Publicidade

Ezequiel 4

Ezekiyeli yerekwa ivy’igisagara ca Yerusalemu

1 Mwana w’umuntu, fata ibumba urikuremwo itafari, urishire imbere yawe, urishushanyeko igisagara ca Yerusalemu. 2 Ucerekane gikikujwe n’ingabo zigiteye, wubake ivyo kwuririrako, n’amakambi y’ingabo zigiteye, ugikikuze n’ibigwanisho. 3 Maze ufate ikarayi y’icuma uyigire nk’igihome c’icuma gihagaze hagati yawe n’igisagara, hanyuma uhindukire ugihange amaso, umere nk’uwugiteye. Ico kizobera inzu ya Isirayeli ikimenyetso c’imburi.

4 Hanyuma uryamire urubavu rw’i bubamfu, wishireko ivyaha vy’inzu ya Isirayeli. Uzokwishirako ivyaha vyabo imisi uzomara uryamiye urwo rubavu. 5 Nakugeneye imisi ingana n’imyaka bamaze mu vyaha vyabo. Nuko rero uzokwishirako ivyaha vy’inzu ya Isirayeli imisi amajana atatu na mirongo icenda.

6 Ivyo niwabiheza, uzoheze uhindukire, uryamire urubavu rw’i buryo, wikorere ivyaha vy’ab’inzu ya Yuda. Nakugereye imisi mirongo ine, umusi umwe mu gishingo c’umwaka. 7 Maze uzohindukiza amaso yawe urabe ukwugarizwa kwa Yerusalemu hanyuma ubangure ukuboko kwawe kutambaye impuzu, uce uhavugishwako ivyo kurandurwa. 8 Nzokubohesha imigozi, kugira ngo ntuzoshobore guhindukira uva ku ruhande rumwe uja ku rundi imbere y’uko uheza imisi yo kwugariza kwawe.

9 Kandi rondera ingano, sayiri, ibiharage, inkore, amasaka n’uburo, ubishire mu bushinguro, maze abe ari vyo ucumbamwo imikate yawe. Ni vyo uzorya mu misi amajana atatu na mirongo icenda uzoba uryamiye urubavu rumwe. 10 Uzoja urafata igice c’uwo mukate gipima shekeli mirongo ibiri abe ari co urya ku musi ku musi no ku gihe kanaka cashinzwe. 11 Amazi na yo nyene uzoyanywa ayapimye; uzonywa ica gatandatu c’ingero hini ku musi, kandi uyanywere ku gihe kanaka cashinzwe. 12 Uzorya umutsima w’ingano; uzowokereze mu maso y’abantu, ucanishije umwanda mukuru w’abantu wumye." 13 Uhoraho arambwira ati: "Uko ni ko Abisirayeli bazorya indya zihumanye mu mahanga nzobirukaniramwo."

14 Nanje ndavuga nti: "Ntibikabe, ewe Uhoraho Nyeninganji! Sinigeze nihumanya. Kuva nkiri muto gushika ubu, sinigenze ndya igikoko cipfiriye gutyo, canke icishwe n’inyamaswa. Nta kintu gihumanye cigeze cinjira mu kanwa kanje."

15 Uhoraho aravuga ati: "Reka nkureke utekeshe indya zawe igishwemu c’amase mu gishingo c’umwanda mukuru w’abantu."

16 Yongera kumbwira ati: "Mwana w’umuntu, ngiye gutuma i Yerusalemu hakena indya. Abantu bazorya ivyokurya bapimiwe bahagaritse umutima. Bazonywa n’amazi bagerewe bihebuye. 17 Ivyokurya n’amazi bizokena, kandi bose bazodendebukirwa, bacike intege kubera ivyaha vyabo.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-