1 Mwana w’umuntu, fata inkota ikarishe cane, uyikoreshe nk’urwembe, wiharangure umutwe, wimwe n’ubwanwa. Hanyuma ufate uwo mushatsi uwugaburemwo ibice bitatu hanyuma ufate umunzane upime ivyo bice bitatu bingana. 2 Maze imisi yawe yo kwugariza igisagara niyahera, uzoturirire mu gisagara igice kimwe c’umushatsi, ikindi ca gatatu ugicagaguze inkota, uzungurutse igisagara cose, ikindi na co ugishwiragize mu muyaga, kuko nzoshwiragiriza abantu banje n’inkota. 3 Ariko ufate umushatsi mukeya uwupfundike ku mutamana wawe. 4 Maze wongere ufate udushatsi dukeya kuri wo, uduterere mu muriro dushe duherengetere. Umuriro uzova muri two uzodomeka inzu ya Isirayeli yose.
5 Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: ‘Uku ni ko bizogendera Yerusalemu, igisagara nashize hagati y’amahanga, ndagikikuza amahanga menshi. 6 Ariko caragararije ivyagezwe n’amabwirizwa vyanje gusumvya ayandi mahanga yose agikikuje. Cataye ivyagezwe vyanje, canka gukurikiza amategeko yanje.’
7 Ni co gituma Uhoraho Nyeninganji avuze ati: ‘Mwangararije gusumba ayandi mahanga yose, mwanka gukurikiza amabwirizwa yanje no kugendera mu vyagezwe vyanje, mbere ntimwashoboye no gushika ku rugezo amahanga abakikuje ariko.
8 Kubera ivyo, Uhoraho Nyeninganji avuze ati: Jewe ubwanje mbaye umwansi wawe, ewe Yerusalemu, kandi nzoguhanira ku mugaragaro, amahanga arorera. 9 Kandi kubera ibigirwamana vyawe vyo kwankwa urunuka, biri muri wewe, nzoguhana uko ntigeze mpana, kandi uburyo ntazosubira guhana. 10 Ku bw’ivyo muri mwebwe abavyeyi bazorya abana babo, abana barye abavyeyi babo. Nzobahana, kandi amasigarira yo muri mwebwe nzoyasanzaza atwarwe n’umuyaga.’ 11 Ni co gituma Uhoraho Nyeninganji avuze ati: ‘Indahiro ni jewe nyene, ko mwahumanishije Ingoro yanje ibishushanyo vyanyu hamwe n’ibizira mukora, jewe ubwanje nzobakurako ubuntu bwanje, kandi nta n’umwe nzogirira imbabazi ngo ndamukingire. 12 Ica gatatu c’abantu bawe bazokwicwa n’akaranda canke bicwe n’inzara; ikindi ca gatatu kizomarwa n’inkota ivuye inyuma y’igisagara canyu, ikindi na co gishwiragizwe n’umuyaga, bakurikirwe n’inkota, ibamare.
13 Ishavu ryanje rizoheza risubire hasi, kandi uburake bwanje buturure, kuko nzoba nihoye. Ninamara kubasukako uburake bwanje, bazomenya ko jewe Uhoraho navuganye uburake.
14 Nzokugira umusaka n’akajoreza ku banyamahanga bagukikuje, no mu maso y’abahita. 15 Uzoba igitutsi n’agatwengo, akarorero kabi n’akajoreza mu mahanga agukikuje, ninagucira urubanza mu burake, nkagukankamirana umujinya mwinshi, ni jewe Uhoraho ndabivuze. 16 Ninakurasisha umwampi wanje wica ugatikiza, ari co kigoyi, nzoba ndawurashe kugira ngo ndakurandure. Nzokugwizako ikigoyi, nzibire n’ahazanana ivyokurya hose. 17 Nzokurungikira inzara n’inyamaswa zo mw’ishamba, kandi zizosiga utagira ikibondo. Ivyago n’ugusesa amaraso bizogukubura, kandi nzozana inkota kuri wewe. Ni jewe Uhoraho mbivuze.’ "