1 Ijambo ry’Uhoraho ryatumwe kuri jewe riti: 2 "Mwana w’umuntu, hanga amaso yawe Yerusalemu, uvugishwe werekeza ku rusengero, hamwe n’igihugu ca Isirayeli, 3 uti: ‘Uku ni ko Uhoraho avuze: Ehe ngiye kukugwanya. Nzokura inkota yanje mu rwubati ndandure abanyakibi n’abagororotsi bose hamwe. 4 Ko nzokwica abanyakibi n’abagororotsi, inkota yanje izova mu rwubati, izokwica idasize n’umwe uhereye mu bumanuko ugashitsa mu buraruko. 5 Maze abantu bose bazomenya ko ari jewe Uhoraho nakuye inkota mu rwubati; kandi sinzoyisubizayo itarangije igikorwa.’
6 None rero, mwana w’umuntu, boroga! Borogera imbere yabo, wuzuye intimba n’agahinda. 7 Nibakubaza bati: ‘Ni kubera iki uboroga?’ Ubishure uti: ‘Ni kubera inkuru numvise z’ibigiye gushika. Umutima wose uzoshongeshwa n’ubwoba, n’amaboko yose adendebukirwe; imitima izocika ivutu, amavi yose azoregarega, acike amazi. Bigiye kuza! Nta kabuza bizoshika, ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze.’ "
8 Ijambo ry’Uhoraho rimbwira riti: 9 "Mwana w’umuntu, vugishwa, uvuge uti: ‘Uku ni ko Imana ivuze:
Inkota, inkota
ikarishe cane kandi ikayangana,
10 yakarihirijwe gusogota
ihanagurwa ngo ice ibibatsi nk’imiravyo!
Mbega hari uwotwenga? N’ababasumvya inkomezi barahindikiranye musi y’ububasha bwayo.
11 Inkota yateguwe ngo ihanagurwe,
ishirwe mu kuboko;
iriko irakarishwa yongera ihanagurwa
ngo ishirwe mu kuboko kw’uwuririka.
12 Mwana w’umuntu, koma induru uboroge;
kuko iteguriwe abantu banje,
n’abaganwa bose ba Isirayeli.
Bashitsweko n’inkota
bari kumwe n’abantu banje.
None rero niwikubite mu gikiriza.
13 Ico gipimo ntikizobura kuza. Ariko bizomera gute kuri iyo nkoni y’ubwami, inkota niyayikengera, maze ikayibuza kubandanya? Ni ko Uhoraho Nyeninganji abaza.
14 None rero mwana w’umuntu, vugishwa
ukubita amashi ku yandi.
Reka iyo nkota ikubite kabiri,
ndetse na gatatu.
Ni inkota yo gusogota,
kandi ni iyo kuririka cane,
ibakikuje impande zose.
15 Imitima yabo nishongeshwe n’ubwoba,
n’abahindikirana babe benshi.
Nayiteguriye gutikiza,
kandi iri ku marembo yabo yose.
Raba! Yakozwe ngo ikubite kurya kw’umuravyo,
yakiriwe ngo itikize.
16 Wa nkota we, rabagiza i buryo,
hanyuma ubangurirwe i bubamfu,
uhindukirire iyo ubugi bwawe buraba hose.
17 Nanje nzokubita amashi ku yandi,
ishavu ryanje rigabanuke,
ni jewe Uhoraho ndabivuze.’ "
18 Uhoraho antumako ijambo ati: 19 Mwana w’umuntu, shiraho inzira zibiri, izo inkota y’umwami w’i Babiloni izocamwo. Ushire ikimenyetso ku nzira izanana mu gisagara c’i Babiloni, aho yigaburiramwo kabiri. 20 Ushire ikimenyetso ku nzira inkota izocamwo, kimwe ku nzira ija i Raba h’Abamoni, ikindi ku yija i Buyuda mu gisagara kizitiye ari co Yerusalemu. 21 Kuko umwami w’i Babiloni azohagarara ku mayirabiri, aho izo nzira zompi zishamikira, kugira ngo araguze. Azozungagiza imyampi, abaze ibigirwamana, asuzume ibitigu vy’ibikoko vyatanzweko ibimazi. 22 Maze ikigirwamana kiri i buryo kimwereke Yerusalemu, amarembo yaho azoyasenyaguze ibiti bininibinini, atange itegeko ryo gutikiza, bakome akaruru k’intambara, bubake ibigigira vyo gutera amarembo, arunde ibirundo vy’ivu vyo kwuririrako, ahakikuze kugira ngo ahatere. 23 Ariko ab’i Yerusalemu bazobifata nk’aho ari indagu y’ikinyoma, kuko bafise isezerano bagiranye na Babiloni. Ariko umwami w’i Babiloni we azobibutsa ivyaha vyabo, aheze abatere, abatware nk’inyagano.
24 None rero uku ni ko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze: "Kubera yuko, mwatumye ivyaha vyanyu vyibukwa mu kwerekana ubugarariji bwanyu, mukagaragaza ivyaha mu vyo mukora vyose, ni co gitumye mutwarwa nk’inyagano.
25 Nawe wa munyakibi we, wa muganwa wa Isirayeli, washikiwe n’umusi mubi, igihe co guhanwa kwawe kigiye cashika, 26 ni ko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze: ‘Ikureko umwitwikiro, wambure n’urugori rw’ubwami. Ntibizosubira kuba uko vyahoze: abaciye bugufi bazoshirwa hejuru, abashizwe hejuru na bo bazocishwa bugufi. 27 Umusaka! Umusaka! Nta kabuza nzohahindura umusaka! Urugori rw’ubwami ntiruzosubira kwambarwa, gushika aho nyenerwo azozira, uwo ni we nzoruha.’
28 Nawe mwana w’umuntu, vugishwa uvuge uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji abwiye Abamoni, ku bw’ibitutsi vyabo:
Inkota, inkota,
isokowe ngo isogote.
Ihanaguwe ngo itikize,
ikayangana nk’umuravyo!
29 Naho mufise indoto zibesha zivuga ibiberekeye
n’indagu z’ibinyoma babaraguriye,
izoshirwa ku mazosi yanyu
abanyakibi bategerezwa gusogotwa,
abo igihe cabo cashitse,
kandi abo igihe cabo co guhanwa cabaye ntarengwa.
30 Ubu subiza inkota mu rwubati,
kuko mu kibanza waremewemwo,
mu gihugu ca ba sekuruza,
ni ho nzogucira urubanza.
31 Nzogusukako uburake bwanje,
ndakwimarireko ishavu.
Nzokurekurira mu maboko y’inkozi z’ikibi
bamenyereye kwica rubi.
32 Uzoba ibitoro vyo gucanwa,
amaraso yawe aseseke mu gihugu cawe.
Ntuzosubira kwibukwa;
ni jewe Uhoraho ndabivuze.’ "