1 Mu mwaka ugira icenda, mu kwezi kw’icumi, ku musi w’icumi, ijambo ry’Uhoraho ryatumwe kuri jewe riti: 2 "Mwana w’umuntu, wandike iyi tariki ahantu, kuko umwami wa Babiloni ateye Yerusalemu uwu musi nyene. 3 Cira umugani ab’iyi nzu y’abagarariji, uti: Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze:
Shira inkono ku ziko,
uyishiremwo n’amazi.
4 Shiramwo imisoso y’inyama,
ushiremwo nzizanziza; ukuguru n’ukuboko.
Uheze uyuzuze n’amagufa mezameza,
5 ufate intama ya mbere nziza;
maze wegenyeze inkwi nyinshi musi y’iyo nkono,
kugira ngo ibire cane
amagufa ariyo ashane n’inyama.
6 Kuko uku ari ko Uhoraho Nyeninganji avuze:
‘Uzobona ibara, yewe wa gisagara gisesa amaraso,
umeze nk’inkono itigera yozwa,
yuzuye umwanda utavako.
Bayikuramwo inyama imwimwe,
uko zivayo kwose kuko nta yiruta iyindi.
7 Kuko amaraso casheshe akiboneka hagati muri co.
Cayasheshe ku rutare;
nticayasheshe hasi
ngo umukungugu uyapfuke.
8 Mu kugwiza uburake no kwihora,
nanje nasutse amaraso yiwe ku rutare,
kugira ngo ntaze yigere azimangana.
9 Kandi kubera ivyo, uku ni ko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze:
Uzobona ibara wa gisagara gisesa amaraso!
Nanje nzokwegenyezamwo inkwi nyinshi.
10 Komanya inkwi nyinshi,
ucane umuriro.
Canira neza inyama,
uzongeremwo ibirungo,
gushika n’amagufa ashe neza.
11 Maze utereke inkono igaragara ku makara,
kugira ngo ivyo ikozwemwo bishuhe cane,
mbere n’umwanda wose uri muri yo ushonge,
n’ibibi vyose biri muri yo bishe bihere.
12 Ariko ico umuntu yokora cose ni impfagusa;
imyanda iyuzuyemwo ntizoyivamwo,
naho hokoreshwa umuriro mwinshi.
13 Ariko imyanda yawe yabaye akaburarugero. Ko nagerageje kukwoza imyanda yawe ukanka, ntuzohumanuka, kiretse ndaguherejeko uburake bwanje.
14 Ni jewe Uhoraho ndabivuze! Igihe canje co gukora kirashitse. Sinzokwisubirako, kandi sinzogira imbabazi, kandi sinzonavyicuza. Nzogusubiriza mu nkoko ibikwiranye n’ivyo wakoze, ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze.’ "
15 Ijambo ry’Uhoraho rimbwira riti: 16 "Mwana w’umuntu, ehe ngiye kugutwara icahora ari igihimbaro c’amaso yawe, kandi ntiwidoge canke ngo ukorore n’iryosozi. 17 Uzonihe unumye, kandi ntuzogandarire uwupfuye. Uzobohere igitambara cawe ku mutwe, wambare n’ibirato vyawe; ntuzokwipfuke ku munwa, kandi ntuzorye indya z’abagandaye."
18 Nuko bukeye ndabibwira abantu, hanyuma ku mugoroba umugore wanje arapfa. Bukeye bwaho ndabigenza uko Uhoraho yabintegetse.
19 Maze abantu barambaza bati: "Tubwire ico ivyo uriko uragira bisigura kuri twebwe."
20 Maze ndababwira nti: "Ijambo ry’Uhoraho rinzako riti: 21 ‘Bwira ab’inzu ya Isirayeli uti: Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Ngiye guhumanya Ingoro yanje, iyo mwahora mwibaza ko ari yo nkomezi zanyu, umunezero w’amaso yanyu, ivyizigiro vy’ubuzima bwanyu. Abahungu n’abakobwa banyu mwasize inyuma i Yerusalemu bazomarwa n’inkota. 22 Namwe muzobigenze nk’uko nabigenjeje. Ntimuzokwipfuke ku munwa, canke ngo murye ivyokurya vy’abagandaye. 23 Muzogumize ibitambara vyanyu ku mitwe, kandi muzogume mwambaye ibirato vyanyu. Ntimuzogandare canke ngo murire; ariko muzokwicwe n’akabonge k’ivyaha mwakoze, maze umwe wese aborogane na mugenziwe. 24 Ezekiyeli azobabere akarorero. Muzobigenze nk’uko yabigenjenje. Ivyo nivyashika, muzomenya ko jewe ndi Uhoraho Nyeninganji.’ "
25 Maze Uhoraho arambwira ati: "Nawe ga mwana w’umuntu, uwo musi nzokuraho inkomezi zabo, umunezero n’ubwiza bwabo, ibihimbaro vy’amaso yabo n’ivyipfuzo vy’imitima yabo, ntware abahungu n’abakobwa babo. 26 Kuri uwo musi nyene uwuhunze azoza aho uri aje kukubwira ivyabaye. 27 Uwo musi akanwa kawe kazokwuguruka, uganire na we, kandi ntuzosubira kunuma. Uzobabera ikimenyetso, na bo bazomenya ko ndi Uhoraho."