1 Mu kwezi kw’icumi na rimwe, kw’umwaka w’icumi na kabiri, ku musi wakwo wa mbere, umwami Yehoyakini atwawe nk’inyagano, Ijambo ry’Uhoraho ryatumwe kuri jewe riti: 2 "Mwana w’umuntu, kubera ko Tiro banezerewe babonye Yerusalemu hasenyutse, bakavuga bati: ‘Ha! Amarembo y’amahanga arasenyutse, imiryango yaho iranyugurukiye. Hacitse agahinga, ariko jewe ngiye kuronka ubutunzi,’ 3 Ni co gituma Uhoraho Nyeninganji avuze ati: Ngiye kukugwanya, yewe Tiro, nzozana ihanga ryanje rigutere nk’uko ikiyaga gisuka imipfunda ku nkengera. 4 Bazosenyura inzitiro za Tiro, bahenagure iminara yaho; nzokubura ivu ryaho hasigare hameze nk’igitandara. 5 Hazosigara hameze nk’igitandara co mu kiyaga banikirako insenga z’abarovyi, ni ko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze. Hazoba aho amahanga aza gutora iminyago, 6 kandi abahaba bose bazomarwa n’inkota. Ni ho bazomenya ko ndi Uhoraho.
7 Kuko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze nti: Mu Buraruko nzozana Nebukadineza, umwami w’i Babiloni, umwami aganza abandi bami, azanane n’amafarasi n’imikogote hamwe n’ingabo nyinshi, atere Tiro. 8 Azoranduza inkota ibisagara vyo mu gihugu hagati; ategure uburyo agutera, yubake ivyo kwuririrako inzitiro zawe, agutere yitwaje inkinzo. 9 Inzitiro zawe azozisenyuza ibiti bininibinini, iminara yawe ayihenuze ibigwanisho vyiwe. 10 Amafarasi yiwe azoba ari menshi ku buryo igihugu cose kizokwuzuramwo umukungugu. Inzitiro zawe zizotigitishwa n’urwamo rw’amafarasi y’intambara hamwe n’imikogote n’ivyo ikwega, mu gihe azoba ariko arinjira mu marembo, abasoda na bo binjira mu gisagara baca mu birengero. 11 Ibinono vy’amafarasi yiwe bizoca mu mabarabara yawe yose; bamarishe inkota abantu bawe, kandi inkingi zawe zikomakomeye zizosenyurirwa hasi. 12 Bazosahura ubutunzi bwawe, bibe ibidandazwa vyawe; bazosenyura inzitiro zawe, basenyure amazu yawe mezameza, amabuye bayaterere mu kiyaga, co kimwe n’imbaho zawe, ndetse n’umukungungu wawe. 13 Nzohoza urwamo rw’indirimbo zawe, kandi nta mirya y’inanga izosubira kwumvikana. 14 Nzoguhindura igitandara kigaragara, ube imbuga yo kwanikirako insenga z’abarovyi. Ntuzosubira kwubakwa, kuko jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze."
15 Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji abwiye Tiro: "Mbega ababa ku nkengera z’ikiyaga ntibazojugumira nibumva isenyerana ryawe, bakumva amaborogo y’abakomeretse hamwe n’ukwicwa kuzoba kuriko kurabera iwawe? 16 Abami bose bo ku nkengera z’ikiyaga bazova ku ntebe zabo z’ubwami, bambure amakanzu yabo n’inyambarabami zabo. Bazicara hasi buzuye ubwoba, bajugumira, kuko bazoba babonye ivyakubayeko. 17 Maze bazocura intimba ku bwawe, bati:
‘Ese ayo ubonye, yewe wa gisagara wahora uri rurangiranwa,
abakibamwo bari abagabo ku kiyaga!
Wari umunyabushobozi ku biyaga,
wewe hamwe n’abantu bawe!
Mwahoze muteye ubwoba
ku bari babakikuje bose.
18 None ubu ababa ku nkengera z’ikiyaga bose barajugumiye
kubera ugusenyuka kwawe;
amazinga yose ahinze agashitsi
abonye isenyerana ryawe.’
19 Jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze nti: ‘Ninakugira nk’agahinga, ukaba nk’igisagara catawe kera, nkagucokeza i bwina ikiyaga kikakurengako, amazi yaco akagupfuka, 20 ico gihe nzokumanura hamwe n’abaja mu rwobo, ahari ababayeho kera. Nzotuma uba i kuzimu, ahameze nk’ibihomoka vya kera, ujane n’abaja mu rwobo, kandi ntuzogaruka canke ngo usubire kuba kw’isi y’abazima. 21 Nzogushitsa kw’iherezo riteye ubwoba, kandi ntuzosubira kubaho. Uzoronderwa ariko ntuzosubira kubonwa, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze.’ "