1 Ijambo ry’Uhoraho ryongera kumbwira riti: 2 "Mwana w’umuntu, burira abungere ba Isirayeli, ubabwire uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Muragowe mwa bungere ba Isirayeli, mwebwe mwitaho ubuzima bwanyu gusa! Mbega umwungere ntiyari akwiye kwitwararika ibitungwa vyiwe? 3 Murya ibinure vyavyo, mukambara ubwoya bwavyo, mukabaga vyizavyiza gusumba ibindi, ariko mutavyitaho. 4 Ntimwafashije izifise intege nke gukomera, ngo muvure izigwaye canke ngo mwunge izavunitse. Ntimwagaruye izashwiragiye, canke ngo murondere izazimiye. 5 Zarashwiragiye kuko zabuze umwungere, hanyuma zicika ivyokurya vy’ibikoko. 6 Intama zanje zayerereye ku misozi no ku mitumba miremire. Zashwiragiriye kw’isi hose, kandi nta wagiye kuzirondera.
7 None rero, yemwe bungere, nimwumve ijambo ry’Uhoraho: 8 Ni ukuri nk’ukubaho kwanje, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze, ko intama zanje zabuze umwungere, zikaba iminyago n’ivyokurya vy’ibikoko, kandi ko abungere batazirondeye ariko bakitaho ubuzima bwabo aho kwitwararika intama zanje, 9 nimwumve yemwe bungere ijambo ryanje jewe Uhoraho: 10 Uku ni ko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze: Nzogwanya abo bungere kandi nzobaharurako intama zanje. Nzobakura mw’ibango ryo kuragira intama zanje babure ico barya. Nzokiza intama zanje akanwa kabo, ntizizoba zikiba ivyokurya vyabo.
11 Kuko uku ari ko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze: Nzokwironderera intama zanje ndaziragirire. 12 Nzozirondera nk’uko umwungere arondera intama zamuzimiranye. Nzozikiza ndazikuye ahantu hose zashwiragiriye ku musi w’ibipfungu n’umwijima. 13 Nzozizana ndazikuye mu mahanga, ndazegeranye ndazikuye mu bindi bihugu, ndazizane mu gihugu cazo. Nzoziragira ku misozi ya Isirayeli, ku nzuzi no mu mihana yose yo mu gihugu. 14 Nzoziragira mu bwatsi bwiza, n’imitumba miremire ya Isirayeli izoba uburagiro bwazo. Zizovyagira mu gihugu gitotahaye, zirishe ubwatsi bwiza bwo mu mitumba ya Isirayeli. 15 Jewe ubwanje ni jewe nzokwiragirira intama zanje, nongere ndazivyagize, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze. 16 Nzorondera izatakaye, ngarure izazimiye.
17 Namwe busho bwanje, Uku ni ko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze: nzoca urubanza hagati y’igitungwa n’ikindi, hagati y’impfizi y’intama n’impfizi y’impene. 18 Mbega ntimuhagijwe no kurisha mu buragiro bwiza? None muca muhonyanga n’ubwatsi busigaye? Mbega kunywa amazi meza ntibihagije? None ni ngombwa ngo mutobe ayasigaye? 19 None ubusho bwanje buzorya ubwatsi mwahonyanze, bunywe amazi mwatovye n’ibirenge vyanyu?’ "
20 None rero uku ni ko Uhoraho Nyeninganji azibwiye: "Nzoca urubanza hagati y’izinamvye n’izivyibushe. 21 Kuko izivyubushe zasunuje ibitugu izinamvye, zikazisekesha amahembe yazo gushika zizisohoye hanze. 22 Nzorokora intama zanje, kandi ntizizosubira kunyagwa. Kandi nzocira urubanza intama n’iyindi. 23 Nzoziha umumwungere umwe, umusavyi wanje Dawidi, na we azoziragira; azoziragira abe umwungere wazo. 24 Jewe Uhoraho nzoba Imana yazo, umusavyi wanje Dawidi na we azoba umuganwa muri zo. Ni jewe ndabivuze.
25 Nzogirana isezerano ry’amahoro na zo, nirukane ibikoko mu gihugu, kugira ngo zishobore kuba mu bugaragwa kandi ziryame mu mashamba zitekanye. 26 Nzozihezagira, mpezagire n’imitumba izikikuje. Nzozirungikira imvura mu gihe kibereye, imvura y’umugisha. 27 Ibiti vyo mu mirima bizokwama ivyamwa, isi na yo yeze ibiterwa; abantu bazoba amahoro mu gihugu cabo. Kandi bazomenya ko ndi Uhoraho, ninamara kuvunagura ivyuma vy’ingogo zabo, nkabakiza mu maboko y’ababagize abagurano. 28 Ntibazosubira kunyagwa n’amahanga, kandi n’ibikoko ntibizosubira kubarya. Bazoba amahoro, kandi nta n’umwe azosubira kubatera ubwoba. 29 Nzobaha igihugu kizwi ko cimbuka cane, ntibazosubira kwicwa n’ikigoyi muri ico gihugu kandi nta gitutsi c’ayandi mahanga kizongera kubabako. 30 Ni ho bazomenyera ko jewe ndi Uhoraho Imana yabo, ko ndi kumwe na bo, kandi ko Abisirayeli ari abantu banje, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze. 31 Yemwe busho bwanje, ntama zo mu buragiro bwanje, muri abantu banje, nanje ndi Imana yanyu, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze."