Publicidade

Ezequiel 2

Ihamagarwa rya Ezekiyeli ngo abe uwuvugishwa

1 Arambarira ati: "Mwana w’umuntu, haguruka mvugane nawe." 2 Akivuga, Mpwemu aca anzamwo, arampagurutsa ndahagarara, maze nca ndumva uwariko aramvugisha.

3 Ambwira ati: "Mwana w’umuntu, ndagutumye ku Bisirayeli, kw’ihanga ry’abagarariji, ryangararije; bo hamwe na ba sekuruza babo bamye bangarariza gushika n’uwu musi. 4 Abo bantu ndakurungitseko ni abantu bashira isoni, kandi bakomantaye imitima. Genda ubabwire uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze.’ 5 Bemeye kukwumviriza canke banse, kuko ari abagarariji, ivyo ari vyo vyose bazomenya ko uwuvugishwa n’Imana yabagendeye. 6 Ariko wewe mwana w’umuntu, ntuzobatinye, canke ngo utinye amajambo yabo. Ntuzotinye naho uzoba uri hagati mu gisuru canke mu mahwa, ukaba muri za sikoropiyo. Ntuzotinye ivyo bavuga, canke ngo bagutere ubwoba, naho ari inzu y’abagarariji. 7 Uzobabwire ijambo ryanje, bemeye kuryumviriza canke batemeye kuryumvirize, kuko ari abagarariji. 8 Ariko wewe, mwana w’umuntu, wumvirize ivyo ndakubwiye. Ntuzogararize nka bo. Asama, urye ico ndaguhaye."

9 Ngize gutya mbona ukuboko kuramvuye kuza aho ndi. Kwari gufise igitabu, 10 kukizingururira imbere yanje. Mu mpapuro zaco hari handitsemwo amajambo yo gucura intimba, amaganya n’amarira.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-