1 Ijambo ry’Uhoraho rimbwira riti: 2 "Mwana w’umuntu, uba mu bantu b’abagarariji. Bafise amaso ariko ntibabona, bafise amatwi ariko ntibumva, kuko ari abantu b’abagarariji.
3 None rero, mwana w’umuntu, tekera ibintu vyawe kugira uhunge, kandi ugende ku murango, bakubona, uve aho uba wimukire ahandi. Kumbure bazotahura n’aho ari abagarariji. 4 Uhengere ku murango usohore utwawe, ubikore bakubona, usohore ibintu vyawe, utekere kurya kw’uwuhunga. Maze ku mugoroba, usohoke bakuraba, ugende kurya kw’abahunga. 5 Utobore igihome bakuraba, kibe ari co ucishamwo utwawe. 6 Ubishire ku rutugu bakuraba, ubijane hatabona. Witwikire mu maso kugira ngo ntugende uraraba igihugu uvuyemwo, kuko nakugize nk’ikimenyetso ku Bisirayeli."
7 Nuko ndabigenza uko nabwiwe. Mpengera ari ku murango nsohora ibintu vyanje, ndatekera ngo mpunge. Maze ku mugoroba ntobora uruhome n’amaboko, nsohora ibintu vyanje hatabona, ndabishira ku rutugu, ndagenda bandaba.
8 Bukeye Uhoraho antumako ijambo ryiwe ati: 9 "Mwana w’umuntu, mbega Abisirayeli, ba bantu b’abagarariji, ntibigeze bakubaza bati: ‘Ivyo uriko ukora ni ibiki?’
10 Ubabwire uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Ubu buhanuzi ni imburi ku muganwa w’i Yerusalemu hamwe n’ab’inzu ya Isirayeli bose baba ngaho.’ 11 Ubabwire uti: ‘Ndi ikimenyetso kuri mwebwe.
Ivyo nagize ni vyo bazokorerwa. Bazojanwa mu mahanga nk’inyagano.’
12 Umuganwa wo muri bo azoshira utuntu twiwe ku bitugu ahunge, kandi bazomucira igitoboro mu ruhome acemwo. Azokwitwikira mu maso kugira ngo ntabone igihugu ahunze. 13 Nanje nzomurekurirako urusenga, kandi azofatwa mu mutego wanje awugwemwo; nzomutwara i Babiloni mu gihugu c’Abakaludaya, ariko ntazokibona, kandi ni co azogwamwo. 14 Nzosanzariza mu miyaga yose abamukikuje, abacungera ubuzima bwiwe hamwe n’ingabo ziwe zose, mpeze ndabirukeko n’inkota.
15 Bazomenya ko ndi Uhoraho, ninabashwiragiza mu mahanga no mu bihugu bitandukanye. 16 Ariko nzokwisigariza bamwe, ndabarinde inkota, inzara n’akaranda, kugira ngo mu mahanga yose bazojamwo bazokwame bicuza ibizira bakoze. Ni ho bazomenya ko ndi Uhoraho."
17 Ijambo ry’Uhoraho rimbwira riti: 18 "Mwana w’umuntu, ivyokurya vyawe ubirye uhinda agashitsi, n’amazi yawe uyanywe ufise ubwoba. 19 Abo muri iki gihugu ubabwire uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze ku baba i Yerusalemu no mu gihugu ca Isirayeli: bazorya ivyokurya vyabo bahagaritse imitima, amazi yabo bayanywe bihebuye, kuko igihugu kigiye gusangangurwa, kinyagwe ivyo cari gifise vyose, kubera umuryano w’abahaba bose. 20 Ibisagara abantu babamwo bizosigara ari imisaka, igihugu na co gisigare ari agahinga. Aho ni ho muzomenyera ko ndi Uhoraho.’ "
21 Ijambo ry’Uhoraho rimbwira riti: 22 "Mwana w’umuntu, mbega uwu mugani mufise mu gihugu ca Isirayeli uvuga ngo: ‘Imisi irashira, ivyavugishijwe ntibishike,’ usigura iki? 23 Genda ubabwire uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Ngiye gushira iherezo kuri uwo mwibutsa, ntuzosubira gukoreshwa mu Bisirayeli.’ Genda ubabwire uti: ‘Igihe kiregereje, aho ivyavugishijwe vyose bizoshika. 24 Nta ndoto z’ibinyoma canke ubupfumu bwo kuryohereza abantu bizosubira kuvugwa mu Bisirayeli. 25 Ariko jewe Uhoraho nzovuga, kandi ivyo nzovuga bizoshika bidatevye. Kuko mu gihe cawe, wewe wa nzu y’ubugarariji, nzoshitsa ivyo navuze vyose, ni ko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze.’ "
26 Ijambo ry’Uhoraho rimbwira riti: 27 "Mwana w’umuntu, Abisirayeli bariko bavuga bati: ‘Ivyo yerekwa ni ibizoba mu myaka myinshi iri mbere, ivyo avugishwa ni ivya kazoza ka kure.’
28 None rero babwire uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Nta jambo na rimwe navuze rigitevye gushika; ivyo navuze vyose bizoshika, ni ko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze.’ "