1 Ukuboko kw’Uhoraho kuramfata, kunsohokana hanze ndi muri Mpwemu w’Uhoraho, anshira hagati mu kiyaya cari cuzuye amagufa. 2 Antembereza muri ayo magufa, mbona ari menshi cane yandagaye muri ico kiyaya, kandi yari yumye cane. 3 Arambaza ati: "Mwana w’umuntu, mbega aya magufa yosubira akavamwo abantu bazima?" Ndamwishura nti: "Uhoraho Nyeninganji, ni wewe wenyene wobimenya."
4 Maze arambarira ati: "Vugishwa kuri ayo magufa uyabwire uti: ‘Mwa magufa yumye mwe, nimwumve ijambo ry’Uhoraho! 5 Uhoraho Nyeninganji abwiye mwebwe amagufa yumye ati: Ngiye kubahumekeramwo impwemu, maze nsubire ndabagire bazima. 6 Ngiye kubashirako imitsi n’inyama hanyuma ndabarenzeko umubiri; ndabahumekeremwo, maze namwe mube bazima. Ni ho muzomenyera ko ndi Uhoraho.’ "
7 Maze ndavugishwa nk’uko mbwiwe kubikora. Nkiriko ndavuga ayo majambo, numva urwamo, hamwe n’ijwi ry’ugusekana, ya magufa ariko aregerana, rimwerimwe ryegerana na rigenzi raryo. 8 Ngize gutya mbona imitsi n’inyama biyajeko, umubiri na wo uraza urayapfuka, ariko nta mpwemu zari bwayajemwo.
9 Maze arambwira ati: "Vugishwa, ubwire impwemu, vugishwa, mwana w’umuntu uzibwire uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Yemwe mwa mpwemu mwe, nimuze, muzanane impande zine, muhuhe muri bano bishwe kugira ngo babe bazima.’ " 10 Nuko mvugishwa nk’uko mbwiwe, impwemu zinjira muri bo; baca baba bazima, bahagarara ku maguru yabo: baba isinzi ry’ingabo.
11 Maze arambwira ati: "Mwana w’umuntu, ayo magufa yumye ni Abisirayeli bose. Bavuga bati: ‘Amagufa yacu yarumye, twarataye ivyizigiro; ihanga ryacu ryarazimanganye.’ 12 None rero babwire uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Yemwe bwoko bwanje, ngiye kwugurura imva zanyu ndabakureyo, ndabagarukane mu gihugu ca Isirayeli. 13 Maze, mwebwe abantu banje, muzomenya ko jewe ndi Uhoraho, igihe nzoba nuguruye imva zanyu nkabazura ndabakuye muri zo. 14 Nzobashiramwo Mpwemu wanje kugira ngo mubeho, nanje nzobashira mu gihugu canyu. Maze muzomenya ko ari jewe Uhoraho nabivuze, nkongera nkabishitsa, ni jewe Uhoraho ndabivuze.’ "
15 Ijambo ry’Uhoraho ryongera kumbwira riti: 16 "Mwana w’umuntu, fata inkoni uyandikeko uti: ‘Ni iya Yuda n’Abisirayeli bifatanije na we.’ Uce ufata iyindi, uyandikeko uti: ‘Ni iya Yosefu, inkoni ya Efurayimu, hamwe n’Abisirayeli bose bifatanije na we.’ 17 Hanyuma uzifatanye zibe inkoni imwe mu kiganza cawe.
18 Maze abantu bo mu bwoko bwawe nibakubwira bati: ‘Tubwire ivyo ugize ico bisigura,’ 19 uze ubabwire uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Ngiye gufata inkoni ya Yosefu iri mu kuboko kwa Efurayimu n’imiryango ya Isirayeli yifatanije na we, ndayifatanye n’inkoni ya Yuda, zihinduke imwe mu kiganza canje.’ 20 Izo nkoni wanditseko uzifatire mu biganza vyawe babona, 21 uheze uvuge uti: Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Nzokura Abisirayeli mu mahanga basabagiriyemwo. Nzobegeraniriza hamwe ndabagarukane mu gihugu cabo. 22 Nzobagira ihanga rimwe mu gihugu cabo, ku mitumba ya Isirayeli. Bazoganzwa n’umwami umwe, kandi ntibazokwongera kuba amahanga abiri, canke ngo bagaburwemwo ubwami bubiri. 23 Ntibazosubira kwihumanisha ibigirwamana n’ibishushanyo, canke ibindi vyaha vyabo, kuko nzobakiza ivyaha vyabo vyose, nongere ndabeze. Bazoba abantu banje, nanje nzoba Imana yabo.
24 Umusavyi wanje Dawidi azoba umwami wabo, kandi bazogira umwungere umwe. Bazokurikiza ivyagezwe vyanje, bagendere mu mabwirizwa yanje. 25 Bazoba mu gihugu nahaye umusavyi wanje Yakobo, igihugu ba sogokuruza babayemwo. Bo n’abuzukuruza babo bazokibamwo ibihe vyose, kandi umusavyi wanje Dawidi azoba umuganwa wabo ibihe bidashira. 26 Nzogirana na bo isezerano ry’amahoro; rizoba isezerano ry’intahava. Nzobashira mu gihugu, ndabagwize, nongere ndabubakemwo Ingoro yanje y’ibihe vyose. 27 Ingoro yanje izoba muri bo; nzoba Imana yabo, na bo bazoba abantu banje. 28 Maze ninamara kububa Ingoro yanje y’ibihe vyose hagati muri bo, amahanga azomenya ko ari jewe Uhoraho natoranije Isirayeli ngo babe abera."