1 Uhoraho ambwira ijambo ati: 2 "Mwana w’umuntu, hanga amaso imisozi ya Isirayeli, uyivugishweko, 3 uvuga uti: ‘Yemwe mwa misozi ya Isirayeli, nimwumve ijambo ry’Uhoraho Nyeninganji. Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji abwiye imisozi n’imitumba, ibiyaya n’imyonga: Ehe ngiye kubateza inkota, nsambure n’ibibanza musengeramwo ibigirwamana vyo ku mpinga z’imisozi. 4 Ibicaniro vyanyu bizosenyurwa, n’ivyo mwaturirirako ibimota neza bicike umukungugu; kandi abantu bawe nzobicira imbere y’ibigirwamana vyawe. 5 Imivyimba y’Abisirayeli nzoyirambika imbere y’ibigirwamana vyabo, amagufa yabo ndayashwiragize hirya no hino y’ibicaniro vyawe. 6 Aho muba hose, ibisagara vyanyu nzobisiga ari imisaka, n’ibibanza musengeramwo vyo ku mpinga z’imisozi bizosenyurwe, kugira ngo ibicaniro vyanyu bizobe akahebwe n’imisaka, ibigirwamana vyanyu bimenagurwe bikurweho, ibicaniro vyanyu vyo guturira ibimota neza bijanjagurwe, n’ibikorwa vy’amaboko yanyu bikurweho. 7 Hagati muri mwebwe, abakomeretse ni ho bazopfira, maze muzoca mumenya ko ndi Uhoraho.
8 Ariko nzosigaza bakeya, bo muri mwebwe bazocika kw’icumu, igihe muzosanzarira mu mahanga yo kw’isi yose. 9 Maze mu mahanga iyo bazoba bari, aho bazoba bajanywe ari inyagano, bazonyibuka, bibuke ingene nababazwa n’umutima w’ubusambanyi wari muri bo, watumye bahindukira bakanta, hamwe n’amaso yabo yatuma bipfuza ibigirwamana vyabo. Bazokwicuza ibibi bakoze hamwe n’ibikorwa bizira bakoze vyose. 10 Ni ho bazomenya ko ndi Uhoraho, kandi ko mu kubabwira ko nzobateza ivyago kutari ukubatera ubwoba gusa.
11 Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Kubita amashi ku yandi wongere udide imigere hasi, uvuge uti: Yooo! Kubera ibikorwa bibi kandi vyo kwankwa Abisirayeli bakoze, bazomarwa n’inkota, ikigoyi n’akaranda. 12 Uwuri kure azokwicwa n’ingwara y’ikiza, uwuri hafi yicwe n’inkota, kandi uwuzocika kw’icumu akazigamwa na we azokwicwa n’ikigoyi. Uko ni ko nzobasukako uburake bwanje. 13 Bazomenya ko ndi Uhoraho, nibasanga imivyimba y’abantu babo yandagaye mu bigirwamana vyabo, hirya no hino y’ibicaniro vyabo, ku dusozi twose tureture no mu mataba y’imisozi, musi y’ibiti vy’imyungo n’imirinzi, aho bahora baturirira ibimota neza ibigirwamana vyabo. 14 Nanje nzobaramvurirako ukuboko kwanje, igihugu cabo ndagihindure agahinga, kuva ku bugaragwa gushika i Ribulahi, aho baba hose. Ni ho bazomenya ko ndi Uhoraho.’ "