Publicidade

Ezequiel 20

Ubugarariji bwa Isirayeli buhanwa

1 Mu mwaka ugira indwi, mu kwezi kwa gatanu, ku musi w’icumi, bamwe mu batware ba Isirayeli baza gusiguza Uhoraho, bicara imbere yanje.

2 Maze Ijambo ry’Uhoraho rimbwira riti: 3 "Mwana w’umuntu, bwira abatware ba Isirayeli, uti: ‘Uhoraho Nyeninganji arabaza ati: Vy’ukuri mwaje kugira ngo munsiguze? Ni ukuri nk’ukubaho kwanje, sindabemerera ko mugira ico munsiguza, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze.’

4 Nta rubanza ubacira? Nta rubanza ubacira ga mwana w’umuntu? Bagirize na birya bizira ba sekuruza bakoze, 5 maze ubabwire uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Umusi nahitamwo Isirayeli, narahiye ab’inzu ya Yakobo manitse ukuboko, ndabihishurira bari muri Egiputa. Manitse ukuboko ndababwira nti: Ndi Uhoraho Imana yanyu. 6 Kuri uwo musi ni ho nabarahira ko nzobakura muri Egiputa, nkabajana mu gihugu nabateguriye, igihugu gitemba amata n’ubuki, igihugu gisumvya ibindi vyose kuba ciza. 7 Maze ndababwira nti: Umwe wese muri mwebwe nate kure ibishushanyo yahora ahanze amaso, kandi mureke kwihumanisha ibigirwamana vyo muri Egiputa, kuko ndi Uhoraho Imana yanyu.

8 Ariko barangararije banka kunyumvira. Ntibataye ibishushanyo bari bahanze amaso, canke ngo bahebe ibigirwamana vyo muri Egiputa. Ni ho naca mvuga ko nzobasukako uburake bwanje, nkabimarirako ishavu bakiri muri Egiputa. 9 Ariko sinabikoze, kuko nashaka gukingira izina ryanje kugira ngo ntiritukirwe mu maso y’amahanga babamwo; kuko yari yarambonye niyerekana mu gukura Abisirayeli muri Egiputa. 10 Ni ho nabakura muri Egiputa, nkabatwara mu bugaragwa. 11 Ni ho nabahereye amategeko yanje, ndabamenyesha n’ivyagezwe vyanje, ndababwira ko uwuzoyakurikiza azobaho. 12 Nongera ndabaha Isabato yanje nk’ikimenyetso hagati yanje na bo, kugira ngo bamenye ko jewe Uhoraho ari jewe ndabeza.

13 Ariko abantu ba Isirayeli barangarariza mu bugaragwa, ntibakurikiza amategeko yanje, bava mu vyagezwe vyanje, kandi uwari kubikurikiza vyari gutuma abaho, bahumanya amasabato yanje. Maze ndavuga nti nzobasukako uburake bwanje, ndabatikirize mu bugaragwa. 14 Ariko, ku bw’izina ryanje, nakoze ivyatuma ridatukirwa mu maso y’amahanga, amwe yambona nkura Abisirayeli muri Egiputa. 15 Maze nca ndongera manika ukuboko, ndabarahirira mu bugaragwa ko ntazobashikana mu gihugu c’isezerano ngo ndakibegurire, igihugu gitemba amata n’ubuki, igihugu gisumvya ibindi kuba ciza. 16 Ivyo nabibabwiye kuko bari bataye ivyagezwe, bakanka gukurikiza amabwirizwa yanje, bagahumanya n’amasabato yanje. Imitima yabo bari bayeguriye ibigirwamana vyabo. 17 Ariko ndabagirira impuhwe, sinabarandura canke ngo ndabaherengetereze mu bugaragwa. 18 Nabwiriye abana babo mu bugaragwa nti: Ntimuzokurikize amabwirizwa ya ba so, canke ngo mugendere mu vyagezwe vyabo, canke ngo mwihumanishe ibigirwamana vyabo. 19 Ndi Uhoraho Imana yanyu; nimukurikize amabwirizwa yanje, mushire imitima yanyu mu vyagezwe vyanje. 20 Mweze Isabato yanje, kuko izoba ikimenyetso hagati yanje na mwe, kibibutsa ko ndi Uhoraho Imana yanyu.

21 Ariko abo bana na bo nyene barangarariza: Banka gukurikiza amabwirizwa yanje, ntibashira imitima yabo ku mabwirizwa yanje, n’aho uwari kuyakurikiza ari yo yari gutuma abaho, bongera bahumanya Amasabato yanje. Ni ho navuga ko nzobasukako uburake bwanje, nkabimarirako ishavu mu bugaragwa. 22 Ariko narisubiyeko kubera nanka ko izina ryanje ritukwa n’amahanga yambonye ndabakura muri Egiputa. 23 Nongera manika ukuboko ndarahira ko nzobasabagiriza mu mahanga, nkabashwiragiza mu bihugu, 24 kuko batakurikije amabwirizwa yanje, bakava mu vyagezwe vyanje, bagahumanya Amasabato yanje, amaso yabo bakayahanga ibigirwamana vya ba se. 25 Nuko ndabaha amabwirizwa atari meza, n’ivyagezwe bitobabeshaho, 26 ndabareka bihumanisha ingabire nabahaye, ndabareka bashikanira imana zabo ibimazi vy’abana babo b’imfura, kugira ngo ndabateze agahinda, bamenye ko ndi Uhoraho.’

