Publicidade

Ezequiel 11

Urubanza rw’Imana kuri Yerusalemu

1 Maze Mpwemu aranterura, anjana mu rwinjiriro rw’Ingoro y’Uhoraho ruraba mu buseruko. Aho mu rwinjiriro hari abagabo mirongo ibiri na batanu, kandi muri bo mbonamwo Yahazaniya mwene Azuri na Pelatiya mwene Benaya, bari abatware barongora abantu. 2 Uhoraho arambwira ati: "Mwana w’umuntu, abo bagabo ni abategura ibikorwa bibi muri iki gisagara, kandi bakagira inama mbi abandi. 3 Bavuga ngo: ‘Mbega amazu yacu si ho agiheza kwubakwa? Iki gisagara cacu kimeze nk’inkono kandi natwe tumeze nk’inyama ziri muri iyo nkono.’ 4 Nuko rero genda uvugishwe ibibi bizobashikako; vugishwa, ewe mwana w’umuntu."

5 Hanyuma Mpwemu w’Uhoraho aza kuri jewe, ambwira ngo mvuge nti: "Uku ni ko Uhoraho avuze: ‘Ivyo ni vyo muriko muravuga, mwebwe abarongozi muri Isirayeli, ariko, ndazi ivyo mwiyumvira mu mitima yanyu. 6 Mwishe abantu benshi muri kino gisagara, amabarabara muyuzuza imivyimba.

7 Kubera ivyo, uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Imivyimba mwandagaje ahantu hose ni inyama; iki gisagara na co ni inkono. Ariko mwebwe muzokurwa muri iyo nkono. 8 Mutinya inkota, ariko ni yo nzobateza, ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze. 9 Nzobasohora ndabakure muri iki gisagara, ndabahereze abanyamahanga babampanire. 10 Muzomarwa n’inkota, kandi nzobacira urubanza muri ku mbibe za Isirayeli, ni ho muzomenyera ko ndi Uhoraho. 11 Iki gisagara ntikizobabera nk’inkono, kandi na mwebwe ntimuzoba nk’inyama muri yo; nzobacira urubanza muri ku mbibe za Isirayeli. 12 Namwe muzomenya ko ndi Uhoraho, kuko mwanse gukurikiza amabwirizwa yanje canke ngo mugendere mu vyagezwe vyanje, ariko mukishushanya n’imigenzo y’amahanga abakikuje.’ "

13 Nkiriko ndavugishwa, Pelatiya mwene Benaya aca arapfa. Maze nca ngwa nubamye, nkoma induru n’ijwi rirenga nti: "Ewe Uhoraho Nyeninganji! Mbega ugomba uherengeteze amasigarira ya Isirayeli?"

Imana isezerana ko Abisirayeli bazogarukanwa

14 Ijambo ry’Uhoraho rimbwira riti: 15 "Mwana w’umuntu, abantu b’i Yerusalemu baravuze kuri benewanyu bajanywe ari inyagano hamwe n’Abisirayeli bose, ngo: ‘Bari kure cane y’Uhoraho, ni twebwe twahawe iki gihugu ngo kibe umugabane wacu.’

16 None rero genda ubwire abari mu kinyago uti: ‘Uhoraho Nyeninganji avuze ati: Naho nabarungitse kure mu mahanga, nkabashwiragizayo, nzobabera urusengero muri ayo mahanga igihe cose muzomara muri mu kinyago.’

17 Ubabwire uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Nzobegeranya ndabazane ndabakuye mu bihugu mwashwiragiriyemwo, ndabasubize mu gihugu ca Isirayeli.’

18 Bazokigarukamwo, bagikuremwo ibishushanyo vyose hamwe n’ibigirwamana vy’ibizira. 19 Nzobaha umutima umwe, ndabashiremwo impwemu nsha. Nzobakuramwo umutima w’ibuye ndabahe umutima w’inyama. 20 Bazokurikiza amabwirizwa yanje, bagendere mu vyagezwe vyanje. Bazoba abantu banje, nanje nzoba Imana yabo. 21 Ariko abeguriye imitima yabo ibishushanyo n’ibigirwamana vy’ibizira, nzobahanira ivyo bakoze vyose, ni ko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze."

22 Maze ba bakerubi bakurikirwa n’amapine baca basanza amababa, kandi ubwiza bw’Uhoraho Imana ya Isirayeli bwari hejuru yabo. 23 Bwa bwiza bw’Uhoraho buca buva hejuru y’igisagara, buhagarara ku musozi uherereye mu buseruko bw’igisagara. 24 Maze Mpwemu aranterura anjana mu bari mu kinyago i Babiloni, ndi mw’iyerekwa mpawe na Mpwemu w’Imana.

Hanyuma iryo yerekwa narimwo rirahera. 25 Maze nca mbwira abari mu kinyago ivyo Uhoraho yanyeretse vyose.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-