Publicidade

Ezequiel 46

1 "Uku ni ko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze: ‘Irembo ry’urugo rw’imbere riraba mu buseruko rizokwugarwe mu misi itandatu y’akazi, ariko ku musi w’Isabato canke ku musi w’imboneko z’ukwezi rize ryugururwe. 2 Umwami aze yinjire aciye mw’ibaraza y’iryo rembo, ahagarare ku bikingi vy’irembo. Abaherezi bazoshikane amashikanwa yiwe yo guturirwa, hamwe n’ay’ishimwe. Azokubite amavi hasi mu rwinjiriro asenge, aheze asohoke, ariko umuryango ntuzokwugarwe gushika ku mugoroba. 3 Ku musi w’Isabato no ku mboneko z’ukwezi, abanyagihugu bose bazosengere imbere y’Uhoraho ku rwinjiro rw’iryo rembo. 4 Amashikanwa yo guturirwa kw’Isabato azozanwa n’umwami azobe amasuguru y’imyagazi y’intama atandatu hamwe n’impfizi y’intama, vyose bizobe bitagira agasembwa. 5 Ishikanwa ry’ifu ryo gutangana n’impfizi y’intama rizobe ingero efa imwe, na yo iy’ifu ijana n’umwagazi, azotange iyingana uko ashatse, iri kumwe n’ingero hini imwe ihwana n’ingero efa imwe. 6 Ku musi mukuru w’imboneko z’ukwezi na ho azotange impfizi y’inka y’umukangara, imyagazi itandatu, impfizi imwe y’intama, kandi vyose bizobe ibitagira agasembwa. 7 Iyo mpfizi y’inka azoyitangane n’ingero efa imwe y’ishikanwa ry’ifu, umwagazi w’intama azowutangane n’ingero efa imwe y’ishikanwa ry’ifu, impfizi y’intama na yo azoyitangane n’ingero ashaka y’ishikanwa ry’ifu, kandi ingero efa yose azoyitangane n’ingero hini imwe y’amavuta ya elayo. 8 Umwami niyinjira azoce mw’ibaraza ryo kw’irembo, kandi abe ari ho azoca mu gusohoka.

9 Abantu bo muri iki gihugu nibaza imbere y’Uhoraho ku misi mikuru itegekanijwe, uwuzokwinjirana umuryango wa ruguru aje gusenga azosohokane uwo hepfo, uwuzokwinjirira mu wo hepfo na we azosohokane mu wo haruguru. Ntihazogire uwusohoka aciye mu wo yinjiriyemwo, ahubwo azoce mu wo ku rundi ruhande birabana. 10 Umwami azobe ari hagati muri bo, aze yinjirane n’abandi yongere asohokane na bo. 11 Ku misi mikuru itegekanijwe, ishikanwa ry’ifu rizobe ingero efa imwe ijana n’impfizi y’inka, ingero efa imwe ijana n’impfizi y’intama, ariko ku yijana n’umwagazi azobikore uko ashatse, n’ingero hini imwe y’amavuta ya elayo ize ijane n’ingero efa imwe.

12 Umwami niyashaka gushikanira Uhoraho ishikanwa rivuye ku gushaka kwiwe, ryaba ari ishikanwa ryo guturirwa canke iry’ishimwe, aze yugururirwe irembo ry’amaja mu buseruko. Azotange ishikanwa ryiwe ryo guturirwa canke ry’ishimwe, nk’uko ahora abigenza ku musi w’Isabato. Ahejeje asohoke, hanyuma umuryango usubire wugarwe.

13 Ku musi muzotange umwagazi w’intama umaze umwaka umwe, utagira agasembwa nk’ikimazi co guturirwa gishikaniwe Uhoraho; muzogitange mu gitondo. 14 Muzowutangane n’ishikanwa ry’ifu igitondo cose, na ryo rizoba rigizwe n’ica gatandatu c’ingero efa n’ica gatatu c’ingero hini y’amavuta ya elayo yo gutosa iyo fu. Iki ni icagezwe c’intahava ibihe vyose. 15 Nuko rero umwagazi, ishikanwa ry’ifu hamwe n’amavuta bizotangwe igitondo cose nk’ikimazi co guturirwa co ku musi.’

16 Uku ni ko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze: ‘Umwami niyaha ingabire umuhungu wiwe mu vyo yarazwe, izobe n’iy’uruvyaro rw’uwo muhungu; izobe inyegu y’umuryango. 17 Ariko umwami niyaha ingabire umushumba wiwe mw’iragi ryiwe, ize yegukire uwo mushumba mu myaka azoba agikorera uwo mwami, ageze ku mwaka wo kwidegemvya, iyo ngabire izosubire ibe iy’umwami. Iragi ryiwe ni iry’abana biwe; ni iry’abaragwa biwe. 18 Umwami ntiyemerewe gutwara iragi ry’umuntu n’umwe, mu kubakura mw’itongo ryabo. Azohe abahungu biwe iragi kw’itongo yatoranye, kugira ngo abantu banje ntibasanzarire kure y’amatongo yabo.’ "

19 Maze wa muntu arantwara ancisha mu rwinjiriro rwo ku ruhande rw’umuryango uja ku vyumba vyatoranijwe biraba mu buraruko, ari vyo vy’abaherezi, anyereka ikibanza cari mu mfuruka y’amaja mu burengero. 20 Arambwira ati: "Aha ni ho abaherezi bazotekera ibimazi vyo gukuraho urubanza, n’ibimazi bitangirwa ivyaha, no gukaranga amashikanwa y’ifu, mu kwanka ko bobizana mu kigo c’inyuma bikagira abantu inyegu."

21 Maze aca anjana mu kigo c’inyuma, anzungurukana mu mfuruka zaco zose, maze mu mfuruka zaco zose mbonayo ikindi kigo. 22 Mu mfuruka zine zose hari ibindi bigo bizitiye, bifise ingero z’igice c’ukuboko mirongo ine z’uburebure na mirongo itatu z’ubwaguke, ivyo bigo vyose vyo mu mfuruka zine vyarangana. 23 Imbere mu kigo cose hari hakikujwe n’ahantu batekera ivyokurya. 24 Arambwira ati: "Aha ni aho bazohora batekera ibimazi vyashikanywe."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-