1 Maze wa muntu antwara ku muryango uraba mu buseruko, 2 nca mbona ubwiza bw’Imana ya Isirayeli, buje buva mu buseruko. Ijwi ryayo ryari rimeze nk’iry’amazi asuma, kandi isi yakayangana ubwiza bwayo. 3 Ivyo nabonye vyari bimeze nk’ivyo neretswe igihe yaza gutikiza igisagara, canke ivyo nerekewe ku ruzi Kebari, maze nikubita hasi nubamye. 4 Ubwiza bw’Uhoraho bwinjira mu Ngoro, buzananye mw’irembo ry’amaja mu buseruko. 5 Maze Mpwemu andugana mu cumba co haruguru, ubwiza bw’Uhoraho na bwo bwuzura Ingoro.
6 Wa muntu agihagaze i ruhande yanje, numva uwundi muntu amvugishije ari mu rusengero. 7 Avuga ati: "Mwana w’umuntu, iki ni co kibanza c’intebe yanje y’ubwami, hamwe n’ikibanza c’indava y’ibirenge vyanje. Ni ho nzoba ibihe vyose, mbane n’Abisirayeli. Abisirayeli ntibazigera basubira guhumanya izina ryanje; baba bo canke abami babo; mu busambanyi bwabo no mu mashikanwa y’imivyimba y’abami babo batangira ku mpinga z’imisozi. 8 Igihe bashinga ibicaniro vy’ibigirwamana vyabo hafi y’igicaniro canje, bigatandukanywa n’uruhome rumwe gusa, bahumanije izina ryanje ryera mu bizira bakora. Ni co gituma nabaranduranye uburake bwanje. 9 Noneho rero nibate kure yanje ubusambanyi bwabo hamwe n’ibigirwamana bitagira ubuzima vy’abami babo, nanje nzoba muri bo ibihe vyose.
10 Mwana w’umuntu, ereka ubwoko bwa Isirayeli iyo Ngoro, kugira ngo baterwe isoni n’ivyaha vyabo. Baze barupime bakurikije ishusho yarwo. 11 Nibamaramazwa n’ivyaha vyose bakoze, ubereke uko iyo Ngoro imeze n’uko itunganijwe, ubereke imiryango isohoka n’iyinjira, ishusho yayo yose hamwe n’ivyagezwe n’amabwirizwa bijanye na yo. Uvyandikire imbere yabo, kugira ngo bazokurikize iyi nteguro yayo bakurikize n’amabwirizwa ajanye na yo.
12 Ng’iki icagezwe kigenga Ingoro: ahakikuje impinga y’umusozi hose, hazoba ahera cane. Ico ni co cagezwe kigenga Ingoro.
13 Ibi ni vyo bipimo vy’igicaniro hakurikijwe ibipimo bisanzwe bikoreshwa: intebe y’igicaniro izokikuzwa n’umuvo ufise ingero y’igice c’ukuboko imwe y’ubwaguke, n’imwe umanuka, hamwe n’ingero imwe y’intoke kuva kuri uwo muvo gushika ku ntebe y’igicaniro. 14 Kuva hasi ku ntebe yaco gushika ku nkikuro y’ahahera hepfo hari ingero z’igice c’ukuboko zibiri z’amaduga n’ingero y’igice c’ukuboko imwe y’ubwaguke. Kuva kuri iyo nkikuro gushika hejuru hari ingero z’igice c’ukuboko zine, ubwaguke na bwo bukaguma bungana n’ingero y’igice c’ukuboko imwe. 15 Igicaniro ubwaco, uburebure bw’igihagararo bwaco ni ingero z’igice c’ukuboko zine, kikagira amahembe ane araba hejuru ari mu mfuruka zose uko ari zine. 16 Hejuru ku gicaniro harangana mu burebure no mu bwaguke; hafise ingero z’igice c’ukuboko icumi na zibiri ku ruhande rwose. 17 Iyindi nkikuro yo hejuru na yo nyene impande zayo zose zarangana zifise ingero z’igice c’ukuboko icumi na zine ku ruhande rwose kandi urubiga rw’iyo nkikuro rwari igice c’ingero y’igice c’ukuboko. Ingazi zari imbere y’igicaniro zari zitumbereye mu buseruko."
18 Maze arambwira ati: "Mwana w’umuntu, uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Ibi ni vyo bizoba ivyashinzwe vyo gushikana ibimazi bituriwe hamwe no kumijagira amaraso ku gicaniro nibamara kucubaka: 19 Ico gihe, abaherezi bo mu bakomoka kuri Lewi, bo mu muryango wa Sadoki, bakorera imbere yanje, bazohabwa impfizi y’inka kugira ngo bayitange ibe ikimazi c’ivyaha, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze. 20 Uzokwakire ku maraso yayo, uyasige ku mahembe ane y’ico gicaniro, no ku mfuruka zine zaco hejuru, uzoba ucejeje ugitangiye impongano. 21 Uzoheze ufate iyo mpfizi, uyituririre mu kibanza cabigenewe co mu Ngoro, inyuma y’Ahera.
22 Ku musi ugira kabiri uzoshikane impfizi y’impene, itagira agasembwa, ibe ikimazi c’ivyaha, kandi igicaniro kize cezwe nk’uko cejejwe na ya mpfizi y’inka. 23 Niwaheza kuceza, uzotange ikimazi c’ishuri y’inka ikiri ntoya hamwe n’impfizi y’intama, vyompi bizobe bitagira agasembwa. 24 Uzobitangire imbere y’Uhoraho, kandi abaherezi bazobishireko umunyu, bazobitange nk’amashikanwa y’Uhoraho.
25 Uzomare imisi indwi ushikana impfizi y’impene ku musi nk’ikimazi c’ivyaha; kandi uze wame ushikana n’impfizi y’inka y’umukangara hamwe n’impfizi y’intama, vyompi bitagira agasembwa. 26 Uzomare imisi indwi utanga impongano y’igicaniro, uceze; uko ni ko uzokigira icera. 27 Inyuma y’iyo misi indwi, kuva ku musi ugira umunani kubandanya, abaherezi bazobe ari bo bashikana ibimazi vyanyu vyo guturirwa, hamwe n’ivy’amashimwe, babizane ku gicaniro. Nanje nzoheza ndavyakire, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze."