Publicidade

Ezequiel 8

Ibigirwamana mu Ngoro

1 Mu mwaka ugira gatandatu, mu kwezi kwa gatandatu, ku musi wakwo wa gatanu, nari nicaye mu nzu yanje, kandi abatware b’Abayuda bari bicaye imbere yanje, maze ukuboko kw’Uhoraho Nyeninganji kunzako. 2 Ngize gutya mbona ishusho isa n’iy’umuntu. Kuva ahaboneka nko mu rukenyerero rwiwe kumanuka, hasa n’umuriro, haruguru na ho hasa n’icuma gica ibibatsi. 3 Agorora ikintu gisa n’ukuboko, amfata umushatsi. Maze Mpwemu aca arandugana hagati y’isi n’ijuru, ndi muri ukwo kwerekwa n’Imana, anjana i Yerusalemu, mu rwinjiriro rw’irembo ryo mu buraruko mu rugo imbere, ahari hateretse ikigirwamana gituma Uhoraho apfuha. 4 Ubwo nyene imbere yanje, haca haza ubwiza bw’Imana ya Isirayeli, bwari bumeze nk’ubwo nabonye mu kiyaya.

5 Nuko arambwira ati: "Mwana w’umuntu, raba mu buraruko." Ndavyeyo, nca mbona muri rwa rwinjiriro rw’irembo uja ku gicaniro hari ca kigirwamana gituma Uhoraho araka.

6 Arambwira ati: "Mwana w’umuntu, urabona ivyo bariko barakora, ibizira bihambaye Abisirayeli bakora, ibizira bizontuma nigira kure y’Ingoro yanje? Ariko bandanya wegere urabona n’ibindi bizira biruta ivyo."

7 Nuko aca anjana ku rwinjiriro rw’urugo. Ngize gutya, mbona igitoboro mu ruhome. 8 Maze arambwira ati: "Mwana w’umuntu, niwimbe muri urwo ruhome." Nanje ndimba, nca mbona urwinjiriro.

9 Aca arambwira ati: "Injira urabe amabi n’ibizira bariko barahakorera." 10 Nuko ndinjira ndaraba, mbona bashushanije ku mpome zose ubwoko bwose bw’ibikwega inda hasi n’ibikoko bihumanye hamwe n’ibigirwamana vyose vy’inzu ya Isirayeli. 11 Imbere yavyo hari hahagaze abatware b’Abisirayeli mirongo indwi, kandi Yahazaniya mwene Shafani yari ahagararanye na bo. Umwe wese yari afise icotezo mu minwe, kandi umwotsi w’ibimota neza wariko uraduga.

12 Uhoraho ambwira ati: "Mwana w’umuntu, wabonye ivyo abatware b’Abisirayeli bakorera mu mwijima, umwe wese i ruhande y’ibishushanyo vyiwe? Bibwira bati: ‘Uhoraho ntatubona, iki gihugu yaragihevye.’ " 13 Yongera ambwira ati: "Uraza kubona n’ibindi bizira bikomeye bakora."

14 Hanyuma aca anjana ku rwinjiriro amaja mu buraruko bw’Ingoro y’Uhoraho, nca mbona abagore bicayeho, baririra igishusho c’imana yitwa Tamuzi. 15 Arambwira ati: "Ivyo wabibonye ga mwana w’umuntu? Uraza kubona n’ibindi bizira biruta ivyo."

16 Nuko aca anyinjiza imbere mu rugo rw’Ingoro y’Uhoraho. Mu rwinjiriro rwayo, hagati y’umuryango n’igicaniro c’umwakaka, hari abagabo mirongo ibiri na batanu. Bari bateye umugongo urusengero, baraba mu buseruko, bunamira izuba.

17 Arambaza ati: "Ivyo wabibonye ga mwana w’umuntu? Mbega ab’inzu ya Yuda bibaza ko gukorera ibizira nk’ibi ngaha ari ibintu bisanzwe? Igihugu cabo bakacuzuzamwo umuryano, bagatuma mbandanya nuzura uburake? Ehe raba ingene bashira inengo ku zuru ngo bandatse. 18 Ni co gituma nanje nzobarakira; sinzobarabana ijisho ry’imbabazi, kandi nta n’umwe ntazoshikira. Naho bazontakambira mu matwi n’ijwi rirenga, sinzobumva."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-