1 Mu mwaka ugira icumi na kabiri, mu kwezi kw’icumi na kabiri, ku musi wakwo wa mbere umwami Yehoyakini ari mu kinyago, ijambo ry’Uhoraho ryatumwe kuri jewe riti: 2 "Mwana w’umuntu, cura intimba uririre Farawo umwami wa Egiputa, umubwire uti:
‘Umeze nk’intare mu yandi mahanga,
umeze nk’igisizimwe co mu biyaga.
Wasimbagurika mu nzuzi,
ukavurungisha amazi yazo ibirenge vyawe,
ugatoba inzuzi.
3 Uku ni ko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze:
Ndi kumwe n’ikoraniro ry’abantu benshi,
nzogutera urusenga,
na bo bazogukwegesha urwo rusenga rwanje.
4 Nzogushiburira i musozi,
ngute mu gahinga.
Nzoreka ibisiga vyo mu kirere bikugweko,
inyamaswa zo mw’ishamba na zo zikurye zihage.
5 Nzosanzaza inyama zawe ku misozi
ibisigarira vyawe ndavyuzuze mu biyaya.
6 Amaraso yawe atemba nzoyavomeresha igihugu
gushika ku misozi,
kandi ibiyaya bizokwuzura inyama zawe.
7 Ninakuzimya, nzotwikira ijuru,
inyenyeri zaho ntizizokwaka;
izuba nzoritwikiriza igicu,
kandi ukwezi ntikuzobonesha.
8 Ibimurika vyo kw’ijuru vyose
nzobizimya hejuru yawe;
nzane umwijima hejuru y’igihugu cawe, ni ko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze.
9 Nzohagarika imitima y’abantu benshi
ninakurandurira mu mahanga,
no mu bihugu utigeze umenya.
10 Nzotuma amahanga menshi ajorerwa kubera wewe,
kandi abami bayo bazokwicwa n’ubwoba kubera wewe,
ninakubangurirako inkota imbere yabo.
Ku musi wo gutemba kwawe,
umuntu wese azohinda agashitsi
umwanya wose atinyirira ubuzima bwiwe.
11 Kuko uku ari ko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze:
Inkota y’umwami w’i Babiloni
izokuzako.
12 Nzotuma ingabo zawe amasinzi zitemba,
zimarwe n’inkota z’abagabo bakomeye,
bamwe ba ruburakigongwe kurusha abo mu mahanga yose.
Bazohindura ubusa ubwibone bwa Egiputa,
kandi amasinzi y’ingabo zaho azotikira.
13 Nzotikiza ibitungwa vyose
biri i ruhande y’amazi menshi,
nta kirenge c’umuntu canke ibinono vy’ibikoko
bizosubira gutoba ayo mazi.
14 Maze nzoheza ntume amazi ya Egiputa atekana,
inzuzi zaho zitembe nk’amavuta ya Elayo,
ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze.
15 Ninamara guhindura Egiputa agahinga,
ngakuraho ivyari muri co vyose,
ngatikiza abakibamwo bose,
ni ho bazomenya ko jewe ndi Uhoraho.
16 Iyi ni yo ntimba bazocura. Abakobwa bo mu mahanga ni yo ntimba bazocura; ni yo bazocurira Egiputa n’amasinzi y’ingabo zayo, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze.’ "
17 Mu mwaka ugira icumi na kabiri, ku musi w’icumi na gatanu w’ukwezi kw’icumi na kabiri, ijambo ry’Uhoraho ryatumwe kuri jewe riti: 18 "Mwana w’Umuntu, borogera amasinzi y’ingabo za Egiputa, n’ayandi mahanga akomeye. Kuko nzobarungika i kuzimu mw’isi y’abapfuye hamwe n’abamanuka baja muri rwa rwobo. 19 Ubabwire uti: ‘Mbega hari ico musumbije abandi? Manuka murambararane n’abatakebwe.’ 20 Abanyegiputa bazogwa hagati mu bishwe n’inkota. Inkota irasokowe, reka Abanyegiputa bakweganwe n’amasinzi y’ingabo zabo. 21 Hariya i kuzimu, iwabo w’abapfuye, abandi batware bakomeye bazovugira i kuzimu ivya Egiputa n’abifatanije na ho bavuge bati: ‘Baraje i kuzimu kurambararana n’abatakebwe, ari bo batikijwe n’inkota.’
22 Ashuri arambarayeyo ari kumwe n’ingabo ziwe zose; akikujwe n’imva z’abo yishe bose, abo yaririkishije inkota. 23 Imva zabo ziri i bwina mu rwobo, kandi ingabo ziwe zandagaye i ruhande y’imva yiwe. Abari bakwije iterabwoba kw’isi y’abazima bose, barishwe, barigitwa n’inkota.
24 Elamu ni yo ari, akikujwe n’imva z’ingabo ziwe. Bose barishwe, barigiswe n’inkota. Abari bakwije iterabwoba kw’isi y’abazima bamanutse i kuzimu badakebwe. Bajanyeyo ibimaramare vyabo bari kumwe n’abaja mu rwobo i kuzimu. 25 Yateguriwe uburiri hagati y’abandi bishwe, imva yiwe ikikujwe n’isinzi ry’ingabo ziwe. Bose ntibari barakebwe, kandi bishwe n’inkota. Kubera ko iterabwoba ryabo ryakwiye kw’isi y’abazima, bajanyeyo ibimaramare vyabo, bajana n’abaja mu rwobo i kuzimu; barambaraye hamwe n’abishwe.
26 Mesheki na Tubali ni yo bari, imva zabo zikikujwe n’amasinzi y’ingabo zabo. Bose ntibari barakebwe, kandi barigiswe n’inkota, kuko bakwije iterabwoba ryabo kw’isi yose y’abazima. 27 Ariko ntibahambanywe iteka nk’abandi bahizi ba kera bamanutse i kuzimu batwaye ibigwanisho vyabo, bagaseguzwa inkota zabo, bakagerekwako n’inkinzo zabo; naho abo bahizi na bo nyene bari barateye ubwoba isi yose y’abazima.
28 None, na wewe nyene Farawo, uzovunagurwa, urambikwe mu batakebwe, hamwe n’abarigiswe n’inkota.
29 Edomu ni yo ari, ari kumwe n’abami biwe, n’abaganwa biwe; naho bari abahambaye, barambaraye hamwe n’abishwe n’inkota. Barambararanye n’abatakebwe, abamanutse baja muri rwa rwobo i kuzimu.
30 Abaganwa bo mu buraruko hamwe n’ab’i Sidoni bose ni yo bari; bamanukanyeyo n’abishwe urw’agashinyaguro, naho inkomezi zabo zari ziteye ubwoba. Barambaraye batakebwe, bari kumwe n’abishwe n’inkota, buzuye ibimaramare hamwe n’abaja muri rwa rwobo i kuzimu.
31 Farawo, hamwe n’ingabo ziwe zose, azobabona ahumurizwe ku bw’amasinzi y’ingabo ziwe zishwe n’inkota, ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze. 32 Ariko naho natumye atera ubwoba abari mw’isi y’abazima, Farawo n’ingabo ziwe zose bazogwa hamwe n’intakebwa, hamwe n’abo barigiswe n’inkota, ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze."