Publicidade

Ezequiel 40

Ikibanza c’Ingoro kizosubira gutunganywa

1 Mu mwaka ugira mirongo ibiri na gatanu turi mu kinyago, mu ntango z’umwaka, ku musi w’icumi w’ukwezi, hari mu mwaka ugira icumi na kane igisagara ca Yerusalemu gisenyutse, uwo musi ukuboko kw’Uhoraho kuza kuri jewe, anjana muri ico gisagara. 2 Ndiko nderekwa, Imana injana mu gihugu ca Isirayeli, impagarika ku musozi muremure, ku ruhande rwo hepfo yawo hari amazu yubatse nk’igisagara. 3 Anjanayo, maze mbona umuntu yari afise ishusho ikayangana imeze nk’umwakaka; yari ahagaze mw’irembo ry’igisagara, afise umukanda wera, afise n’inkoni yo gupima mu kuboko kwiwe. 4 Wa muntu arambwira ati: "Mwana w’umuntu, raba neza, wongere utege amatwi cane, ushire umutima ku vyo ngira nkwereke, kuko ni co catumye uzanwa hano. Maze uzobwire Abisirayeli ivyo uja kubona vyose."

Irembo ryo mu Buseruko amaja mu rugo

5 Ngize gutya mbona uruhome rukikuje ahari Ingoro hose. Wa muntu afata ya nkoni yiwe yo gupima, yari ifise uburebure bw’ingero z’igice c’ukuboko zitandatu, apima rwa ruhome, rwari rufise ingero y’igice c’ukuboko imwe y’uburebure bw’igihagararo n’imetero zitatu z’ubwaguke.

6 Hanyuma aja kw’irembo riraba mu buseruko. Yurira ku ngazi apima igishimaryango caco, 7 icumba c’abateramyi bo kuri iryo rembo cari gifise ingero z’igice c’ukuboko zitanu z’uburebure bw’amakika, imetero zitatu z’uburebure bw’igihagararo, n’imetero zitatu z’ubwaguke.

8 Yongera apima icumba co kw’irembo. 9 Cari gifise ingero z’igice c’ukuboko umunani z’uburebure uhereye ku rwinjiriro, kandi kuva ku rwinjiriro gushika ku ruhome cari gifise ingero z’igice c’ukuboko zibiri. Icumba cari cegeranye n’irembo carabana n’Ingoro.

10 Imbere winjiye mw’irembo ryo mu buseruko, hari utwumba dutatudutatu ku mpande zose. Twose twarangana, kandi inkingi zatwo zose zarangana. 11 Agera ubwaguke bw’urwinjiriro, zari ingero z’igice c’ukuboko cumi, ariko imiryango y’urwinjiriro yari ifise ingero z’igice c’ukuboko cumi na zitatu z’ubwaguke. 12 Imbere y’akumba kamwekamwe kose hari uruhome rufise ingero y’igice c’ukuboko imwe y’uburebure, kandi icumba cose cagira ingero z’igice c’ukuboko zitandatu ku ruhande rwose, impande zarangana. 13 Maze apima irembo ahereye ku gisenge c’akumba kamwe, ahereza ku gisenge c’akandi, uburebure bwaho bwari ingero z’igice c’ukuboko mirongo ibiri na zitanu hagati y’amarembo arabana. 14 Apima n’icumba kiri ahakikujwe n’impome z’urugo rwo hanze y’Ingoro. Cari gifise ingero z’igice c’ukuboko mirongo itanu. 15 Kuva ku rwinjiriro rwo kw’irembo gushika ku rwinjiriro rw’inzu hari ingero z’igice c’ukuboko mirongo itanu. 16 Hari amadirisha ariko ivyuma yari ku mpande zo ku nyubakwa zose, no kuri twa twumba two ku rwinjiriro, no ku mpome zidutandukanya. Ayo madirisha yari no ku mpome z’ivyumba vyo mu nzu. Izo mpome zari zisharijwe n’amashami y’ibigazi akorogoshowe ku nkingi yose.

