1 Bamwe mu batware b’Abisirayeli baza aho ndi bicara imbere yanje. 2 Maze ijambo ry’Uhoraho rimbwira riti: 3 "Mwana w’umuntu, aba bantu bateretse ibigirwamana mu mitima yabo, kandi bashize ibitsitaza bibajana mu vyaha imbere y’amaso yabo. None ni igiki cotuma ndabishura ku vyo bambaza? 4 Nuko rero babwire uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Umwisirayeli niyashira ikigirwamana mu mutima wiwe, agashira igitsitaza imbere y’amaso yiwe, hanyuma akaja ku bavugishwa, nanje nzobishura ibihwanye n’ivyaha vyabo. 5 Ivyo nzobikora kugira ngo nsubire kwigarurira imitima y’Abisirayeli, bantaye bagakurikira ibigirwamana vyabo.’
6 None rero bwira Abisirayeli, uti: Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Nimwihane! Mureke ivyo bigirwamana hamwe n’ibindi bizira vyose mukora!
7 Iyo Umwisirayeli canke umunyamahanga aba muri Isirayeli yitandukanije nanje agashira ibigirwamana mu mutima wiwe hamwe n’ibitsitaza imbere yiwe, hanyuma akaja ku bavugishwa b’ibinyoma ngo babavugire kuri jewe, jewe Uhoraho nzomwiyishurira. 8 Nzohindukiriza inyonga zanje kugwanya umuntu nk’uyo, ndamutangeko akarorero, ndamugire iciro ry’umugani. Nzomuca mu bwoko bwanje; ni ho muzomenya ko ndi Uhoraho.
9 Kandi umuvugishwa niyahendwa ngo avuge ubuhanuzi, ni jewe Uhoraho nzoba ndamuhenze, kandi nzomuramvurirako ukuboko kwanje ndamurandure ndamukure mu bwoko bwanje bwa Isirayeli. 10 Bazoharurwako ibigabitanyo vyabo, kandi uwo muvugishwa azohanwa co kimwe n’uwuza kumuraguzako. 11 Ni ho Abisirayeli batazosubira kuzimira ngo bamveko, kandi ntibazosubira kwihumanisha ivyaha vyabo. Bazoba abantu banje, nanje nzoba Imana yabo, ni ko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze."
12 Maze Ijambo ry’Uhoraho rimbwira riti: 13 "Mwana w’umuntu, hagize igihugu kincumurako, kigata ubwizigirwa, nkakiramvurirako ukuboko kwanje, ngasibanganya ahava ivyokurya vyaco, nkakirungikamwo inzara ikica abantu baco n’ibitungwa vyaco, 14 naho abagabo batatu ari bo Nowa, Daniyeli na Yobu bobaye ari yo bari, bokijije amagara yabo gusa kubera ukugororoka kwabo, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze.
15 Canke na ho ndungitse ibikoko vy’inkazi muri ico gihugu, bigahonya abantu bose bigasiga igihugu ari agahinga, 16 ni ukuri nk’ukubaho kwanje, ni jewe Uhoraho Nyeninganji, naho abo bagabo batatu bobaye ari yo bari, ntibokijije abahungu n’abakobwa babo. Bokwikijije bonyene, ariko igihugu cosigaye ari agahinga.
17 Canke nzanye inkota kuri ico gihugu, nkavuga nti: Reka iyi nkota ice mu gihugu cose, nkica abantu bose n’ibitungwa vyabo, 18 ni ukuri nk’ukubaho kwanje, Uhoraho Nyeninganji, naho abo bagabo bobaye bari muri co, ntibokijije abahungu n’abakobwa babo, bokwikijije bonyene.
19 Canke ndungitse icago muri ico gihugu, nkagisukako uburake bwanje mu gusesa amaraso, nkica abantu baho bose n’ibikoko vyaho vyose, 20 ni ukuri nk’ukubaho kwanje, Jewe Uhoraho Nyeninganji, naho Nowa na Daniyeli na Yobu bobaye ari yo bari, ntiboshoboye gukiza abahungu n’abakobwa babo. Bokwikijije bo ubwabo, kubera ukugororoka kwabo.
21 Kuko uku ari ko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze: Ese ukuntu bizoba ari bibi birenze urugero ninarungika i Yerusalemu ibihano vyanje bine biteye ubwoba ari vyo inkota, inzara, ibikoko vy’inkazi n’akaranda, kugira ngo vyice abantu n’ibitungwa vyabo! 22 Ariko muri bo nzokwisigariza bamwe, abahungu n’abakobwa bakeya bazorokoka. Bazoza kuri mwebwe, kandi nimwabona ingeso zabo n’ibikorwa vyabo muzokwirurwa ku bw’ivyago vyose nateye Yerusalemu. 23 Muzohozwa amarira mubonye ingeso zabo n’ibikorwa vyabo, kuko muzomenya ko ata co nakoreye Isirayeli kitagira igituma, ni Jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze."