1 Ijambo ry’Uhoraho ryongera kumbwira riti: 2 "Mwana w’umuntu, bwira abatware b’i Tiro uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze:
Mu bwibone bwo mu mutima wawe
uvuga uti: "Erega ndi imana;
nicaye ku ntebe y’imana
hagati mu biyaga."
Ariko uri umuntu nturi imana,
naho wibaza ko unganya ubwenge n’imana.
3 Mbega usumvya ubwenge Daniyeli?
Nta banga na rimwe udashobora kumenya?
4 Ubwenge bwawe n’ugutahura kwawe
vyaguhesheje ubutunzi bwinshi,
biguha ifeza n’inzahabu
biba amatungo yawe.
5 Kubera ubumenyi ufise mu rudandazwa
wagwije ubutunzi bwawe,
kandi kubera ubwo butunzi bwawe,
wagwije ubwibone mu mutima.
6 None rero uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze:
Ko wibaza ko uri umunyabwenge,
ko ufise ubwenge nk’ubw’imana,
7 nzozana abanyamahanga bagutere,
bavuye mu mahanga ateye ubwoba;
bazosokora inkota bakumare ubwiza bw’ubwenge bwawe,
ugukayangana kwawe bagusogote.
8 Bazokumanura mu cobo,
kandi uzopfa rubi,
ugwe i bwina mu kiyaga.
9 Mbega uzosubira kwirata uvuga uti: Ndi imana
uri imbere y’abakwica?
Uzoba uri umuntu buntu, ata bumana ufise
uri mu maboko y’abagusogota.
10 Uzopfa urupfu rw’abatakebwe
ugwe mu minwe y’abanyamahanga,
ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze.’ "
11 Maze Ijambo ry’Uhoraho ritumwa kuri jewe riti: 12 "Mwana w’umuntu, cura intimba, uririre umwami w’i Tiro, uvuge uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze:
Wari akaroruhore,
wuzuye ubwenge, utunganye mu bwiza.
13 Wari muri Edeni,
itongo ry’Imana;
wari usharijwe n’amabuye yose y’agaciro:
karuneliyani, krizoliti na emerodi,
topazi, onigisi na yasipi,
lapisi lazuli, turikwaze na berile.
Vyose biteguwe neza hamwe n’inzahabu nziza;
vyari vyaguteguriwe utararemwa.
14 Wari wasizwe amavuta ngo ube umukerubi murinzi,
ni co nari narakurobanuriye.
Wari ku musozi wera w’Imana
ukagendagendera ku mabuye yakaka.
15 Wari inyankamugayo mu nzira zawe zose
kuva umusi waremwa,
gushitsa aho nagusangamwo ikibi.
16 Mu rudandazwa rwawe ruhambaye
wari wuzuyemwo umuryano,
bigutera gukora ivyaha.
Ni co gituma nagutituye nkagukura ku musozi w’Imana,
nkakwomora, yewe mukerubi murinzi,
nkagukura mu mabuye yakaka.
17 Umutima wawe wawujujemwo ubwibone
kubera ubwiza bwawe,
wonona ubwenge bwawe
kubera ubwiza bwawe.
Ni co catumye ndaguta kw’isi,
ugacika akabarore imbere y’abami.
18 Ubwinshi bw’ivyaha vyawe
n’ubugunge mu rudandazwa rwawe,
vyatumye uhumanya ingoro zawe.
Ni co gituma nakuzanyeko umuriro uvuye muri wewe
uragutikiza.
Nakugize umunyota wo hasi
mu maso y’abariko bararorera bose.
19 Amahanga yose yari akuzi
arajorerwa;
ingene iherezo ryawe rihindisha agashitsi,
kandi ukaba utazosubira kubaho.’ "
20 Ijambo ry’Uhoraho ryongera kumbwira riti: 21 "Mwana w’umuntu, hindukira urabe i Sidoni, uhavugishwako, 22 uvuge uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze:
Nzokugwanya, yewe Sidoni,
kandi nzokwihesha icubahiro muri wewe.
Uzomenya ko ndi Uhoraho
ninamara kuguhana,
nkakwiyerekanirako ko ndi uwera.
23 Nzoguteza icago,
amaraso yawe azotemba mu mabarabara.
Ubwicanyi buzoza muri wewe,
inkota igutere izananye ku mpande zose.
Maze abantu bose bazomenya ko ndi Uhoraho.
24 Abisirayeli ntibazoba bagifise ababanyi b’indyarya, bababaza nk’umukere, bagahanda nk’amahwa. Ni ho bazomenya ko ndi Uhoraho Nyeninganji.
25 Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Ninamara kwegeranya ubwoko bwa Isirayeli nkabukura mu mahanga bwasanzariyemwo, nzobigaragazako nk’uwera mu maso y’amahanga. Maze bazoba mu gihugu cabo, ico nahaye umusavyi wanje Yakobo. 26 Bazoba amahoro, biyubakire amazu, batere imizabibu; bazoba mu mahoro ninahana amahanga abakikuje yabahindutse. Ni ho bazomenya ko ndi Uhoraho Imana yabo.’ "