Publicidade

Ezequiel 30

Intimba ku bwa Egiputa

1 Ijambo ry’Uhoraho ryongera kumbwira riti: 2 "Mwana w’umuntu, vugishwa maze uvuge uti: Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze:

‘Koma induru uvuga uti:

Ese umusi mubi!

3 Kuko uwo musi uri hafi,

umusi w’Uhoraho uri hafi,

umusi wuzuye ibicu n’igipfungu,

umusi wo gucira imanza amahanga.

4 Inkota izotera Egiputa,

Etiyopiya hazokwuzura imibabaro.

Abasogoswe bazogwa muri Egiputa,

ubutunzi bwaho buzonyagwa,

imfatiro zaho zisenyurwe.

5 Etiyopiya, Libiya, Ludi na Arabiya hose hamwe n’ayandi mahanga yari yifatanije na yo, azomarwa n’inkota hamwe na Egiputa.

6 Kuko ibi ari vyo jewe Uhoraho mvuze:

Amahanga yifatanije na Egiputa azotemba,

n’inkomezi bishimiye zizohinduka ubusa.

Kuva i Migidoli gushika muri Asuwani

bazomarwa n’inkota,

ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze.

7 Hazohinduka agahinga,

nk’ibindi bihugu vyahindutse agahinga,

ibisagara vyaho bizotemba

bibe nk’ibindi bisagara vyabaye imisaka.

8 Maze bazomenya ko jewe ndi Uhoraho,

ninamara guturira Egiputa,

ngatikiza abifatanije na co.

9 Uwo musi intumwa zizova imbere yanje, zifate amato zije gutera ubwoba Etiyopiya bibaza ko bari mu mahoro. Bazogira agahinda kuri uwo musi w’ivyago vya Egiputa, kandi uwo musi nta nkeka urashitse.

10 Uku ni ko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze:

Nzozimanganya ingabo za Egiputa

nkoresheje ukuboko kwa Nebukadineza umwami w’i Babiloni.

11 We n’ingabo ziwe ziteye ubwoba,

bazozanwa gutikiza igihugu.

Bazosokora inkota zabo bagwanye Egiputa,

igihugu cose bacuzuze imivyimba.

12 Nzokamya imigende y’uruzi Nili,

igihugu na co ndakidandaze ku nkozi z’ikibi;

Nkoresheje ukuboko kw’abanyamahanga,

igihugu cose n’ibikirimwo nzobihindura ruhebwa,

ni jewe Uhoraho ndabivuze.

13 Uku ni ko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze:

Nzotikiza ibigirwamana vyabo,

nkureho ibishushanyo vy’i Memfisi.

Nta muganwa azosubira kurangwa muri Egiputa,

kandi nzokwiragiza ugucika ivutu mu gihugu cose.

14 Amajaruguru ya Egiputa nzoyagira agahinga,

ncane umucanwa i Zowani,

ntange igihano kuri Tebesi.

15 Nzosuka uburake bwanje kuri Pelusiyumu,

no ku nzitiro za Egiputa,

n’abantu b’i Tebesi ndabakureho.

16 Nzoturira Egiputa,

Pelusiyumu yicwe n’iminiho.

Tebesi hazofatwa n’igihuhusi,

Memfisi na ho hagume mu kabonge.

17 Imisore y’i Heliyopolisi n’i Bubasitisi

izokwicwa n’inkota,

kandi abanyagisagara na bo batwarwe nk’inyagano.

18 Umusi w’umwijima uzoshika i Tafanihesi

igihe nzovuna ingogo ya Egiputa;

aho ni ho inkomezi zaco zizoherera.

Hazotwikirwa n’ibipfungu,

imihana yaho yose itwarwe nk’inyagano.

19 Uko ni ko nzoshitsa igihano kuri Egiputa,

kandi bazomenya ko jewe ndi Uhoraho.’ "

Amaboko ya Farawo azovunagurwa

20 Mu mwaka ugira icumi na kabiri, mu kwezi kwa mbere, ku musi w’indwi umwami Yehoyakini ari mu kinyago, ijambo ry’Uhoraho ryatumwe kuri jewe riti: 21 "Mwana w’umuntu, navunye ukuboko kwa Farawo umwami wa Egiputa. Kandi ukuboko kwiwe ntikwunzwe ngo gukire gushobore gufata inkota. 22 Ni co gituma, ibi ari vyo jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze: Nzogwanya Farawo Umwami wa Egiputa. Nzomuvunagura amaboko yompi, ugukomeye n’ugusanzwe kuvunitse, maze inkota yiwe ive mu kuboko kwiwe ikorokere hasi. 23 Nzoshwiragiriza Abanyegiputa mu mahanga, ndabasanzarize mu bindi bihugu. 24 Nzokomeza ukuboko kw’umwami w’i Babiloni, ndamufatishe inkota yanje mu kuboko kwiwe, ariko nzovunagura amaboko ya Farawo, maze azonihira imbere yiwe nk’uwugira yicwe n’inguma. 25 Nzokomeza amaboko y’umwami w’i Babiloni, ariko amaboko ya Farawo nzotuma adendebukirwa. Maze bazomenya ko jewe ndi Uhoraho, ninashira inkota yanje mu kuboko kw’umwami w’i Babiloni, maze akayibangurira kugwanya Egiputa. 26 Nzoshwiragiriza Abanyegiputa mu mahanga, ndabasanzaze mu bihugu. Ni ho bazomenyera ko jewe ndi Uhoraho."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-