Publicidade

Ezequiel 17

Ibigereranyo vy’inkona n’umuzabibu

1 Ijambo ry’Uhoraho ryongera kumbwira riti: 2 "Mwana w’umuntu, sokoranya, wongere ucire umugani ab’inzu ya Isirayeli. 3 Ubabwire uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Inkona niniya, y’amababa akomeye, ifise amoya maremare, ikagira n’amubi menshi y’amabara, yaje i Libani. Ihagarara ku gatwe k’igiti c’isederi, 4 ivuna agatwetwe k’ico giti igatwara mu gihugu c’abadandaji, igatera mu gisagara badandarizamwo.

5 Ifata akabuto kamwe mu mbuto zo mu gihugu, igatera mw’ivu rimera. Igatera hafi y’amazi menshi, 6 karamera, karakura, kaba umuzabibu. Amashami yawo yakura aduga yerekeza kuri ya nkona, imizi na yo igashorera mu kuzimu. Nuko kaba umuzabibu, ugira amashami, n’amababi menshi cane.

7 Ariko hariho n’iyindi nkona nini y’amababa n’amoya akomeye cane. Maze wa muzabibu werekeza imizi yawo kuri yo, uhereye aho wari utewe, uyihindukirizako n’amashami kugira ngo iwuvomere. 8 Wari watewe mw’ivu ryiza, i ruhande y’amazi menshi, kugira ngo uzogire amashami, wame ivyamwa, ube umuzabibu mwiza cane.’

9 Ubabwire uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Mbega uwo muzabibu uzobaho? Mbega ntuzorandurwa, ukamurwako ivyamwa hanyuma ukuma? Udututuje kuri wo twose tuzokwuma, kandi ntibizosaba inguvu z’abantu benshi mu kuwurandura. 10 Niwasubira kubadikwa hoho uzonaga? Ntibishoboka, uzokwuma uherengetere umuyaga wo mu buseruko niwawuhuha. Uzokwumira muri iryo vu ryiza wakuriyemwo.’ "

11 Maze Uhoraho ambwira ijambo ati: 12 "Bwira abo bantu b’abagarariji uti: ‘Ibi ntimuzi ico bisigura?’ Babwire uti: ‘Umwami w’i Babiloni yagiye i Yerusalemu, atwara umwami n’abatware baho, abajana i Babiloni. 13 Maze afata umwe wo mu nda y’ingoma agirana isezerano na we, aramurahiza. Arongera kandi atwara n’abatware bo muri Isirayeli, 14 kugira ngo ubwami bucishwe bugufi, ntibuzosubire kwivyukiranya, buze bubeshweho gusa no kuzigama iryo sezerano. 15 Ariko Umwami aramugarariza, arungika intumwa muri Egiputa, ngo amuhe amafarasi n’ingabo nyinshi. Mbega azomunesha? Mbega uwukora nk’ivyo azocika kw’icumu? Azorenga kw’isezerano hanyuma bikunde ko arokoka?

16 Ni ukuri nk’ukubaho kwanje, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze, azogwa i Babiloni, mu gihugu c’umwami yari yamushize ku ngoma, uwo yarenze ku ndahiro yari yamurahije, agahonyanga isezerano bagiraniye. 17 Farawo n’ingabo ziwe zikomeye, hamwe n’imikogote yiwe nta co azomumarira mu ntambara, igihe bazokwubaka ivyo kwuririrako bakugariza Yerusalemu kugira ngo batikize benshi. 18 Kuko yakengereye indahiro yarahiye, akarenga kw’isezerano. Kubera yuko yari yamanitse ukuboko arahira, hanyuma akaba yakoze ivyo vyose, ntazorokoka.

19 None rero uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Ni ukuri nk’ukubaho kwanje, nzomuhanira kurenga isezerano no gukengera indahiro yarahiye ku mugaragaro mw’izina ryanje. 20 Nzomutega umutego wanje ndamufate, mpeze ndamujane i Babiloni, ndamucirireyo urubanza kuko yancumuyeko. 21 Abasoda biwe bose bazohunga bamarwe n’inkota, abazocika kw’icumu na bo bazoshwiragizwa n’umuyaga. Ni ho muzomenya ko jewe Uhoraho ari jewe nabivuze.

22 Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Jewe nyene ubwanje nzofata agatwetwe k’isederi ndakabadike; mbere nzoca agatwetwe ko hejuru cane koroshe, ndagatere ku mpinga y’umusozi muremure. 23 Nzogatera ku musozi ukirurutse wo muri Isirayeli; na ko kazoshamika, kame ivyamwa, kabe igiti c’isederi giteye igomwe. Inyoni z’ubwoko bwose zizoza zicarikemwo, ziyubakire inzu mu gitutu c’amashami yaco. 24 Ibindi biti vyose vyo mw’ishamba bizomenya ko jewe Uhoraho nsubiza hasi igiti kirekire, kigufi na co nkagikuza. Ibiti biremvye ndavyumisha, ivyumye na vyo ngatuma biremba.

Ni jewe Uhoraho ndabivuze, kandi nzobikora.’ "

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-