Publicidade

Ezequiel 38

Intsinzi ihambaye y’Uhoraho ku mahanga

1 Ijambo ry’Uhoraho ryongera kumbwira riti: 2 "Mwana w’umuntu, hanga amaso yawe i Gogi, ho mu gihugu ca Magogi, umutware mukuru wa Mesheki na Tubali. 3 Uvuge uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Nzokugwanya yewe Gogi, umuganwa mukuru wa Mesheki na Tubali. 4 Nzogucuranguza, ndagutere igera mu mibangabanga ndagusohore uri kumwe n’ingabo zawe zose; amafarasi yawe, abayagenderako bafise ibigwanisho, biteguriye intambara, hamwe n’amasinzi y’ingabo zitwaje inkinzo nininini na ntonto, bose babanguye inkota. 5 Ubuperesi, Etiyopiya na Puti vyose bizokwifatanya na we, bose baze bafise inkinzo n’inkofero z’ivyuma ku mitwe, 6 nayo Gomeri hamwe n’ingabo ziwe bazokwifatanya nawe, hamwe na Beti h’i Togaruma bavuye kure mu buraruko n’ingabo zabo zose, eka amahanga menshi azokwifatanya nawe.

7 Nuko rero ikazanure; witegure, mwe n’ingabo zose zifatanije nawe, kandi uzibere umukuru. 8 Inyuma y’igihe kirekire uzohamagarirwa kuja ku rugamba. Mu myaka izoza uzotera igihugu cigeze guca mu ntambara, abantu baco begeranijwe bava mu mahanga menshi, bazanwa mu misozi ya Isirayeli, yari imaze igihe kinini igaragara. Baje bakuwe mu mahanga, ubu bose bakaba bahabaye impore. 9 Nawe uzodugana n’ingabo zawe muri kumwe n’amahanga menshi, ugende kurya kw’igihuhusi; muzoba mumeze nk’igipfungu gipfutse isi.

10 Uku ni ko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze: Kuri uwo musi ivyiyumviro bizokuza mu mutwe, maze utegure imigambi y’ikibi. 11 Uzokwibwira uti: "Reka ngire igitero kuri ico gihugu kitazitiye; nzotera ubu bwoko butekanye ata co bwinona, bose biberaho batagira inzitiro, ata marembo n’ivyugazo. 12 Nzohakura iminyago, ndabasahure. Nzoramvurira ukuboko kwanje ahahoze ari umusaka, no ku bantu begeranijwe bavuye mu mahanga menshi, bafise ibitungwa n’ubundi butunzi, baba hagati na hagati mu gihugu." 13 Sheba na Dedani n’abadandaza b’i Tarushishi hamwe n’imihana ihakikuje, bazokubaza bati: Mbega wazanywe no gusahura? Wakoranije amasinzi y’ingabo zawe ngo muze gusahura no kunyaga ifeza n’inzahabu, kwiba ibitungwa hamwe n’ayandi matungo, musahure n’iyindi minyago myinshi?’

14 None rero, mwana w’umuntu, vugishwa kuri Gogi uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Kuri uwo musi, igihe ubwoko bwanje bwa Isirayeli buzoba butekanye, mbega ntuzobimenya? 15 Maze uzoca uza uvuye mu gihugu cawe ca kure mu buraruko, uzananye n’ayandi mahanga menshi, bose baze bagendera ku mafarasi, ari igitero c’ingabo isinzi kandi zikomeye. 16 Muzotera abantu banje ba Isirayeli, mumeze ng’igipfungu gipfutse isi. Yewe Gogi, mu gihe kigiye kuza nzokuzana utere igihugu canje, kugira ngo amahanga yose azobone ingene ndakwerekanirako ko ndi uwera mu maso yabo.

17 Uku ni ko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze: Mbega si wewe nari naravuzeko mu misi ya kera nciye ku bavugishwa ba Isirayeli? Bavugishijwe imyaka myinshi ko nzokuzana kubatera. 18 Ng’ibi ibizoba kuri uwo musi: Gogi niyatera igihugu ca Isirayeli, uburake bwanje bw’inkazi buzoziriringa, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze. 19 Mu burake no mu bushangashirwe, ndabamenyesheje ko hazoba ugutigita kw’isi gukomeye mu gihugu ca Isirayeli. 20 Amafi yo mu biyaga, ibisiga vyo mu kirere, ibikoko vyo mw’ishamba, ivyikwega hasi vyose, hamwe n’abantu bo kw’isi bose bizohinda agashitsi imbere yanje. 21 Nzohamagaza inkota kuri Gogi ku misozi yanje yose, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze. Umuntu wese azohindukiririza inkota kuri mugenziwe. 22 Nzobashitsako igihano canje mu kubatera icago c’akaranda n’ico gusesa amaraso; nzobacuncuburirako imvura y’isegenya, ivanze n’urubura n’amazuku, wewe n’ingabo zawe hamwe n’amahanga yose azoba yifatanije nawe. 23 Uko ni ko nzokwerekana ubukuru bwanje n’ukwera kwanje, kandi nzokwimenyekanisha imbere y’amahanga menshi. Ni ho bazomenyera ko ndi Uhoraho.’ "

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-