1 Maze numva Uhoraho ahamagara n’ijwi rirenga, avuga ati: "Nzanira hano abagabo bateguwe ngo bahane ico gisagara, bazanane n’ibigwanisho vyabo mu minwe." 2 Nuko nca mbona abagabo batandatu bazananye mw’irembo ryo haruguru rirabana no mu buraruko, umwe wese afise ikigwanisho cica mu minwe. Muri bo harimwo umugabo yari yambaye impuzu zera derere, afise mu rukenyerero ibikoresho vyo kwandika. Baraza bahagarara i ruhande ya ca gicaniro c’umwakaka.
3 Maze ubwiza bw’Uhoraho Imana ya Isirayeli buraduga buvuye ku bakerubi aho bwari buri, buja mu rwinjiriro rw’Ingoro. Uhoraho ahamagara wa mugabo yari yambaye impuzu zera derere, yari afise mu rukenyerero ibikoresho vyo kwandika, 4 amubwira ati: "Nyuragira hagati mu gisagara ca Yerusalemu, ushire ikimenyetso mu ruhanga rw’abo bose bababara, bagacura intimba kubera ibizira bikorerwa muri iki gisagara."
5 Nkiriko ndumviriza, numva abwiye abandi ati: "Nimumukurikire mu gisagara, mwice ata mbabazi n’impuhwe uwo wese musanga atariko ikimenyetso. 6 Mwice abatama, imisore, inkumi, abagore n’abana. Ariko ntimukore ku muntu n’umwe ariko ikimenyetso. Muhere mu Ngoro yanje." Nuko baca bahera ku batama bari imbere y’Ingoro.
7 Yongera ababwira ati: "Nimuhumanye Ingoro, urugo rwayo murwuzuze imivyimba. Nimugende!" Nuko barasohoka baca mu gisagara bagenda barica nk’uko bari babwiwe. 8 Bariko barica, nari nsigaye ndi jenyene, nca nikubita hasi nubamye, ndatakamba n’ijwi rirenga nti: "Ewe Uhoraho Nyeninganji, mbega ugira utikize amasigarira ya Isirayeli, mu gusuka uburake bwawe kuri Yerusalemu?"
9 Aranyishura ati: "Ivyaha vy’inzu ya Isirayeli n’ivya Yuda vyabaye umurengera; igihugu cuzuye amaraso, umugwa na wo wuzuye akarenganyo. Bibwira bati: ‘Uhoraho yarataye kino gihugu; Uhoraho ntatubona.’ 10 None rero sinzobarabisha ijisho ry’impuhwe, kandi nta n’umwe nzosigaza, ahubwo nzomanurira ku mitwe yabo ivyo bakoze vyose."
11 Maze wa muntu yari yambaye impuzu zera derere afise mu rukenyerero ibikoresho vyo kwandika agaruka kuvuga inkuru ati: "Nakoze ivyo wantumye."