Publicidade

Ezequiel 16

Yerusalemu, umugore w’umusambayikazi

1 Ijambo ry’Uhoraho ryatumwe kuri jewe riti: 2 "Mwana w’umuntu, hangana n’ababa i Yerusalemu, ubamenyeshe ibizira bakora, 3 ubabwire uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji abwiye Yerusalemu: Inkomoko yawe n’amavukiro yawe ni mu gihugu c’i Kanani; so wawe yari Umumori, nyoko wawe na we yari Umuhetikazi. 4 Umusi uvuka, uruzogi rwawe ntirwaciwe, kandi nta wakwogeje n’amazi ngo use neza, nta n’uwagusize umunyu canke ngo akwambike impuzu nziza. 5 Nta wakurabanye imbabazi, canke ngo akugirire impuhwe maze ngo agukorere na kimwe muri ivyo. Ahubwo watawe mu gahinga, kuko umusi uvuka wari ugayitse.

6 Maze nguciye i ruhande, ndakubona wigaragura mu maraso yawe, ukibiryamyemwo ndakubwira nti: Baho! 7 Naragukujije nk’igiterwa co mu murima, urakura, ugira ubwiza bw’agatangaza. Amabere yawe arasonga, umushatsi wawe urakura, naho wari ukiri gusa, ugenda amenya.

8 Mu nyuma naguciye i ruhande, ndakuravye nsaga urageze kuronka uwugukunda, nzingurura umutamana wanje ndagupfuka, mpisha ubwambure bwawe. Maze ndakurahira indahiro ku mugaragaro, ngirana isezerano ry’ubugeni nawe, ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze, uba ubaye uwanje.

9 Nca ndakwoza, nguhanagura amaraso, mpejeje ndagusiga amavuta atamirana. 10 Hanyuma nkwambika impuzu zera derere z’agaciro kanini, zisharije neza, nkwambika n’ibirato bikozwe mu nsato z’impene ziremvye. 11 Nakwambitse utugenegene twiza: ibisharizo vyo ku maboko, ibirezi vyo mw’izosi, 12 impeta yo ku zuru, amahereni ku matwi, n’urugori rw’ubwamikazi ku mutwe. 13 Wari usharijwe n’inzahabu n’ifeza, imyambaro yawe yari yera derere kandi y’agaciro kanini, isharije cane. Ivyokurya vyawe vyari vyizavyiza, ubuki, amavuta ya elayo hamwe n’ifu inoze neza. Wari mwiza cane, kandi wari ubereye kuba umwamikazi. 14 Ubwiza bwawe bwatumye uba rurangiranwa mu mahanga, kuko icubahiro naguhaye catumye ubwiza bwawe buba agahebuza, ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze.

15 Ariko wahavuye wishimira ubwiza bwawe, ukumenyekana kwawe gutuma uba maraya. Wihaye uwurengana wese, ubwiza bwawe buba ubw’uwo wese ahita. 16 Wafashe umwe mu myambaro yawe, wiyubakiramwo ibibanza vyo gusengeramwo ibigirwamana mu mataba y’imisozi, aho ukorera ubumaraya. Ibintu nk’ivyo ntivyari bwigere biba! Mbega ivyo vyashitse gute? 17 Warongeye ufata ibisharizo vyose vy’agaciro naguhaye, vyari vyakozwe mu nzahabu no mw’ifeza, wicuriramwo ibishushanyo vy’abagabo, ugirana ubumaraya na vyo. 18 Ufata imyambaro isharije naguhaye uravyambika, ubishikanira amavuta yanje hamwe n’ibiturirwa bikamota neza vyose naguhaye. 19 Ivyokurya nari naguhaye ngo abe ari vyo urya: ifu inoze neza, amavuta ya elayo hamwe n’ubuki, wabibishikaniye nk’ibiturirwa bikamota neza. Ng’ivyo ivyo wakoze, ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze.

