Publicidade

Ezequiel 33

Ezekiyeli yongera guhamagarirwa kuba Umuteramyi

1 Ijambo ry’Uhoraho ryongera kumbwira riti: 2 "Mwana w’umuntu, barira abo bantu bo mu bwoko bwawe uti: ‘Ninazana inkota ku gihugu, hanyuma abantu bo muri co bagatoranya umwe muri bo ngo ababere umuteramyi, 3 hanyuma uwo muntu akabona iyo nkota ije akavuza inzamba aburira abantu, 4 maze hakagira abamwumva ariko bakirengagiza iyo mburi, ya nkota ikaza igatwara ubuzima bwabo, amaraso yabo azobaharurwako. 5 Kubera yuko bumvise ijwi ry’inzamba ariko bakirengagiza iyo mburi, amaraso yabo azobaharurwako, kuko iyo baza kwumvira iyo mburi bari kwikingira bagakira. 6 Ariko uwo muteramyi niyabona inkota ije hanyuma ntavuze inzamba ngo aburire abantu, maze ya nkota ikaza igatwara ubuzima bw’umwe muri bo, uwo muntu azopfira mu vyaha vyiwe, ariko uwo muteramyi nzomuharurako amaraso y’uwo muntu.’

7 Nawe mwana w’umuntu, nakugize umuteramyi w’inzu ya Isirayeli; none rero niwumve amajambo nkubwira, uheze ubaburire. 8 Ninabwira umunyakibi nti: ‘Ewe wa munyakibi, nta kabuza uzopfa,’ hanyuma nawe ntumuburire ngo ahindukire ave mu bibi vyiwe; uwo munyakibi azopfira mu vyaha vyiwe, ariko amaraso yiwe nzoyaguharurako. 9 Ariko niwaburira umunyakibi ngo ave mu nzira ziwe mbi hanyuma akanka, azopfira mu vyaha vyiwe, ariko weho uzoba ukijije ubugingo bwawe.

10 Mwana w’umuntu, barira Abisirayeli uti: ‘Muvuga muti: Ibibi n’ivyaha vyacu biraturemereye, kandi biratwishe. Mbega tuzokira dute?’ 11 Babwire uti: ‘Indahiro ni jewe nyene, ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze, sinezerezwa n’urupfu rw’umunyakibi, ariko ico ngomba ni uko yohindukira akava mu vyaha vyiwe akabaho. Nimuhindukire! Nimuhindukire muve mu nzira zanyu mbi! Ni igiki cotuma mwemera gupfa ga yemwe bwoko bwa Isirayeli?’

12 Ku bw’ivyo, mwana w’umuntu, bwira abantu bo mu bwoko bwawe uti: ‘Nimba umuntu asanzwe agororotse hanyuma agacumura, ubugororotsi bwiwe bwa mbere ntibuzomukiza niyasubira mu vyaha vyiwe. Kandi umuntu w’umunyakibi niyihana, ububi bwiwe bwa mbere yagendeyemwo ntibuzomutsindisha. Umugororotsi niyacumura, ntazokwemererwa kubaho naho yoba yahora ari umugororotsi. 13 Ninabwira umugororotsi ko azobaho, ariko akishimira ukugororoka kwiwe, agakora ivyaha, nta gikorwa na kimwe c’ubugororotsi yakoze kizokwibukwa; azopfa azize ivyaha yakoze. 14 Kandi ninabwira umunyakibi nti: Nta kabuza uzopfa, maze agahindukira akava mu vyaha vyiwe, agakora ibitunganye n’ibigororotse, 15 agasubiza ivyo yatse kw’ingwati ku ngurane, agasubiza ivyo yivye, agakurikiza ivyo nihanikiririje bitanga ubugingo, akirinda gukora ikibi; nta kabuza azobaho, ntazopfa. 16 Ivyaha vyose yakoze nta na kimwe kizomuharurwako; niyakora ibitunganye n’ibigororotse, azobaho.’

17 Yamara, ubwoko bwawe buravuga buti: ‘Inzira y’Imana ntigororotse.’ Ariko inzira zabo ni zo zitagororotse. 18 Umugororotsi niyava mu nzira ziwe agakora icaha, azokizira. 19 Kandi umunyakibi niyava mu vyaha vyiwe, agakora ibitunganye n’ibigororotse, bizomubeshaho. 20 Ariko mwebwe Abisirayeli muravuga muti: ‘Inzira y’Imana ntigororotse.’ Ariko nzobacira urubanza yemwe Bisirayeli, umwe wese agererwe ibihwanye n’ivyo yakoze."

Insiguro y’ingene Yerusalemu hazosenyuka

21 Mu mwaka ugira icumi na kabiri turi mu kinyago, mu kwezi kw’icumi, ku musi ugira gatanu, hariho umuntu yahunze avuye i Yerusalemu, aza aho ndi, ambwira ati: "Igisagara carasenyutse!" 22 Ariko uwo muntu buca ashika, ukuboko kw’Uhoraho kwari kuri jewe, yugurura akanwa kanje imbere y’uko uwo muntu anshikira mu gitondo. Akanwa kanje karuguruka, sinaba ngisubira kuguma mu gacerere.

23 Maze ijambo ry’Uhoraho rimbwira riti: 24 "Mwana w’umuntu, ababa mu bihomoke vyo muri ico gihugu ca Isirayeli bavuga bati: ‘Aburahamu yari umugabo umwe wenyene akaganza iki gihugu cose. Ariko twebwe turi benshi, kandi igihugu twaragihawe ngo tucegukire kibe icacu.’ 25 None rero genda ubabwire uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Ko murya inyama zikirimwo amaraso, mukarangamiza ibishushanyo, mugasesa amaraso, ico gihugu mwocegukira gute? 26 Mwishimira inkota zanyu, mugakora ibizira, umuntu wese agahumanya umugore wa mugenziwe. None mwokwegukira ico gihugu gute?’

27 Babwire uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Ni ukuri nk’ukubaho kwanje, abasigaye mu bihomoke bazomarwa n’inkota, abari mu gihugu nzobaterera inyamaswa zibatabagure, abari mu mazu azitiriwe cane n’abari mu mazu yo mu kuzimu bazokwicwa n’icago. 28 Nzosiga igihugu ari agahinga, nkureho ivyizigiro vy’inkomezi zabo, kandi imisozi y’i Yerusalemu izosigara igaragara, nta n’uwuzosubira kuyicako. 29 Ni ho bazomenya ko ndi Uhoraho, ninamara gusiga igihugu kigaragara kubera ibizira bakoze.’

30 Na we mwana w’umuntu, abantu bo mu bwoko bwawe bariko barakuvuganako bari ku nzitiro no ku miryango y’amazu, umwe wese abwira mugenziwe ati: ‘Nimuze tuje kwumviriza ico Uhoraho avuga.’ 31 Abantu banje nk’uko bama, baza bafise ishusho yo kwicisha bugufi, bakicara imbere yawe ngo bumvirize amajambo yawe, ariko ntibayakurikiza. Batuza akanwa kabo ukwiyegurira Imana, ariko imitima yabo yuzuyemwo urukundo rw’amahera. 32 Kuri bo, nta ho utaniye n’umuririmvyi aririmba indirimbo z’urukundo, afise akajwi karongorotse, azi no gucuraranga neza, kuko barumva amajambo yawe ariko ntibayakurikiza.

33 Igihe ivyo vyose n’ayo makuba bizobashikako, bazomenya ko higeze kuba umuvugishwa hagati muri bo."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-