Publicidade

Ezequiel 27

Kuririra Tiro

1 Ijambo ry’Uhoraho ryongera kumbwira riti: 2 "Mwana w’umuntu, cura intimba uririre Tiro. 3 Bwira Tiro, igisagara cubatse ku nkengera z’ikiyaga, ihuriro ry’abadandaza bava mu mihingo myinshi, uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze:

Yewe Tiro, uvuga uti:

"Ubwiza bwanje ni akaroruhore."

4 Imbibe zawe zishika mu kiyaga hagati,

kandi abakwubatse bakugize mwiza cane.

5 Umeze nk’ubwato bunini

wubakishijwe imbaho z’akajwari z’i Seniri,

bakwongerako imbaho z’amasederi y’i Libani

bakwubakira ibikenewe vyose kuri wewe.

6 Imirinzi y’i Bashani

ni yo bakubaziyemwo

intebe zawe na zo bazibaza mu mbaho z’akajwari ziva i Kupuro,

bazishazisha amahembe y’inzovu.

7 Ibitambara vy’ubwato bwawe vyari bikozwe mu mpuzu zera derere

ziva muri Egiputa,

vyakubera nk’ibendera hejuru yawe;

ibitambara vy’ubururu n’ibitukura biva ku nkengera za Elishahu

ni vyo vyakubera ubwugamo.

8 Abagabo b’i Sidoni n’i Haruvadi ni bo basoza ubwato bwawe,

kandi abanyabwenge bawe, yewe Tiro,

ni bo bagendesha amato.

9 Abakurambere baciye ubwenge bava i Gebali bama mu bwato,

kugira ngo basanure akantu kose gatiriganye.

Amato yose yo mu kiyaga hamwe n’abayagendesha bama iwawe,

baje kurondera ibidandazwa.

10 Abagabo bava i Buperesi, i Ludi n’i Puti

ni bo bari bagize ingabo zawe.

Bamanitse inkinzo n’inkofero vyabo ku nzitiro zawe,

vyagaragaza ubwiza bwawe.

11 Abagabo b’i Haruvadi n’i Heleki

ni bo bacungera umutekano w’inzitiro zawe ku mpande zose;

abagabo b’i Gamadi

bari mu minara yawe.

Bamanitse inkinzo zabo ku nzitiro zawe,

ubwiza bwawe baraburyohora.

12 Tarushishi mwahanahana ibidandazwa, kuko wari ufise ubutunzi bwinshi; bakaguha ifeza, n’ubundi butare, nawe ukabaha ibidandazwa.

13 Ubugiriki, Tubali na Mesheki mwasangira urudandazwa; bakaguha abagurano n’ibindi bintu bikozwe mu mwakaka, nawe ukabaha ibidandazwa vyawe.

14 Abagabo bava i Beti h’i Togaruma baguha imikogote ikwegwa n’amafarasi, hamwe n’amafarasi y’intambara, n’inyumbu, nawe ukabaha ibidandazwa.

15 Abagabo b’i Dedani mwahana ibidandazwa, kandi abo ku nkengera z’ikiyaga basumira iwawe; bakuriha amahembe y’inzovu n’ibiti vyitwa ebene.

16 Siriya mwahanahana ibidandazwa, kuko wari ufise vyinshi; bakakuzanira amabuye y’agaciro, ibitambara bitukura, ivyera, n’impuzu z’amabara.

17 Ubuyuda na Isirayeli mwarahanahana ibidandazwa; bakuzanira ingano z’i Miniti hamwe n’ifu, insukoni nziza, ubuki, amavuta ya elayo, hamwe n’ibirungo.

18 Damasiko mwahanahana ibidandazwa kuko wari ufise vyinshi, bakakuzanira imivinyu y’i Heluboni hamwe n’ubwoya bw’intama z’i Zahari. 19 Abagiriki bavuye mu gisagara Uzali, baje kudandaza bakuzanira ibicuzwe mu vyuma, imbaho z’ikasiya, ibimota neza n’imisigati.

20 Ab’i Dedani bagushorako uburengeti basasa ku mafarasi.

21 Arabiya n’abaganwa bose b’i Kedari bashorera iwawe; intama n’amapfizi yazo, hamwe n’impene.

22 Abadandaza b’i Sheba n’i Rama mwahanahana ibidandazwa; bagashora ibirungo vy’ubwoko bwose, utubuye tw’agaciro turimwo n’inzahabu.

23 Harani, Kanehe na Edeni, hamwe n’abadandaza b’i Sheba, Ashuri na Kilimadi mwahanahana ibidandazwa. 24 Ku masoko yawe bahashora imyambaro myizamyiza, ibitambara vy’ubururu, impuzu zijererenze z’amabara menshi, ziteweko utugozi duhinze turiko amapfundo akomeye.

25 Amato y’i Tarushishi

ni yo yagutwarira ibidandazwa.

Amato maninimanini ni ho yuzurizwa imizigo minini

uriko urarungika mu kiyaga.

26 Abasoza bawe baragutwaye

bagushikanye kure mu kiyaga.

Ariko umuyaga wo mu buseruko

uzogusamburira hagati mu kiyaga.

27 Ubutunzi bwawe, ibidandazwa vyawe,

abasoza bawe n’abagendesha ubwato,

abadandaza bawe hamwe n’abasoda bawe bose,

n’uwundi wese bazoba bari kumwe,

bazodobezwa i bwina mu kiyaga,

ku musi ubwato buzomeneka.

28 Ibisagara vyo ku nkengera z’ikiyaga bizojugumira

nivyumva amarira y’abagendesha ubwato bawe.

29 Abasoza

bazota amato yabo,

abajejwe gutunganya ubwato

bazokwururuka baje ku nkengera z’ikiyaga.

30 Bazoduza ijwi

buzuye urwamo bakuririra;

bazokwisurirako imikungugu ku mitwe,

bikumbagaze mu minyota.

31 Bazokwimosha inkomvorera kubera wewe,

bambare amagunira.

Bazokuririra buzuye intimba mu mutima,

bakugandarire buzuye umubabaro.

32 Mu kukuririra no mu kukuborogera

bazocura intimba ku bwawe,

bavuga bati: Mbega hari igisagara cari kimeze nka Tiro,

ubu kidobejwe mu gacerere i bwina mu kiyaga?’

33 Igihe ibidandazwa vyawe vyasohoka ku kiyaga,

wahaza amahanga;

ubutunzi bwawe n’ibidandazwa vyawe

vyatungishije abami bo mw’isi.

34 None ubu umenaguwe n’ikiyaga

wibiye i bwina muri co;

ibidandazwa vyawe n’abakozi bawe

bitwariwe rimwe i bwina hamwe nawe.

35 Ababa ku nkengera z’ikiyaga bose

barumiwe;

abami babo bafashwe n’ubwoba,

mu maso habo harijiriwe.

36 Abadandaza bo mu mahanga bavugije agahwa kubera wewe.

Iherezo ryawe rihindisha agashitsi,

kandi ntuzosubira kubaho."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-