1 Ngize gutya mbona ikimeze nk’intebe y’ubwami isa n’ibuye ry’agaciro ryitwa lapisi lazuli iri hejuru y’imitwe ya ba bakerubi. 2 Uhoraho abarira wa muntu yari yambaye impuzu zera derere ati: "Ja hagati mu mapine ari musi y’abakerubi. Wuzuze amashi yawe amakara yaka, hanyuma uyashwiragize mu gisagara." Nuko aragenda abikora ndamuraba.
3 Ico gihe ba bakerubi bari bahagaze ku ruhande rwo hepfo y’Ingoro igihe uwo mugabo yinjira muri ayo mapine, hanyuma igicu c’ubwiza bw’Uhoraho gica cuzura imbere mu Ngoro. 4 Maze bwa bwiza bw’Uhoraho buraduga buva ku bakerubi buja mu rwinjiriro rw’Ingoro. Ca gicu gica cuzura Ingoro, inyubakwa yose yuzura ugukayangana kw’ubwiza bw’Uhoraho. 5 Ugukubita kw’amababa ya ba bakerubi kwumvikana gushika kure hanze mu rugo, kumeze nk’ijwi ry’Uhoraho Imana Mushoboravyose iyo avuze.
6 Uhoraho abarira wa muntu yari yambaye impuzu zera derere ati: "Fata umuriro wo musi y’amapine no hagati y’abakerubi." Wa muntu aragenda ahagarara i ruhande ya ya mapine. 7 Maze umukerubi umwe agorora ukuboko azana amakara yaka ayakuye mu muriro wariko urakira hagati muri bo; aca ayashira mu biganza vya wa muntu yari yambaye impuzu zera, na we arayakira, arasohoka. 8 Musi y’amababa y’abakerubi hari ibimeze nk’amaboko y’umuntu.
9 Ngize gutya mbona amapine ane i ruhande y’abakerubi, rimwerimwe i ruhande y’umukerubi umwe; ayo mapine yarakayangana nk’akabuye k’igiciro kitwa topazi. 10 Kandi uyaravye, ayo mapine yose uko ari ane yarasa; rimwerimwe ryose rimeze nk’aho ryinjira mu rindi. 11 Abakerubi mu kugenda, bashobora kuja mu mpande zine zose bitewe n’aho baba baraba; ayo mapine ntiyarinda guhindukira abakerubi bariko baragenda. Bashobora kuja iyo baraba, batiriwe barahindukira. 12 Abakerubi bari buzuyeko amaso ku mubiri wose harimwo n’umugongo, amaboko n’amababa; co kimwe n’ayo mapine. 13 Ndahava numva ko ayo mapine yitwa: "Nyawizunguriza." 14 Umukerubi umwe wese yari afise mu maso amashusho ane: ishusho ya mbere yari iy’umukerubi, iya kabiri yari iy’umuntu, iya gatatu yari iy’intare, iya kane yari iy’inkona.
15 Maze ba bakerubi barahaguruka. Abo ni vyo vya binyabuzima nari nabonye ku ruzi Kebari. 16 Iyo abo bakerubi bagiye, ya mapine yajana na bo; kandi iyo bagoroye amababa ngo bave hasi, ya mapine ntiyabavako. 17 Abakerubi bahagaze, amapine na yo yarahagarara; bahagurutse agahagurukana na bo, kuko impwemu y’ivyo binyabuzima yari muri ayo mapine.
18 Maze ubwiza bw’Uhoraho buva mu rwinjiriro rw’Ingoro, buhagarara hejuru ya ba bakerubi. 19 Abo bakerubi basanza amababa mbona, barahagurutse bava hasi. Bagiye, ya mapine ajana na bo. Bahagarara mu rwinjiriro rw’Ingoro y’Uhoraho rutumbereye mu buseruko, kandi ubwiza bw’Uhoraho Imana ya Isirayeli bwari hejuru yabo.
20 Ivyo ni vyo binyabuzima nari nabonye biri musi y’Imana ya Isirayeli ndi ku ruzi Kebari, nca ndatahura ko bari abakerubi. 21 Umwe wese yari afise amababa ane, kandi musi y’amababa yabo hari ibimeze nk’amaboko y’umuntu. 22 Mu maso habo hasa n’ah’abo nari nabonye ndi ku ruzi Kebari. Umwe wese yagenda atumbereye imbere yiwe.