Publicidade

Ezequiel 25

Imburi kuri Amoni

1 Ijambo ry’Uhoraho ryongera kumbwira riti: 2 "Mwana w’umuntu, hindukira utumbere igihugu c’Abamoni, maze uvugishwe kuri bo. 3 Ubabwire uti: ‘Nimwumve ijambo ry’Uhoraho Nyeninganji. Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Ko mwanezerewe igihe Ingoro yanje yahumanywa, igihugu ca Isirayeli kigasigara ari agahinga, Abayuda na bo bajanywe ari inyagano, 4 nzobarekurirako abantu bo mu buseruko babigarurire. Bazokwubaka amakambi yabo babike amahema mu gihugu canyu; bazorya ivyamwa vyanyu, banywe n’amata yanyu. 5 I Raba nzohahindura uburagiro bw’ingamiya, Amoni na ho ndahahindure aho intama zivyagira. Ni ho muzomenya ko jewe ndi Uhoraho. 6 Kuko uku ari ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Ko wakomye amashi ukiterera hejuru, umutima wawe w’ubugunge ukanezerezwa n’ugutikizwa kwa Isirayeli, 7 nzokuramvurirako ukuboko kwanje, ngutange ube iminyago y’amahanga. Nzoguca mu mahanga ngukure mu bihugu, nkurandure nguherengeteze. Ni ho uzomenya ko jewe ndi Uhoraho.’ "

Imburi kuri Mowabu

8 Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: "Ko Mowabu na Seyiri bavuze bati: ‘Ehe i Buyuda habaye nk’ayandi mahanga yose,’ 9 ngiye guca icanzo i Mowabu mpereye ku bisagara, ibiri ku mbibe zaho, harimwo n’ibihesheje icubahiro igihugu, ari vyo Beti-Yeshimoti, Bayali-Meyoni na Kiriyatayimu. 10 Nzorekurira Mowabu n’Abamoni mu maboko y’abo mu buseruko, mube inyegu yabo, kugira ngo Abamoni ntibazosubire kwibukwa mu yandi mahanga, 11 kandi nzohana Mowabu. Ni ho bazomenya ko ndi Uhoraho."

Imburi kuri Edomu

12 Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: "Ko Abanyedomu bihoye Abayuda, vyababereye icaha gikomeye, 13 nuko rero uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Nzoramvurira ukuboko kwanje kuri Edomu, nice abantu baho n’ibitungwa vyabo. Nzohasiga ari agahinga, kandi kuva i Temani gushika i Dedani, abaho bose bazomarwa n’inkota. 14 Nzokwihora Edomu nkoresheje ukuboko kw’abantu banje b’Abisirayeli, maze bazosubiriza mu nkoko Abanyedomu ibihwanye n’uburake bwanje; ni ho bazobona ukwihora kwanje, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze."

Imburi ku Bufilisitiya

15 Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: "Ko Abafilisitiya bihoye Abayuda bafise umutima w’ubugunge, ngo babaranduze urwanko rwabo rwa kera, 16 nuko rero uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: ‘Ngira ndamvurire ukuboko ku Bafilisitiya, mperengeteze Abakereti, ndandure n’abasigaye ku nkengera z’ikiyaga. 17 Nzobashitsako ukwihora gukomeye, ndabahanishe uburake bwanje. Ni ho bazomenyera ko jewe Uhoraho ari jewe nabihoye.’ "

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-