Publicidade

Ezequiel 41

1 Hanyuma wa muntu anjana mu cumba gikuru c’Ingoro, apima impome zari ku mpande zompi z’inzira yaja muri ico cumba: zapima ingero z’igice c’ukuboko zitandatu z’ubwaguke, 2 n’ingero z’igice c’ukuboko cumi z’uburebure bw’amakika, hamwe n’ingero z’igice c’ukuboko zitanu kuva ku ruhome rumwe gushika ku rundi. Iyo Ngoro yari ifise ingero z’igice c’ukuboko mirongo ine z’uburebure bw’amakika, n’ubwaguke bw’ingero z’igice c’ukuboko mirongo ibiri.

3 Maze yinjira mu cumba co haruguru, apima inkingi z’umuryango; imwimwe yose yari ifise ingero z’igice c’ukuboko zibiri z’ubwaguke, n’ingero z’igice c’ukuboko zitandatu z’uburebure bw’amakika, kandi uburebure bwo kuva ku muryango gushika ku zindi mpome bwari ingero z’igice c’ukuboko indwi. 4 Apima ubwaguke bw’ico cumba c’imbere, asanga kingana n’ingero z’igice c’ukuboko mirongo ibiri ku ruhande rwose kandi impande zose zarangana. Maze aca ambarira ati: "Aha ni Ahera Cane."

5 Yongera apima uruhome rw’Ingoro, asanga rupima ingero z’igice c’ukuboko zitandatu z’ubwaguke, utwumba tw’ububiko twari dufise ingero z’igice c’ukuboko zine z’ubwaguke, dukikuje urusengero impande zose. 6 Kandi utwo twumba two ku ruhande twari tugerekeranye ku buryo tuba amagorofa atatu, umurongo wose uriko utwumba mirongo itatu. Impome zatwo zari zegeranye n’uruhome rw’inyuma rw’Ingoro ariko zikikuje impande zose z’Ingoro, kugira ngo ntitwegamire kuri rwo. 7 Utwo twumba twari dukikuje Ingoro, uko twari tugerekeranye ni ko twarutana. Inyubako ikikuje urusengero yari yubatswe mu buryo igenda iraduga, ku buryo utwo twumba twagenda twaguka uko umuntu aduga. Hariho ingazi iyo uriko uraduga ujana igenda iduga kandi izunguruka ikikuje urusengero, mu kuja mu twumba two hejuru ugaca mu two hagati.

8 Hanyuma mbona ko iyo ngoro ifise urufatiro rurenze gatoya ku ruhome, rukaba n’urufatiro rwo ku ruhande rw’utwo twumba. Uburebure bw’igihagararo bw’urwo rufatiro rwari ingero z’igice c’ukuboko zitandatu. 9 Ubwaguke bw’urwo ruhome rw’inyuma rwariko utwo twumba bwari ingero z’igice c’ukuboko zitanu z’ubwaguke. Umwanya wasigara hagati y’utwo twumba two ku ruhande 10 n’utwumba tw’abaherezi wari ingero z’igice c’ukuboko mirongo ibiri z’ubwaguke uzungurutse urusengero. 11 Imiryango y’utwo twumba yari iraba ku mbuga, umuryango umwe uraba mu buraruko, uwundi uraba mu bumanuko. Ahari hatubatse hagati y’amazu hari ingero z’igice c’ukuboko zitanu z’ubwaguke.

12 Inzu yari imbere y’ahatubatse haherereye mu burengero bw’urusengero, yari ifise ingero z’igice c’ukuboko indwi z’ubwaguke. Impome zayo zari zifise intimba ingana y’ingero z’igice c’ukuboko zitanu, uburebure bw’iyo nzu na bwo bwangana n’ingero z’igice c’ukuboko mirongo icenda.

13 Maze apima urusengero; rwari rufise ingero z’igice c’ukuboko ijana z’uburebure bw’amakika, kandi kuva kuri rwo ugaca ku mbuga yari irukikuje harimwo n’impome z’uruzitiro, hari ingero z’igice c’ukuboko ijana z’uburebure. 14 Imbuga yo ku ruhande rwo mu buseruko bw’urusengero ifatanye n’imbere y’urusengero hari hafise ubwaguke bw’ingero z’igice c’ukuboko ijana.

15 Maze apima uburebure bw’inyubakwa irabana n’imbuga y’imbere y’urusengero, harimwo n’amabaraza yarwo ku mpande zose; yari ifise ingero z’igice c’ukuboko ijana.

Mu rusengero, ahanini habera amakoraniro, n’ibaraza vyose vyaraba kuri iyo mbuga, 16 hamwe rero n’urugi n’amadirisha vyari imbere mu rusengero, no mu mabaraza akikuje ku mazu agerekeranye atatu atatu, no mu muryango hose, igisenge caho cari gikozwe mu mbaho, kandi uhereye hasi, ukaduga ku mpome gushika ku madirisha no hejuru yayo hari hapfukishije imbaho. 17 Inyuma n’imbere mu Ngoro, kuva mu rwinjiriro gushika ku cumba c’inyuma, impome zari zishushanijweko ibisharizo. 18 Vyari bishushanijweko abakerubi, n’ibigazi. Ikigazi cose cakurikirana n’umukerubi, kandi umukerubi wese yari afise mu maso habiri. 19 Mu maso hamwe hari hameze nk’ah’umuntu, hakaraba ku kigazi co ku ruhande rumwe, ahandi hari hameze nk’ah’intare hakaraba ku kindi kigazi co ku rundi ruhande. Vyari bishushanije ku mpande zose z’Ingoro. 20 Kuva hasi gushika hejuru y’umuryango hari hashushanije abakerubi n’ibigazi. Uko ni ko impome zose z’Ingoro zari zishushanijweko.

21 Ibishimaryango vy’umuryango w’Ingoro vyari bifise impande zingana, kandi n’ivy’urugi ruja Ahera Cane vyangana n’ivyo. 22 Hariho igicaniro cabajwe mu giti, cari gifise ingero z’igice c’ukuboko zitatu z’uburebure, n’ingero z’igice c’ukuboko zibiri z’ubwaguke, kandi impande zose zarangana: imfuruka zaco, aho giterekwa hamwe n’impande zaco vyari bikozwe mu mbaho. Uwo muntu arambarira ati: "Iyi ni imeza iri imbere y’Uhoraho." 23 Kandi Ingoro hamwe n’Ahera Cane vyari bifise inzugi zibiri. 24 Urugi rumwerumwe rwose rwari rugabuwemwo zibiri zugururwa zija ku mpande zose. 25 Inzugi zo ku Ngoro zari zishushanijeko abakerubi n’ibigazi nka bimwe bishushanije ku mpome, kandi imbere y’umuryango hari ubwicaro bukozwe mu mbaho. 26 Kandi ku mpande zose z’umuryango hari amadirisha matomato akingiwe n’ivyuma, hamwe n’ibigazi bishushanije.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-