20 Wageretseko, ufata abahungu n’abakobwa wari wamvyariye, ubashikanira ibigirwamana nk’infungurwa zavyo. Mbega ubumaraya bwawe ntibwari buhagije? 21 Wakereye abana banje, ubashikanako ibimazi ku bigirwamana. 22 Muri ivyo bizira vyose n’ubwo bumaraya, ntiwigeze wibuka imisi y’ubuto bwawe, igihe wari gusa ugenda amenya, wigaragura mu maraso yawe.

23 Uragowe! Uragowe, ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze. Ikigeretse kuri ivyo bibi wakoze, 24 wiyubakiye ikibanza co gusengeramwo nk’ic’abanyamahanga, ushira igicaniro ahantu hose hakoranira abantu. 25 Wubatse utunyabugoro ku mayirabiri hose, uhumanya ubwiza bwawe, wegurira umubiri wawe ubusambanyi hamwe n’uwuhita wese butagira ingene bwovugwa. 26 Wisutse mu bumaraya n’Abanyegiputa, ari bo babanyi bawe buzuye ukwipfuza, maze utuma ubusambanyi bwawe bwinshi bundatsa. 27 Ni ho nakuramvurirako ukuboko kwanje, ngabanya igihugu cawe; ndakurekurira mu maboko y’abansi bawe, ari bo Bafilisitiya, bari batewe isoni n’ingeso mbi zawe. 28 N’Abashuri wagiranye ubumaraya na bo, kuko usanzwe utanyurwa; kandi umaze kubana na bo mu bumaraya, ntiwanyuzwe. 29 Wagwije ubusambanyi bwawe na Babiloni, igihugu c’abadandaza, ariko na ho nyene ntiwanyuzwe.

30 Ese ukuntu umutima wawe wapfuye, ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze, vyatumye ukora ibisa gutyo, ukigenza nka maraya atakigira udusoni! 31 Iyo wubatse ibibanza vyo gusengeramwo ibigirwamana mu mayirabiri, ukubaka ibicaniro ahahurira abantu hose, wari ubaye maraya, mugabo atameze nk’abandi bamaraya kuko wewe nta n’amahera waka.

32 Ewe wa mugore we w’umusambanyikazi! Uhitamwo abagabo b’abanyamahanga ukabarutisha umugabo wawe bwite! 33 Abamaraya bose bahabwa ingabire, ariko weho uha ingabire abagusambanya, kugira ngo ubikwegereko ubakuye ahatandukanye, ngo baze mu busambanyi bwawe. 34 Mu bumaraya bwawe utandukanye n’abandi; nta wugukurikira akurondera. Utandukanye n’abandi kuko wewe, ni wewe uhemba abagusambanya kandi nta na kimwe wewe uhabwa.

35 None rero ewe maraya, niwumve ijambo ry’Uhoraho! 36 Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Ko wasesaguye ubutunzi bwawe, ukiyambika ubusa mu gusambana n’abo wishakiye bose, kandi kubera ubuyobe bw’ibigirwamana vyawe, hamwe n’amaraso y’abana bawe wahaye ivyo bigirwamana, 37 ngiye kwegeranya abo bose wikundiye, abaguha umunezero, abo wakunze n’abo wanse. Nzobegeranya bave mu mihingo yose, ndakwamburire imbere yabo bose, babone ubwambure bwawe bwose. 38 Nzogucira igihano c’umugore yasambanye, akongera agasesa amaraso. 39 Nzoheza ndaguhereze abo wikundiye, basenyagure ibibanza vyawe vyo gusengeramwo n’ibicaniro vyawe. Bazokwambura impuzu zawe, bagutware udusharizo twawe, bagusige wambaye ubusa. 40 Bazokwongera bazanane n’isinzi ry’abantu bagutere amabuye, bagusogote inkota. 41 Bazoturira inzu yawe, baguhanire imbere y’abandi bagore benshi. Ubumaraya bwawe nzobuherengeteza, kandi ntuzoba ugisubira guha impembo abakunzi bawe. 42 Ni ho uburake bwanje buzohwama, ishavu n’umujinya bikakuvako; maze nzotekana, sinzosubira kukurakira.