Mu kigo

17 Wa muntu anjana mu rugo rw’inyuma y’Ingoro, ndahasanga utwumba n’imbuga ishashemwo amabuye, utwo twumba twari mirongo itatu, twubakiye ku ruhome rw’inyuma, dukikuje ku rugo impande zose. 18 Ku mpande z’amarembo ni ho iyo mbuga ishashemwo amabuye yari iri, ihuye n’uburebure bw’amarembo. Iyo ni imbuga yo hepfo. 19 Maze apima ubwaguke kuva imbere y’irembo rija hanze n’iry’imbere, hari ingero z’igice c’ukuboko ijana, uko ari habiri, ku ruhande rwo mu buseruko no ku rwo mu buraruko.

Irembo ryo mu Buraruko

20 Apima n’uburebure bw’irembo riraba mu buraruko, rija ku mbuga yo hanze, apima n’ubwaguke bwaryo. 21 Utwumba two kuri ryo twari dutatudutatu ku ruhande rumwerumwe. Ibikingi vyaryo n’amabaraza yaryo vyarareha n’ivya rya rembo rya mbere. Irembo ryo mu buraruko ryari rifise ingero z’igice c’ukuboko mirongo itanu z’uburebure n’ingero z’igice c’ukuboko mirongo ibiri na zitanu z’ubwaguke. 22 Amadirisha yo kuri ryo, n’amabaraza hamwe n’ibigazi vyari bihasharije vyanganya uburebure n’ivyo kuri rya rembo ry’aharabana no mu buseruko. Bajayo baciye aho buririra hari hafise amatambwe indwi, baja no ku mabaraza arabana na ryo. 23 Irembo ry’aharabana no mu buraruko n’iry’aharabana no mu buseruko yarabana n’amarembo y’urugo rw’imbere. Apima ahaherereye kw’irembo rimwe gushika ku rindi, hari ingero z’igice c’ukuboko ijana.

Irembo ryo mu Bumanuko

24 Maze anjana ahaherereye mu bumanuko, mbona irembo rija mu bumanuko. Apima ibikingi vyaryo n’amabaraza yaryo. Vyari bifise uburinganire nk’ivya mbere. 25 Ryari rifise amadirisha co kimwe n’amabaraza yo kuri ryo, ahakikije ameze nk’amwe ya mbere. Uburebure bwaryo bwari ingero z’igice c’ukuboko mirongo itanu, n’ingero z’igice c’ukuboko mirongo ibiri na zitanu z’ubwaguke. 26 Mu kuhashika umuntu yaca ku ngazi y’amatambwe indwi, kandi amabaraza yo kuri ryo, yararabana na ryo; ryari risharijwe n’ibigazi ku mpome zo ku mpande zose. 27 Urugo rw’imbere na rwo nyene rwari rufise irembo riraba mu bumanuko, apima kuva kuri iryo rembo gushika ku rindi ry’urugo rw’inyuma, hari ingero z’igice c’ukuboko ijana.

Amarembo yo mu kigo c’imbere

28 Hanyuma anjana mu rugo rw’imbere, ancishije mw’irembo riraba mu bumanuko, apima iryo rembo; ryangana n’ayandi marembo. 29 Utwumba, impome hamwe n’ibaraza vyaryo vyari bifise uburinganire bungana n’ubw’ivya mbere. Irembo hamwe n’ibaraza vyaho vyari bifise amadirisha impande zose. Irembo ryari rifise ingero z’igice c’ukuboko mirongo itanu z’uburebure na mirongo ibiri na zitanu z’ubwaguke. 30 Amabaraza yari ahakikuje yari afise uburebure bw’ingero z’igice c’ukuboko mirongo ibiri na zitanu z’uburebure bw’amakika na zitanu z’ubwaguke. 31 Ayo mabaraza yaraba ku rugo rw’inyuma; impome zayo zari zisharijwe n’ibigazi, mu kuhashika umuntu yaca ku ngazi y’amatambwe indwi.

32 Maze antwara mu rugo rw’imbere ahaherereye mu buseruko, apima irembo ryaho. Ryari rifise uburinganire nk’ayandi marembo. 33 Utwumba, impome hamwe n’ibaraza vyaryo vyari bifise uburinganire bungana n’ubw’ivya mbere. Irembo hamwe n’ibaraza vyaho vyari bifise amadirisha impande zose. Irembo ryari rifise ingero z’igice c’ukuboko mirongo itanu z’uburebure na mirongo ibiri na zitanu z’ubwaguke. 34 Amabaraza yaryo yarabana n’ikigo c’inyuma; impome zose zari zisharijwe n’ibigazi, kandi mu kuhashika umuntu yurira ku ngazi y’amatambwe umunani.

