Publicidade

Ezequiel 35

Imburi kuri Edomu

1 Ijambo ry’Uhoraho ryongera kumbwira riti: 2 "Mwana w’umuntu, hindukira urabishe amaso ku musozi Seyiri, uvugishwe ibibi biherekeye, 3 uvuga uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Nzokugwanya yewe wa musozi Seyiri, kandi nzokuramvurirako ukuboko kwanje, ndakurandure ndaguherengeteze. 4 Ibisagara vyawe nzobisiga ari imisaka, nawe usigare uri agahinga. Ni ho uzomenya ko ndi Uhoraho.

5 Ko mwagiriye urwanko rudashira Abisirayeli mu kabatanga ngo bamarwe n’inkota igihe bari bageze kugesezwa, uguhanwa kwabo kwuzuye, 6 ndabarahiye ukuri nk’ukubaho kwanje, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze, amaraso yawe azoseseka, kandi uguseseka kwayo kuzokwomako. Ko utagwanije ugusesa amaraso, uguseseka kw’ayawe kuzokwomako. 7 Umusozi Seyiri nzowusiga ugaragara, nice abagerageza guhunga hamwe n’abagaruka. 8 Imitumba yaho nzoyuzuza imivyimba; abishwe n’inkota bazogwa ku dusozi, mu biyaya no mu nzuzi. 9 Nzohagira umusaka ibihe vyose; ibisagara vyaho ntibizosubira kwubakwa. Ni ho bazomenya ko ndi Uhoraho.

10 Ko muvuga muti: Ibihugu vya Isirayeli na Yuda bizoba ivyacu kandi tuzovyegukira, naho Uhoraho ari ho ari, 11 none rero ndahiye ukubaho kwanje, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze, nzobasubiriza mu nkoko ibihwanye n’ishavu n’akazikira mwerekanye mu rwanko mubanka, kandi nzokwimenyekanisha muri bo ninaguhana. 12 Ni ho muzomenyera ko jewe Uhoraho numvise ibitutsi mwatutse imisozi ya Isirayeli. Kuko mwibwiye muti: Yahindutse agahinga none twayihawe nk’indya ngo tuyishihagure. 13 Mwarampagurukiye mu majambo yanyu muntuka ubudahumeka, maze nanje ndavyumva. 14 Uku ni ko jewe Uhoraho Nyeninganji mvuze: Isi yose izonezerwa ninakurandura nkaguherengeteza. 15 Ko wahimbawe igihe amatongo ya Isirayeli yacika agahinga, uko ni ko nawe nzokugira. Uzosigara uri agahinga, yewe wa musozi Seyiri, hamwe na Edomu hose. Maze muzomenya ko jewe ndi Uhoraho.’

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-