Publicidade

Ezequiel 23

Ba maraya bavukana

1 Ijambo ry’Uhoraho ryongera kumbwira riti: 2 "Mwana w’umuntu, habaye abagore babiri bavukana. 3 Bompi baba ba maraya muri Egiputa, batangura ubwo bumaraya bakiri bato. Aho ni ho amabere yabo batanguriye kuyakorakora, amabere y’ubusugi bwabo agakandakandwa. 4 Mukuru yitwa Ohola, murumunawe yitwa Oholiba. Bose bari abanje, kandi baravyaye abahungu n’abakobwa. Ohola ni Samariya, Oholiba na we ni Yerusalemu.

5 Ohola yagiye kuba maraya yari uwanje; ariko araheza agira abo yikundiye, ari bo banyentambara b’Abashuri. 6 Bari bambaye imyambaro isa n’ubururu, bari abatware n’abakuru b’ingabo, imisore iteye igomwe, bagendera ku mafarasi. 7 Nuko ahurumbira kuba maraya w’abahizi bo muri Ashuri, yihumanisha ibigirwamana vy’uwo wese yipfuje. 8 Ntiyigeze aheba ubumaraya bwiwe yatanguriye muri Egiputa, aho yahereye mu buto bwiwe asambana n’abagabo, bagakorakora ubusugi bwiwe, bakamwimarirako inyota yabo yose y’ubusambanyi.

9 Ni co catumye ndamurekurira mu maboko y’abo yikundiye ari bo Bashuri, bari baramutwaye umutima. 10 Baramwambuye bamusiga amenya, bamutwara abana, maze bamwicisha inkota. Maze ahinduka agatwengo mu bandi bagore bose kubera igihano yahawe.

11 Ivyo murumunawe Oholiba yarabibona, ariko we arushiriza kuba umusambanyi, ingeso ziwe zirononekara gusumba iza mukuruwe. 12 Na we nyene yakunze Abashuri: abatware, abakuru b’ingabo, abasoda bambaye neza, bagendera ku mafarasi, ndetse n’iyindi misore myiza yose. 13 Maze mbona ko na we yihumanije, ko yatwawe n’ingeso za mukuruwe.

14 Ariko Oholiba wewe yararengeje urugero muri ubwo bumaraya bwiwe, kuko yabonye ku mpome ibishushanyo vy’abagabo b’Abakaludaya, basize ibara ritukura, 15 bakenyeje imikanda mu rukenyerero, n’ibitambara ku mitwe yabo; bose basa n’abakuru b’ingabo z’i Babiloni mu Bukaludaya bagendera ku mafarasi, imvukira z’i Babiloni. 16 Akibakubise ijisho, arabipfuza, aca abatumako intumwa mu Bukaludaya. 17 Maze Abanyababiloni baza aho ari, basambana na we, bamuhumanisha ubusambanyi bwabo. Ariko amaze guhumanywa na bo, arabazinukwa. 18 Igihe yakora ubwo bumaraya bwiwe ku mugaragaro, akagaragaza ubwambure bwiwe, naramuzinutswe nk’uko nari nazinutswe mukuruwe. 19 Ariko akomeza kugwiza ubusambanyi bwiwe, yibuka imyaka y’ubuto bwiwe, igihe yari maraya muri Egiputa. 20 Hariya yikurikiriye abamusambanya, bari bafise ibitsina nk’ivy’indogoba, bagashuha nk’ifarasi. 21 Ewe Oholiba, uko ni ko wiyibukije ubusambanyi bwo mu buto bwawe ukiri muri Egiputa, igihe igikiriza cawe bagikorakora, amabere yawe agakandakandwa.

22 None rero ewe Oholiba, uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: ‘Ehe ngiye kukurekurirako barya wikundiye, hanyuma ukabazinukwa, bagutere baturutse impande zose. 23 Abanyababiloni hamwe n’Abakaludaya bose bazozanana, abagabo b’i Pekodi, i Showa n’i Kowa hamwe n’Abashuri bose bazozanana na bo, imisore myizamyiza, irimwo abatware, abakuru b’ingabo, abagendera ku mafarasi, hamwe n’abashizwe hejuru, bose baze ku mafarasi. 24 Bazogutera bitwaje ibigwanisho, imikogote, hamwe n’abasoda benshi. Bazogukikuza impande zose, bitwaje inkinzo nininini na ntonto, bambaye n’inkofero z’ivyuma. Nzokurekurira mu maboko yabo baguhane, kandi baguhane bakurikije amategeko yabo. 25 Nzokurekurirako ishari ryanje, maze na bo bazoguhanana uburake. Bazoguca izuru n’amatwi, kandi amasigarira azomarwa n’inkota. Abahungu n’abakobwa bawe bazotwarwa nk’inyagano, abazosigara na bo bazotongorwa n’umuriro. 26 Bazokwambura ivyambarwa vyawe, bagutware udusharizo twose. 27 Ukwo ni ko nzoshira iherezo ku bumaraya bwawe buteye isoni watanguriye muri Egiputa. Ivyo ntuzosubira kubiraba, canke ngo umutima wawe wipfuze kwibuka ivyo muri Egiputa.