27 None rero mwana w’umuntu, bwira Abisirayeli uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Ba sogokuruza barantutse mu kunta; 28 kuko igihe nabashikana mu gihugu nari nararahiye ko nzobaha, bashikanye ibimazi, baturirira ibimota neza mu bibanza basengeramwo ibigirwamana vyo ku misozi yose miremire, no musi y’ibiti vyose bitotahaye. Ni ho batangiye ibimazi vyo gukabura ishavu ryanje. Ni ho bashikaniye amashikanwa y’ibiturirwa bikamota neza, n’ibinyobwa. 29 Maze ndababaza nti: Ivyo bibanza vyo ku misozi mwama mujamwo ni ibiki?’ " Gushika n’ubu biracitwa ibibanza vyo mu mataba y’imisozi.

Ubugarariji bwa Isirayeli buzokurwaho

30 "None rero bwira inzu ya Isirayeli, uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Muzogeza ryari kwihumanisha ibishushanyo nk’uko ba sogokuruza banyu bavyihumanishije, mugasambana n’ibizira vy’ibigirwamana vyabo? 31 Kuko iyo mubishikaniye ingabire nabahaye, mu gutanga abana banyu b’imfura ku gicaniro, muba muriko murihumanisha ibigirwamana vyanyu gushika n’ubu. None mwumva noshobora nte kubareka ngo mugire ico munsiguje, yemwe Bisirayeli? Ndabarahiye ukubaho kwanje, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze, sinzobareka ngo munsiguze ikintu na kimwe.

32 Muravuga muti: Tugomba kumera nk’ayandi mahanga n’ayandi moko yo kw’isi, asenga ibiti n’amabuye.’ Ariko ivyo mwiyumvira ntibizoshika. 33 Ndabarahiye ukubaho kwanje, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze, nzobaganzisha ukuboko kw’inkomezi, ndabaramvurireko ukuboko kwanje, ndabasukeko uburake bwanje. 34 Nzobegeranya ndabakure mu mahanga no mu bihugu nabashwiragirijemwo, ndabazanishije ukuboko gukomeye, ukuboko kuramvuye, mu gusuka uburake bwanje. 35 Nzobatwara mu bugaragwa mbakuye muri ayo mahanga, abe ari ho ndabahanira imbonankubone. 36 Nk’uko nahaniye ba sogokuruza banyu mu bugaragwa bwo mu gihugu ca Egiputa, ni ko namwe nzobahana, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze. 37 Nzobacisha musi y’inkoni yanje, maze ndabarongorere mw’isezerano ryanje. 38 Nzobakuramwo abangarariza bose bakancumurako. Naho nzobakura mu bihugu bajanywemwo nk’inyagano, ntibazokwinjira mu gihugu ca Isirayeli. Ni ho muzomenya ko ndi Uhoraho.

39 Ariko mwebwe bantu ba Isirayeli, uku ni ko jewe Uhoraho Nyeninganji ndababwiye: Umuntu wese muri mwebwe nagende akorere ikigirwamana ciwe! Ariko muzoteba munyumvirize, kandi izina ryanje ntimuzosubira kuritukishisha amashikanwa yanyu n’ibigirwamana vyanyu. 40 Kuko ku musozi wanje wera, ni wo musozi muremure wa Isirayeli, ni ko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze, muri ico gihugu, ni ho ab’inzu ya Isirayeli bose bazonsengera, kandi nanje nzobemera. Ni ho muzonshikanira amashikanwa yanyu atoranijwe, hamwe n’ibimazi vyanyu vyejejwe. 41 Nzobakira nk’ibiturirwa bikamota neza, ninabakura mu yandi mahanga, nkabegeranya muvuye mu bihugu mwasanzariyemwo, kandi nzobereka ukwera kwanje imbere y’amahanga. 42 Ni ho muzomenya ko ndi Uhoraho, ninabashikana mu gihugu ca Isirayeli, igihugu narahiye manitse ukuboko ko nzoha ba sogokuruza. 43 Ni ho muzokwibuka ingeso zanyu n’ibikorwa mwihumanishije. Muzokwizinukwa ku bw’ibibi vyose mwakoze. 44 Muzomenya ko ndi Uhoraho ninabikora uko kubera izina ryanje, ntaravye ingeso zanyu mbi n’ibikorwa vyanyu bihumanye, yemwe Bisirayeli, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze."

Ivyavugishijwe kuri Negebu

45 Ijambo ry’Uhoraho rimbwira riti: 46 "Mwana w’umuntu, raba mu bumanuko, vuga ubutumwa uburire abari mu bumanuko kandi uvugishwe uburire ikibira co mu bumanuko. 47 Ubwire ishamba ryo mu bumanuko uti: ‘Niwumve ijambo ry’Uhoraho. Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Ngiye kuguturira, kandi nzotongora ibiti vyawe vyose, ibitotahaye n’ivyumye. Imbeya zawo ntizizozima, kandi ikintu cose uhereye mu bumanuko ukageza mu buraruko kizobabuka. 48 Abantu bose bazobona ko ari jewe Uhoraho nawudometse, kuko ntuzigera uzima.’ "

49 Maze ndavuga nti: "Ewe Uhoraho Nyeninganji, erega bazovuga bati: ‘Mbega uwu avuga mu migani gusa?’ "

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-