Publicidade

Ezequiel 18

Uwukora ivyaha ni we azopfa

1 Ijambo ry’Uhoraho ryongera kumbwira riti: 2 "Mbega muri Isirayeli iyo muciye uwu mugani muti:

‘Abavyeyi barya inzabibu z’ibitumbwe,

amenyo y’abana babo akaba ari yo ajigurwa,’

muba mugomvye kuvuga iki?

3 Ni ukuri nk’ukubaho kwanje, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze, uwo mugani ntimugisubira kuwukoresha muri Isirayeli. 4 Kuko abafise ubugingo bose ni abanje, abavyeyi co kimwe n’abana, bose ni abanje. Uwucumura ni we azopfa.

5 Iyumvire umugororotsi,

akora ibitunganye kandi bibereye.

6 Ntarira mu bibanza basengeramwo ibigirwamana vyo ku misozi,

canke ngo arabe ibigirwamana vya Isirayeli.

Ntahumanya umugore w’umubanyi

canke ngo aryamane n’umugore ari mu miziro yiwe.

7 Ntagunga abandi,

ahubwo asubiza ingwati y’abo yari yaguranye.

Ntiyigera yiba

ahubwo agaburira indya ziwe abashonje,

akambika n’abagenda gusa.

8 Ntatanga ingurane yiteze inyungu

canke akandi karusho.

Amaboko yiwe ayarinda gukora ikibi,

agaca izibereye hagati y’abatase.

9 Akurikiza amabwirizwa yanje,

akagendera no mu vyagezwe vyanje.

Uwo muntu ni umugororotsi,

kandi nta kabuza, azobaho,

ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze.

10 Ariko aramutse avyaye umwana akaba inkozi y’ikibi, agasesa amaraso canke agakora n’ibi bibi bindi 11 (naho se ata na kimwe yakoze muri ibi):

arira mu bibanza vyo gusengeramwo ibigirwamana vyo ku misozi,

ahumanya umugore wa mugenziwe,

12 acinyiza abakene n’aboro,

yiba,

adasubiza ingwati y’abo yaguranye,

asenga ibigirwamana,

akora ibizira,

13 agatanga ingurane ashaka inyungu.

Mbega umuntu nk’uwo yobaho? Oya na mba! Kubera ko yakoze ibizira nk’ivyo vyose, azopfa, kandi amaraso yiwe azomuharurwako.

14 Ariko aramutse avyaye umwana, uwo na we akabona ivyaha vyose se akora, ariko naho abibona, ntakore ibisa n’ivyo:

15 Ntarire mu bibanza vyo gusengeramwo ibigirwamana vyo ku misozi,

canke ngo asenge ibigirwamana vyo mu nzu ya Isirayeli.

Ntahumanye umugore wa mugenziwe.

16 Ntagunge umuntu n’umwe

canke ngo yake ingwati uwo aguranye.

Ntiyibe,

ahubwo akagaburira abashonje,

akambika abagenda gusa.

17 Akabuza amaboko yiwe gukorera ikibi abakene,

ntagurane amahera arondera inyungu,

akagendera mu vyagezwe vyanje, no mu mabwirizwa yanje.

Uwo ntazozira ivyaha vya se; ni ivy’ukuri azobaho. 18 Ariko se azokwicwa n’ivyaha vyiwe, kuko yagunze abandi, akiba benewabo, agakora ibibi mu bwoko bwiwe.

19 Ariko murabaza muti: ‘Ni kubera iki umwana atazira ivyaha vya se?’ Nimba umwana azoba yakoze ibiroranye, agashira umutima ku gukurikiza amabwirizwa yanje, nta kabuza azobaho. 20 Uwukora ivyaha ni we azopfa. Umwana ntazozira ivyaha vya se, na se ntazozira ivyaha vy’umwana wiwe. Umugororotsi azokwezwa n’ubugororotsi bwiwe, kandi umunyakibi azoharurwako ibibi vyiwe.

21 Ariko umunyakibi niyahindukira akava mu vyaha vyiwe vyose, agakurikiza amabwirizwa yanje yose, agakora ibitunganye n’ibigororotse, nta kabuza azobaho; ntazopfa. 22 Ibicumuro vyose yakoze nta na kimwe kizomuharurwako. Kubera ibikorwa vyo kugororoka azoba yakoze, azobaho. 23 Mbega mwibaza ko nezerezwa n’urupfu rw’umunyakibi? Ni ko Uhoraho Nyeninganji abaza. Mbega sinezerezwa n’uko yova mu ngeso ziwe mbi, akabaho?

24 Ariko noneho, umugororotsi niyava mu bugororotsi bwiwe, agakora ivy’ukugabitanya hamwe n’ibizira nk’ivyo umunyakibi akora, mbega azobaho? Ivy’ukugororoka yakoze vyose nta na kimwe kizokwibukwa, kandi azopfa azize ivyaha yakoze.

25 Kandi muravuga muti: ‘Inzira y’Imana ntigororotse.’ Nimunyumvirize yemwe Bisirayeli: Inzira yanje ntigororotse? Ahubwo inzira zanyu ni zo zitagororotse. 26 Umugororotsi niyava mu nzira ziwe agakora icaha, azokizira; azopfa azize ivyaha azoba yakoze. 27 Ariko umunyakibi niyava mu vyaha vyiwe, agakora ibitunganye n’ibigororotse, azokiza ubugingo bwiwe. 28 Kuko azoba yiyumviriye ku vyo yakoze, hanyuma agahitamwo kubiheba, nta kabuza azobaho; ntazopfa. 29 Ariko Abisirayeli baravuga bati: ‘Inzira y’Imana ntigororotse.’ Mbega inzira zanje ni zo zitagororotse ga mwa Bisirayeli mwe? Inzira zanyu si zo zitagororotse?

30 Ni co gituma, yemwe Bisirayeli, nzobacira urubanza ruhwanye n’ingeso zanyu, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze. Niwihane! Va mu vyaha vyawe vyose; ni ho ivyaha vyawe bitazoba inyanduruko yo kuranduka. 31 Nimute kure ibicumuro vyanyu mwakoze, muhabwe umutima musha n’impwemu nsha. Ni igiki gituma mugomba gupfa, yemwe bantu ba Isirayeli?" 32 Sinezerezwa n’urupfu rw’umuntu n’umwe, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze. Nimwihane, mubone kubaho!

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-