28 Kuko uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Ngira ndakurekurire mu minwe y’abo wanka, abo wazinutswe. 29 Bazoguhanana urwanko rwinshi, bagutware ivyo wabiriye akuya. Bazokwambura bagusige uri gusa, n’isoni z’ubumaraya bwawe zizoshirwa ahabona. Ubusambanyi bwawe buteye isoni 30 ni bwo bugukwegeye ivyo, kuko wasambanye n’ayandi mahanga, wihumanisha ibigirwamana vyayo. 31 Wagendeye mu ngeso za mukurwawe, none nzoguhanisha ivyago vyamuranduye.

32 Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze:

Uzonywera ku gikombe ca mukurwawe,

igikombe cagutse kandi kinini;

nzotuma bagucokora kandi bagutwenga,

kuko igikombe cawe cuzuye.

33 Uzokwuzura akaborerwe n’imibabaro,

igikombe c’ukurandurwa n’ukuba akahebwe,

ni co gikombe ca mukurwawe Samariya.

34 Uzokinywa uciranguze;

uzokimenagura ugihekenya,

hanyuma witabagure igikiriza kubera umubabaro.

Ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze.

35 Ni co gituma Uhoraho Nyeninganji avuga ati: Ko wanyibagiye ukampa umugongo, utegerezwa kwemera ingaruka z’ubusambanyi bwawe buteye isoni.’ "

36 Uhoraho yongera arambwira ati: "Mwana w’umuntu, cira urubanza Ohola na Oholiba. Bamenyeshe ibizira bakora, 37 kuko babaye abasambanyi, kandi bakaba bafise amaraso ku maboko yabo. Basambanye n’ibigirwamana vyabo; babishikanira ibimazi vy’abana babo, abo bari bamvyariye, babahindura ivyokurya vyabo. 38 Ikindi bankoreye ni iki: bahumanije Ingoro yanje, amasabato yanje ntibayaziririza. 39 Umusi batanga ibimazi vy’abana babo ni ho binjira mu Ngoro yanje gusenga. Ng’uko uko bahumanije Ingoro yanje.

40 Batumyeko n’abagabo ba kure cane, na bo baraza. Bababonye baca bariyuhagira, barituganya mu maso, barashaza. 41 Baca bicara ku buriri bwiza cane, batunganya n’imeza imbere yabo, babatega ibiturirwa bikamota neza n’amavuta ya elayo, kandi vyari ivyanje.

42 Inzu zabo zamamwo urwamo rw’abagabo benshi, imborerwa, abo batumyeko bakava mu bice bitandukanye vy’ubugaragwa, bambitse ibikomo abo bagore ku maboko babambika n’ingori nziza cane ku mitwe. 43 Maze ndavuga ivy’uwo yabaye akaheze kubera ubusambanyi nti: ‘Nibamukoreshe ubumaraya kuko asanzwe ari we. 44 Nuko basambana na we. Nk’uko abagabo basambana na ba maraya, ni ko basambanye n’abo bagore babiri, Ohola na Oholiba. 45 Ariko abagabo b’abagororotsi bazobacira urubanza, bahane abo bagore basambana bagasesa amaraso, kuko ni abasambanyi, kandi ibiganza vyabo vyuzuyeko amaraso.

46 None rero uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Nimuhagurutse igitero kuri bo, bacike ivutu, kandi mubasahure ivyabo. 47 Ico gitero kibatere amabuye, congere kibatemaguze inkota; baze bice abahungu n’abakobwa babo, baturire n’amazu yabo.

48 Uko ni ko nzoherengeteza ibiterasoni vyo muri iki gihugu, kugira ngo mburire abandi bagore bose ntihagire uwuzokwigana ingeso zanyu. 49 Muzosubirizwa mu nkoko ibikwiranye n’ivyaha vy’ugusenga ibigirwamana mwakoze. Ni ho muzomenyera ko ndi Uhoraho Nyeninganji.’ "

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-