43 Kuko utibutse ubuto bwawe ahubwo ukandakisha ibi vyaha vyose, nzogusubiriza mu nkoko ibihwanye n’ivyaha vyawe vyose, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze. Kuko kuri ivyo vyaha wongeyeko ibikorwa bigayitse.

44 Abaca imigani bose bazohora bavuga bati: Umukobwa amera nka nyina. 45 Vy’ukuri uri umukobwa yuzuye wa nyoko, agaya umugabo n’abana; kandi uri umuvukanyi wa benewanyu koko, bagaya abagabo babo n’abana babo. Nyoko yari Umuhetikazi so na we yari Umumori. 46 Mukurwawe mukuru yari Samariya, yaba mu buraruko hamwe n’abakobwa biwe; kandi murumunawe mutoya na we yaba mu bumanuko, n’abakobwa biwe, yari Sodomu. 47 Ntiwagendeye mu ngeso zabo gusa, ahubwo wakoze ibikorwa bigayitse kurusha ivyabo, uca uba mubi kubarusha kure n’iyo. 48 Ni ukuri nk’ukubaho kwanje, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze, mwenewanyu Sodomu n’abakobwa biwe ntibigeze bakora nk’ivyo mwe n’abakobwa bawe mwakoze.

49 Iki ni co caha ca mwenewanyu Sodomu: we n’abakobwa biwe bari buzuye ubwibone, bakarya cane; ntibitaho aboro n’abakene. 50 Barishima cane, bagakorera ibizira imbere yanje. Ni co catumye ndabakuraho nk’uko wabibonye. 51 Samariya ntiyakoze n’ica kabiri c’ivyaha wakoze. Wakoze ibizira vyinshi kubasumvya, noneho bituma benewanyu basa nk’aho ari abagororotsi kugusumvya kubera ibibi vyose wakoze. 52 Wari ukwiye kumaramara, kuko watumye benewanyu baboneka nk’aho batari bakwiye gutsindwa n’urubanza. Ivyaha vyawe vyabaye vyinshi cane gusumba ivyabo, bituma umenga ni abagororotsi kugusumvya. None rero, niwuzure ibimaramare, kuko watumye baboneka nk’abagororotsi.

53 Ariko umusi umwe nzosubiza ibintu vyabo mu buryo, ivya Sodomu n’ivy’abakobwa biwe, hamwe n’ivya Samariya n’ivy’abakobwa biwe, kandi n’ivyawe nzobisubizanya mu buryo n’ivyabo, 54 kugira ngo nawe uzogire isoni, umaramazwe no kubona benewanyu bagirirwa neza kubera ivyaha vyawe. 55 Abo muvukana, Sodomu n’abakobwa biwe hamwe na Samariya n’abakobwa biwe, bazosubira kuba nk’uko bahora kera; kandi nawe n’abakobwa bawe muzosubira kuba nk’uko mwahoze kera. 56 Mu misi y’ubwibone bwawe ntiwigera ucisha mu kanwa mwenewanyu Sodomu, 57 imbere y’uko ububi bwawe buja ahabona. Kandi n’aho biri uko, ubu ushinyagurizwa n’abakobwa ba Edomu bari kumwe n’ababanyi biwe, hamwe n’abakobwa b’Abafilisitiya. 58 Ibizira n’ivyaha vyose wakoze uzobihanirwa, ni ko Uhoraho avuze.

59 Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Nzogusubiriza mu nkoko ibikwiranye n’ivyo wakoze, kuko wakengereye indahiro yanje, ukava mw’isezerano nakugiriye. 60 Ariko nzokwibuka isezerano nakugiriye mu buto bwawe, nsubizeho isezerano ritazovaho. 61 Ni ho uzokwibuka ingeso zawe, wongere umaramazwe no kwakira benewanyu, mukurwawe na murumunawe. Nzobaguha nk’abakobwa bawe, ariko ivyo nta ho bihuriye n’isezerano nagiranye nawe. 62 Nuko nzokomeza isezerano ryanje nawe, maze uzomenya ko ndi Uhoraho. 63 Ninamara kugutangira impongano y’ivyaha wakoze vyose, uzovyibuka umaramare, wifate ku munwa kubera isoni, ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze.’ "

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-