Publicidade

Ezequiel 15

Yerusalemu, igiti c’umuzabibu ata co kimaze

1 Ijambo ry’Uhoraho ryongera kumbwira riti: 2 "Mwana w’umuntu, mbega ishami ry’igiti c’umuzabibu hari ico risumvya irindi shami iryo ari ryo ryose ryo mw’ishamba? 3 Mbega ico giti hari uwugikuramwo imbaho zo gukoramwo ibindi bintu, canke akakibazamwo ico kumanikako ibikoresho? 4 Mbega uko kingana iyo gicanywe, umutumba waco ugacika amakara, hari ico kiba kikimaze? 5 None ikintu ata co gishobora kumara kikiri kizima, comara iki kimaze guturirwa kigacika umunyota?

6 None rero uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Nk’uko natanze igiti c’umuzabibu ngo kibe urukwi rwo mu bindi biti vyo mw’ishamba, ni ko nzotanga ababa i Yerusalemu. 7 Nzohindukiriza inyonga zanje kubagwanya. Naho bavuye mu mucanwa, ni wo nyene uzobatongora. Kandi nzohindukirira kubagwanya, bazomenya ko ndi Uhoraho. 8 Nzosiga igihugu ari agahinga, kuko batabaye abizigirwa, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-