Publicidade

Ezequiel 7

Iherezo rirashitse

1 Ijambo ry’Uhoraho ryongera kumbwira riti: 2 "Mwana w’umuntu, ibi ni vyo Uhoraho Nyeninganji abwiye igihugu ca Isirayeli:

Umuhero! Umuhero uraje

ku mpande zine z’igihugu!

3 None ubu na ho ushitse kuri wewe,

kandi nzokwimarirako ishavu.

Nzogucira urubanza ku ngeso zawe,

maze nguhanire ibizira vyose wakoze.

4 Sinzokugirira impuhwe,

kandi nta we nzosigaza.

Nta kabuza nzobahanira ingeso zanyu,

n’ibizira vyakorewe muri mwebwe.

Ni ho muzomenyera ko ndi Uhoraho.

5 Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze:

Ibara ritari bwigere ribaho!

Raba, riraje!

6 Umuhero urashitse!

Umuhero urashitse!

Uje kubamara!

Ng’uwo urashitse!

7 Uguhona kuragushikiriye,

kuragushitseko wa muntu we uba muri iki gihugu.

Igihe kirashitse! Umusi uri hafi!

Ni umusi w’agatengo, si uwo kunezerererwa ku misozi.

8 Ngira ndagusukeko uburake bwanje,

ndakwimarireko ishavu;

nzogucira urubanza ruhwanye n’ingeso zawe,

nguhanire ibibi n’ibizira vyose wakoze.

9 Sinzokugirira impuhwe,

kandi nta we nzosigaza,

nzoguhemba ibikwiranye n’ingeso zawe,

hamwe n’ibibi n’ibizira vyose biri muri wewe.

Ni ho uzomenyera ko ari jewe Uhoraho ngukubise.

10 Raba, uwo musi!

Raba, uraje!

Uguhona kuradutse,

inkoni yo kugukubita irashuritse,

ubwibone bwawe na bwo busheshe amashurwe!

11 Umuryano ubaye mwinshi,

ubaye nk’inkoni yo guhana ikibi.

Nta n’umwe wo muri aba bantu atazoshikirwa,

nta n’umwe wo muri iryo sinzi,

canke ubutunzi bwabo,

canke ibintu vy’agaciro bitazoshikirwa.

12 Igihe kirashitse,

wa musi uraje.

Umuguzi ntanezerwe

kandi n’uwugurisha ntababare,

kuko uburake bwanje bubashitseko bose.

13 Umudandaza ntazokwongera kubona

ibidandazwa yadandaje,

naho we n’uwamuguriye bosigara ari bazima.

Kuko ivyerekanywe vyerekeye abo bantu bose,

ntibizohinduka.

Kubera ivyaha vyabo, nta n’umwe muri bo

azokiza ubuzima bwiwe.

14 Bamaze kuvuza inzamba,

mbere ibintu vyose vyateguwe,

ariko nta n’umwe azoja ku rugamba,

kuko uburake bwanje buri kuri iryo koraniro.

15 Inyuma y’igisagara hari inkota,

mu gisagara na ho hari akaranda n’inzara.

Abari mu gihugu

bazokwicwa n’inkota;

abari mu gisagarara na bo

bazomarwa n’inzara n’akaranda.

16 Abazocika kw’icumu bagahunga

bazokwirukira ku misozi.

Kurya kw’inuma zo mu biyaya,

bazoguguza baboroga,

umwe wese arizwa n’ivyaha vyiwe.

17 Amaboko yose azocika inkokora avemwo inkomezi,

amavi na yo aregarege acike nk’amazi.

18 Bazokwambara amagunira,

bambikwe gucika ivutu.

Mu maso habo hazokwuzura ibimaramare,

kandi imitwe yabo izoharangurwa.

19 Bazosanzaza ifeza zabo mw’ibarabara,

kandi inzahabu zabo zizofatwa nk’ibintu bihumanye.

Inzahabu n’ifeza vyabo

ntibizoshobora kubakiza

ku musi w’uburake bw’Uhoraho.

Ntibizobamara inzara,

canke ngo vyuzuze inda zabo,

kuko ari vyo vyatumye baja mu vyaha.

20 Ivyo bashazisha vy’igiciro vyabateye ubwibone,

babikoramwo ibigirwamana vyankwa urunuka.

Babikuyemwo amashusho ateye isoni,

ni co gituma nzobihindura ibihumanye kuri bo.

21 Ubutunzi bwabo nzobugabira abanyamahanga babunyage,

abanyakibi bo kw’isi babusahure,

bongere babuhumanye.

22 Abantu nzobanyegeza mu nyonga hanje,

abanyazi na bo baze bahumanye igihugu nakunze.

Bazocinjira

hanyuma bagihumanye.

23 Nimutegure iminyororo!

Kuko igihugu cuzuye ugusesa amaraso,

n’igisagara kikaba cuzuye umuryano.

24 Nzozana ihanga rirusha ayandi kuba ribi,

ryigarurire amazu yabo.

Nzomara ubwibone bw’abahambaye,

mpumanye insengero zabo.

25 Ibirandura umutima nivyaza,

bazorondera amahoro batari buyaronke.

26 Icago kizokurwaho n’ikindi,

igihuha kibisikanye n’ikindi.

Bazobaza abavugishwa b’ibinyoma ivyo beretswe,

inyigisho z’ivyagezwe z’abaherezi zizobura,

co kimwe n’impanuro z’abakurambere.

27 Umwami azogandara,

umuganwa yihebure, amaboko y’abanyagihugu adendebukirwe.

Nzobahana nk’uko ingeso zabo ziri,

ndabacire urubanza nkurikije amategeko yabo.

Ni ho bazomenya ko ndi Uhoraho."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-