Publicidade

Ezequiel 19

Gucura intimba ku bw’abaganwa ba Isirayeli

1 Cura intimba uririre abaganwa ba Isirayeli, 2 uvuge uti:

"Nyoko yari iki?

Yari intare y’ingore yibera hagati mu ntare!

Yiryamira hagati muri zo,

ikonsa ibibuguru vyayo.

3 Yareze ikibuguru kimwe,

kiba intare ikomeye.

Imenya guhiga,

ndetse irya n’abantu.

4 Amahanga na yo yumva ivyayo,

maze igwa mu mutego wayo.

Ayikwegesha igera,

ayijana mu gihugu ca Egiputa.

5 Ya ntare y’ingore iyirindiriye ikayibura,

ivyizigiro vyayo birahera.

Ica ifata ikindi kibuguru cayo,

irakirera ikigira intare ikomeye.

6 Yagendana n’izindi ntare,

maze iba umukangara w’intare ikomeye.

Nuko imenya guhiga,

ndetse itangura no kurya abantu.

7 Iyo ntare isenyagura ibirimba,

itikiza n’ibisagara vyaho.

Imirima icika ibisanze, ibiterwa biratikira.

Ababa muri ivyo bihugu bose baterwa ubwoba n’ukuroha kwayo.

8 Ayo mahanga aza kuyigwanya,

aturutse impande zose.

Bayitega urusenga,

igwa mu mutego wabo.

9 Bayikwegesha igera bayugaranira mu kazu gatoya,

bayishira umwami w’i Babiloni.

Bayishira mw’ibohero,

ugutontoma kwayo ntikwaba kucumvikana

ku misozi ya Isirayeli.

10 Nyoko yari ameze nk’umuzabibu uri mw’itongo,

watewe i ruhande y’amazi menshi;

warama kandi wari wuzuyeko amashami,

kuko waronka amazi akwiye.

11 Amashami yawo yari akomeye,

yari abereye kuvamwo inkoni z’abarongozi.

Urakura uba muremure,

ushika hejuru y’ibindi biti.

Waraboneka gusumba ibindi kuko wari muremure,

ukagira n’amashami menshi.

12 Ariko waranduranywe uburake,

utererwa i musozi,

umuyaga wo mu buseruko urawumisha,

uhungurura ivyamwa vyawo;

amashami yawo aruma,

umuriro na wo urayatongora.

13 None ubu uwo muzabibu utewe mu bugaragwa,

mu gihugu kitagira amazi.

14 Maze umuriro uturuka muri ya mashami,

utongora ivyamwa vyawo vyose.

Nta mashami akomeye yovamwo inkoni z’abami

yasigaye kuri wo.

Ukwo ni kwo gucura intimba, gukoreshwa igihe cakwo."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-