Publicidade

Ezequiel 36

Ivyizigiro vy’imisozi ya Isirayeli

1 Mwana w’umuntu, vugishwa, ubwire imisozi ya Isirayeli uti: ‘Yemwe mwa misozi ya Isirayeli, nimwumve ijambo ry’Uhoraho. 2 Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Abansi banyu bavuze bati: Awa! Imitumba miremire yanyu ya kera yahindutse iyacu. 3 None rero vugishwa, ubabwire uti: Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Kubera yuko babasanganguye bakabasya, bavuye impande zose, kugira ngo mube inyegu z’ayandi mahanga, kandi mube akabarore, muvugwe nabi, 4 nimwumve ijambo ry’Uhoraho Nyeninganji, yemwe misozi ya Isirayeli: Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji abariye imisozi n’udutumba, inzuzi n’ibiyaya, ahabaye imisaka n’ibisagara bitakibamwo abantu vyanyazwe bikicwa n’isoni kandi bigateterezwa n’ayandi mahanga abikikuje; 5 uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Mu burake bwanje bururumba nk’umuriro naravuze ngwanya ayandi mahanga, hamwe na Edomu, kubera mu gakengerwe kenshi karimwo umunezero w’intsinzi, bigaruriye igihugu canje bongera baragisahura ahari uburagiro hose. 6 None rero nuvugishwe ku gihugu ca Isirayeli, ubarire imisozi n’udutumba, inzuzi n’ibiyaya, uti: Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Mvuganye uburake kuko mwateterejwe bikwiye imbere y’amahanga abakikuje. 7 Ni co gituma jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze nti: Ndahiye manitse ukuboko, ko ayo mahanga na yo azoremerwa n’ibiteterwe.

8 Ariko mwebwe, misozi ya Isirayeli, muzogira amashami, mwamire ivyamwa ubwoko bwa Isirayeli, kuko mu gihe gito bazotahuka i muhira. 9 Ehe ndabitwararitse kandi nzokwama ndabafasha. Muzorimwa mwongere mubibweko. 10 Nzogwiza abazobabako, ari bo Bisirayeli. Ibisagara bizosubira kugira ababibamwo, kandi amazu yasenyutse azosubira yubakwe. 11 Nzogwiza igitigiri c’abantu bazokubako n’ibitungwa bizokubako, bigwire bibe vyinshi cane. Nzozana abantu bababeko nka mbere. Ni ho muzomenyera ko ndi Uhoraho. 12 Nzotuma abantu banje, abantu banje b’Abisirayeli bababako. Muzobegukira, mube iragi ryabo; ntimuzosubira kumiragura abana babo.

13 Uku ni ko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze: Ko ayandi mahanga yagutwenze avuga ati: "Wamiraguye abantu bawe, igihugu cawe ukimarirako abana baco," 14 ntuzosubira kumiragura abantu b’igihugu cawe canke ngo ukimarireko abana baco, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze. 15 Sinzosubira kwemera ko ayandi mahanga agucokora, kandi nta mahanga azosubira kugutuka, kandi ihanga ryawe sinzosubira kurigwisha, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze.’ "

Imana isezerana kuzonagura Isirayeli

16 Ijambo ry’Uhoraho ryongera kumbwira riti: 17 "Mwana w’umuntu, igihe Abisirayeli bari bakiba mu gihugu cabo, bihumanishije ibikorwa vyabo bibi. Ingeso zabo zari zimereye nk’uguhumana kw’umugore ari mu mihango. 18 Vyatumye ndabasukako uburake bwanje kuko bari basheshe amaraso mu gihugu, bongera bagihumanisha ibigirwamana vyabo. 19 Nabashwiragirije mu mahanga, basabagirira mu bihugu vyose; nabahanye ibihwanye n’ingeso zabo n’ibikorwa vyabo. 20 Kandi mu bihugu vyose bagiyemwo, batukishije izina ryanje, kuko abababona bavuga bati: ‘Aba bantu bitirirwa Uhoraho, ariko bataye igihugu ciwe.’ 21 Ariko nitwararitse izina ryanje ryera, iryo Abisirayeli bononye mu mahanga bagiyemwo.

22 None rero bwira Abisirayeli uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Si ku bwanyu ngiye gukora ivyo, yemwe Bisirayeli, ahubwo ni ku bw’izina ryanje ryera, iryo mwahumanirije mu mahanga mwashwiragiriyemwo. 23 Nzokwerekana ukwera kw’izina ryanje rihambaye, iryo mwahumanirije mu yandi mahanga. Kandi ninagaragaza ukwera kwanje imbere yabo ndabicishije kuri mwebwe, bazomenya ko ndi Uhoraho, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze.

24 Kuko nzobakura muri ayo mahanga, ndabegeranye ndabakuye mu bihugu vyose, ndabagarukane mu gihugu canyu. 25 Nzobamijako amazi meza, namwe muzokwezwa; nzobakurako imyanda yose, ndabakuremwo n’ibigirwamana vyanyu vyose. 26 Nzobaha umutima mushasha, ndabashiremwo n’impwemu nshasha; nzobakuramwo umutima w’ibuye, ndabahe umutima w’inyama. 27 Nzobashiramwo impwemu nshasha, ntume mukurikiza ivyo nashinze, mwitondere n’ivyagezwe vyanje. 28 Muzoba mu gihugu nahaye ba sogokuruza banyu; muzoba abantu banje, nanje nzoba Imana yanyu. 29 Nzobakiza uguhumana kwose. Nzobaha umwimbu mwinshi, nzobarinda inzara mu gihugu. 30 Nzogwiza ivyamwa ku biti, n’ivyimburwa mu matongo, kugira ngo ntimuzosubire kumaramara mu yandi mahanga kubera inzara. 31 Maze muzokwibuka ingeso zanyu mbi n’ivyaha mwakoze, mumaramazwe n’ibizira mwakoze. 32 Ariko mumenye neza ko ntagiye gukora ivyo ku bwanyu, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze. Nimumaramazwe n’ingeso zanyu, yemwe Bisirayeli!

33 Uku ni ko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze: Ku musi nzoberezako ivyaha vyanyu vyose, nzobasubiza mu bisagara vyanyu, n’amazu yasenyutse azosubira yubakwe. 34 Ahari harabaye agahinga hazorimwa kugira ngo hoye kuguma gutyo mu maso y’abahita. 35 Bazovuga bati: "Iki gihugu cahora ari agahinga none cahindutse itongo rya Edeni; ibisagara vyahora ari imisaka, ata wubibamwo, vyarasambutse, ubu vyarubakiwe inzitiro zikomeye, kandi abantu barabibamwo." 36 Maze amahanga azoba asigaye abakikuje azomenya ko Uhoraho yubatse ivyari vyarasambuwe, agasibura ahari harasivye. Ni jewe Uhoraho ndabivuze, kandi nzobikora.’

37 Uku ni ko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze: Nzosubira nemerere Abisirayeli bansabe, nanje nzobakorera ivyo bazonsaba. Nzobagwiza bangane n’ubusho bw’intama, 38 bangane n’imikuku yashikanwa i Yerusalemu mu gihe c’imisi mikuru. Ibisagara vyabaye imisaka bizosubira vyuzuremwo ubusho bw’abantu. Ni ho bazomenyera ko ndi Uhoraho."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-