1 Mu mwaka ugira icumi na rimwe, mu kwezi kwa gatatu, ku musi wakwo wa mbere umwami Yehoyakini ari mu kinyago, ijambo ry’Uhoraho ryatumwe kuri jewe riti: 2 "Mwana w’umuntu, barira Farawo umwami wa Egiputa n’isinzi ry’abantu biwe uti:
‘Ni nde yogereranywa nawe mu bukuru bwawe?
3 Umeze nk’uko Ashuri hahora hameze hari nk’isederi ry’i Libani,
amashami yaryo meza yapfuka ishamba,
ryagera mu kirere,
agasunwa karyo kagakora kw’ijuru.
4 Ryavomererwa amazi ava mu mariba agera i bwina,
bigatuma rikura rikaba rirerire;
inzuzi zarica hirya no hino y’imizi,
imigende yazo ikavomera ibindi biti vyo muri iryo shamba.
5 Ni co catumye uburebure bwaryo
buruta ubw’ibindi biti vyo mw’ishamba.
Amashami yaryo yabaye menshi
kandi aba maremare,
riratagarara, kubera amazi menshi.
6 Ibisiga vyo mu kirere vyose
vyaritse mu mashami yaryo,
ibikoko vyo mw’ishamba
na vyo bivyarira musi y’amashami yaryo.
Amahanga akomakomeye yose
yibera mu gitutu caryo.
7 Uko ni ko ryabaye irihambaye mu bwiza,
hamwe no mu gusagarara kw’amashami yaryo,
kuko imizi yaryo
yashoreye mu mazi menshi.
8 Amasederi yo mw’itongo ry’Imana
ntiyashobora kwigereranya na ryo,
canke ngo amapinusi
agereranye amashami yayo n’ayaryo,
canke ibiti vyo mu kiyaya ngo
bigereranye amashami yavyo n’ayaryo.
Nta giti co mw’itongo ry’Imana
canganya ubwiza na ryo.
9 Narigize ryiza cane
ndariha amashami menshi,
rikipfuzwa n’ibiti vyose vyo muri Edeni,
itongo ry’Imana.
10 None rero uku ni ko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze: Ko ryaduze hejuru cane, rigashitsa agasunwa hejuru y’ibicu, rikishimira uburebure bwaryo, 11 narirekuriye mu maboko y’uwuganza amahanga ngo aryishure ibihwanye n’ivyaha vyaryo. Jewe ubwanje nararyirukanye. 12 Ingabo ziteye ubwoba z’abanyamahanga ziraryiciye, zisiga riryamye hasi. Amashami yaryo agwa ku misozi no mu biyaya, ayandi avunagurikira ku migende y’amazi yose yo mu gihugu. Amahanga yose yari mu gitutu caryo avayo aragenda. 13 Ibisiga vyo mu kirere biraza biba ku mutumba waryo uryamye hasi, n’inyamaswa zo mw’ishamba ziraza zibera mu mashami yaco. 14 Ni co gituma ata giti co hafi y’amazi kizokwirata uburebure bwaco, canke ngo kiduze agasunwa kaco gushika hejuru y’ibicu. Nta n’ibikomeye vyo muri vyo bivomerewe neza bizoshikira ubwo burebure, kuko vyose bigenewe gupfa bikaja i kuzimu, co kimwe n’abamanuka baja mu rwobo.
15 Uku ni ko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze: Ku musi Ashuri yamanuwe ajanwa mu mva, iwabo w’abapfuye, amariba nayapfukishije ukumugandarira; nahagaritse imigende yaho, n’amazi menshi ndayagomera. Kubera we, nambitse Libani umwijima, n’ibiti vyo mw’ishamba vyose birakabirana. 16 Natumye amahanga ahinda agashitsi yumvise ukugwa kwiwe, igihe namumanura mu mva, iwabo w’abapfuye ngo aje kubana n’abamanutse bakaja mu rwobo. Maze ibiti vyose vyo muri Edeni, ivyiza kurusha ibindi vyose vyo muri Libani, ibiti imizi yavyo ishorera mu mazi, vyarahumurijwe no kumusanga i bwina mu kuzimu. 17 Na vyo nyene, co kimwe n’amasederi, vyaragiye iwabo w’abapfuye, aho abishwe n’inkota bari, aho bari kumwe n’abagabo bari bafise ibigwanisho, bakibera mu gitutu ciwe mu mahanga.
18 Mu biti vyo muri Edeni ni ikihe munganya ubwiza no gukomera? Ariko na wewe uzocishwa bugufi co kimwe n’ibiti vyo muri Edeni, mujanwe i kuzimu. Uzorambarara hagati y’abatakebwe, hamwe n’abicishijwe inkota.
Abo ni Farawo hamwe n’amasinzi y’ingabo ziwe, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze.’ "