1 Maze arambwira ati: "Mwana w’umuntu, rya ibiri imbere yawe, rya uyu muzingo w’igitabu; hanyuma ugende uvugane n’Abisirayeli." 2 Maze ndasama, na we ampereza uwo muzingo w’igitabu ngo ndakirye.
3 Arambwira ati: "Mwana w’umuntu, rya iki gitabu ndaguhaye, ucuzuze inda yawe." Nuko ndakirya, kandi casosa nk’ubuki mu kanwa kanje.
4 Hanyuma aca ambwira ati: "Mwana w’umuntu, genda rero ku nzu ya Isirayeli ubabwire amajambo yanje. 5 Sinkurungitse ku bantu b’ururimi utazi canke rugoye, ariko nkurungitse ku nzu ya Isirayeli. 6 Sinkurungitse ku bantu b’ururimi utazi canke rudatahuritse, bavuga amajambo udatahura. Kuko ndazi iyo mba ari bo nkurungitseko bokwumvirije. 7 Ariko Abisirayeli ntibazokwumviriza, kuko badashaka kunyumviriza. Bose bakomantaje umutima kandi ni intagondwa. 8 Ariko na wewe, nzoguha kugira uruhanga rukomantaye nk’urwabo, nkugire uwutagonda izosi nka bo. 9 Uruhanga rwawe nzorukomeza nk’ibuye, rukomere nk’umunana. Ntuze ubatinye canke ngo bagutere ubwoba, naho ari abagarariji."
10 Yongera arambwira ati: "Mwana w’umuntu, ntega ugutwi, ushire ku mutima amajambo nkubwira. 11 Genda kuri benewanyu bari mu kinyago, uvugane na bo. Ubabwire uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze,’ bavyumviriza canke batavyumviriza, upfe kubabwira."
12 Maze Mpwemu arampagurutsa, nca numva ijwi risamirana cane inyuma yanje, rivuga riti: "Ubwiza bw’Uhoraho bushimagizwe muri kino kibanza." 13 Rwari urwamo rw’amababa ya vya binyabuzima akoranyeko, n’irya ya mapine, hamwe na rya jwi risamirana cane. 14 Mpwemu aca aranterura ankura ngaho, ngenda nuzuye umururazi n’umubabaro mu mutima, ariko ukuboko kw’Uhoraho kwari kuri jewe n’inkomezi nyishi. 15 Nca nja ku bari mu kinyago i Telavivu, hafi y’uruzi Kebari. Hanyuma aho nyene baba, nicara hagati yabo imisi indwi, nuzuye agahinda mu mutima.
16 Inyuma y’imisi indwi, Ijambo ry’Uhoraho rinzako, 17 riti: "Mwana w’umuntu, nakugize umuteramyi w’inzu ya Isirayeli; none rero niwumve amajambo nkubwira, uheze ubaburire. 18 Ninabwira umunyakibi nti: ‘Nta kabuza uzopfa,’ hanyuma nawe ntumuburire canke ngo umuhanure, umwinginge ave mu nzira ziwe mbi, kugira ngo ukize ubuzima bwiwe, uwo munyakibi azopfa azize ivyaha vyiwe, ariko amaraso yiwe nzoyaguharurako. 19 Ariko niwaburira umunyakibi hanyuma ntave mu bibi vyiwe no mu ngeso ziwe mbi, azopfa azize ivyaha vyiwe, ariko weho uzoba ukijije ubugingo bwawe.
20 Kandi abagororotsi nibava mu bugororotsi bwabo, bagakora ibibi, hanyuma ngashira igitsitaza imbere yabo, bazopfa. Bitumwe n’uko utababuriye, bazokwicwa n’ivyaha vyabo. Ibikorwa vyiza vyose bakoze ntibizokwibukwa, kandi amaraso yabo nzoyaguharurako. 21 Ariko niwaburira abagororotsi ntibakore ivyaha, nta kabuza bazobaho, kuko bazoba bakwumviye, kandi nawe ubwawe uzoba wikijije."
22 Maze ukuboko kw’Uhoraho kunkorako aho nyene, ambwira ati: "Haguruka usohoke uje mu kiyaya, ico ndahakubwirira." 23 Nuko ndahaguruka nja mu kiyaya. Ubwiza bw’Uhoraho bwari ngaho, bumeze nk’ubwo naboneye i ruhande y’uruzi Kebari, ndaheza nubama hasi.
24 Maze Mpwemu anzamwo, arampagurutsa. Aramvugisha ambwira ati: "Genda wiyugaranire mu nzu yawe. 25 Kandi wewe, mwana w’umuntu, bazokubohesha imigozi, ntuzoshobora no gusohoka ngo uje mu bantu. 26 Ururimi rwawe nzorubohera mu kanwa kawe, kugira ngo uzokwame unumye, ntushobore kubakankamira kuko ari inzu y’abagarariji. 27 Ariko ninagutuma, nzokwugurura akanwa kawe, ushobore kubabwira uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze.’ Abazoshaka kukwumviriza uzobareke bakwumviririze, abazokwanka uzobareke, kuko ari abagarariji.