35 Maze anjana kw’irembo rya ruguru, araripima. Ryari rifise uburinganire bungana n’ubw’ayandi marembo. 36 Utwumba, impome hamwe n’amabaraza na vyo nyene vyari bifise uburinganire bungana n’ubw’ahandi, kandi ryari rifise amadirisha impande zose. Iryo rembo ryari rifise ingero z’igice c’ukuboko mirongo itanu z’uburebure na mirongo ibiri na zitanu z’ubwaguke. 37 Amabaraza yaryo yarabana n’ikigo c’inyuma; impome zose zari zisharijwe n’ibigazi kandi mu kuhashika umuntu yurira ku ngazi y’amatambwe umunani.

Ivyumba vyo guteguriramwo ibimazi

38 Hariho akumba kari gafise umuryango uri hagati y’inkingi z’irembo, aho bogereza ibimazi vyo guturirwa. 39 Mw’ibaraza ryo kuri iryo rembo hari hateretse imeza zibiri ku mpade zose, aho bacumitira ibimazi vyo guturirwa, ivy’ivyaha hamwe n’ivyo gukuraho urubanza. 40 Mu ruhande rumwerumwe ruherereye hanze, aho umuntu adugana mu guca mw’irembo riraba amaja mu buraruko, hari imeza zibirizibiri. 41 Zose hamwe zari imeza umunani, zine ku ruhande rumwe, zindi zine ku rundi. Ni ho ibimazi vyabagirwa, bigategurwa neza. 42 Hariho n’izindi meza zine zabajwe mu mabuye, zafasha mu gushikana ibimazi vyo guturira. Imwe yose yaba ifise ingero y’igice c’ukuboko imwe n’igice y’uburebure, n’ingero y’igice c’ukuboko imwe n’igice y’ubwaguke, hamwe n’ingero y’igice c’ukuboko imwe y’igihagararo. Ni zo bashirako ivyo bakoresha mu gucumita ibimazi vyo guturirwa hamwe n’ibindi bimazi. 43 Imeza yose yaba ifise urubiga rungana n’ikiganza c’umuntu mu burebure ruyizungurutse. Kuri izo meza ni ho bashira inyama z’ibimazi.

Ivyumba vy’abaherezi

44 Inyuma y’irembo ry’imbere, mu rugo rw’imbere, hari utwumba tubiri, kamwe ku ruhande rwo haruguru karaba epfo, akandi ku ruhande rwo hepfo karaba ruguru. 45 Arambarira ati: "Akumba karaba epfo ni ak’abaherezi bajejwe Ingoro, 46 akaraba ruguru na ko ni ak’abaherezi bajejwe igicaniro. Abo ni abahungu ba Sadoki, akaba ari na bo Balewi bonyene bemerewe kwegera Uhoraho no kumukorera."

47 Maze apima urugo; rwari rufise ingero z’igice c’ukuboko ijana ku ruhande rwose kandi impande zose zarangana. Nongera mbona igicaniro cari imbere y’Ingoro.

Ingoro nshasha

48 Aca anjana mw’ibaraza ry’Ingoro, apima uburebure bw’inkingi. Zari zifise ingero z’igice c’ukuboko zitanu z’ubwaguke ku ruhande rumwerumwe. Ubwaguke bw’urwinjiriro bwari nk’ingero z’igice c’ukuboko cumi na zine kandi impome na zo zari zifise ingero z’igice c’ukuboko zitatu. 49 Uburebure bw’amakika bw’ibaraza bwari ingero z’igice c’ukuboko mirongo ibiri, n’ingero z’igice c’ukuboko cumi na zibiri z’ubwaguke. Umuntu yarishikako aciye ku ngazi, kandi irembo ryari rishigikiwe n’inkingi, imwe ku ruhande rumwe, iyindi ku rundi.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-