’impongano, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze. 16 Abanyagihugu bose bazotange ayo mashikanwa adasanzwe, ashikanirwe umwami wa Isirayeli. 17 Umwami ni we azotanga ibikenewe vyose bijanye n’ibimazi vyo guturirwa, ivy’ifu, n’ivy’ibinyobwa, mu misi mikuru y’imboneko z’ukwezi no kw’Isabato, no mu misi mikuru yose yategekanijwe mu nzu ya Isirayeli. Azotanga amashikanwa atangirwa ivyaha, amashikanwa y’ifu, amashikanwa yo guturirwa, hamwe n’amashikanwa y’ishimwe, vyo gutangira Abisirayeli.

18 Uku ni ko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze: Ku musi wa mbere w’ukwezi kwa mbere, muzofate ishuri y’inka ikiri ntoya, itagira agasembwa, yo kweza Ingoro. 19 Umuherezi aze yakire ku maraso y’ikimazi catangiwe ivyaha ayasige ku bishimaryango vy’Ingoro, no ku mfuruka zine z’igicaniro, no ku bikingi vy’irembo ry’urugo rw’imbere. 20 Muzobigenze mutyo no ku musi ugira indwi w’ukwezi bikorerwe uwacumuye atabishaka canke atabizi. Uko ni ko muzoba mutangiye impongano urusengero.

21 Ku musi ugira cumi na kane w’ukwezi kwa mbere, muzogire umusi mukuru wa Pasika, bizomara imisi indwi, iyo muzomara murya imikate itarimwo umwambiro. 22 Kuri uwo musi umwami azotange impfizi ibe ikimazi gitangiwe ivyaha, acitangire we ubwiwe, hamwe n’abo mu gihugu ciwe bose. 23 Ku musi wose muri iyo misi indwi y’imisi mikuru, azotange amashuri indwi n’amapfizi y’intama indwi atagira agasembwa, ashikanirwe Uhoraho nk’ibimazi bituriwe, hamwe n’impfizi y’impene y’ikimazi gitangiwe ivyaha. 24 Azotange ingero efa y’ishikanwa ry’ifu rijana n’ishuri yose, hamwe n’iyindi imwe ijana n’impfizi y’intama, kandi efa imwe izojane n’ingero yitwa hini y’amavuta ya elayo.

25 Muri iyo ndwi y’imisi mikuru, itangura ku musi w’icumi na kane w’ukwezi kw’indwi, azotange ibingana bityo ku mashikanwa atangirwa ivyaha, ku mashikanwa yo guturirwa, ku mashikanwa y’ifu, no ku mavuta ya elayo."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-