Publicidade

Lamentações 2

1 Ese ukuntu Imana yatwikirije umukobwa w’i Siyoni

igicu c’uburake bwayo!

Yahomvoreye hasi ubwiza bwa Isirayeli,

ibukura mw’ijuru ibukororera mw’isi;

ntiyibutse indava y’ibirenge vyayo

ku musi w’uburake bwayo.

2 Imana yamize miyonzwa

imihana ya Yakobo;

mu burake bwayo yasubije hasi

ahazitijwe inzitiro z’umukobwa w’i Buyuda.

Kandi ubwami bwaho n’abaganwa baho

yabisenyuriye hasi biri mu biteterwe.

3 Mu burake bwayo bw’inkazi yavunye

ihembe ryose ry’Abisirayeli.

Yakuyemwo ukuboko kwayo kw’i buryo

igihe umwansi yari yegereje.

Mu ba Yakobo yatse kurya kw’umuriro utongora

uturira ibintu vyose biri i ruhande yawo.

4 Yafoye umuheto wiwe nk’umwansi,

ukuboko kwiwe kw’i buryo kuriteguye.

Yabaye nk’umwansi mu kwica

abantu bose b’igikundiro;

yasutse uburake bwiwe nk’umuriro

kw’ihema ry’umukobwa w’i Siyoni.

5 Imana yabaye nk’umwansi;

yamize Isirayeli atamuhekenye.

Yamize adahekenye ibirimba vyaho

asenyurira hasi inyubako zaho zikomeye.

Yagwije ikigandaro n’ugucura intimba

ku mukobwa w’i Buyuda.

6 Yasambuye aho yaba hahinduka agahinga,

yasambuye ikibanza ciwe c’amakoraniro.

Uhoraho yatumye i Siyoni hibagira

imisi mikuru yategekanijwe yaho n’amasabato;

mu bushangashirwe bwiwe yakengereye

umwami n’umuherezi.

7 Uhoraho yashiburiye kure igicaniro ciwe

yahevye ahera hiwe.

Inzitiro z’ibirimba vyiwe yabirekuriye

mu maboko y’umwansi;

bavugirije akamo mu Ngoro y’Imana

nk’uko vyahora mu gihe c’umusi mukuru washinzwe.

8 Uhoraho yahisemwo gusambura

uruzitiro rukikije umukobwa w’i Siyoni.

Yagoroye umugozi wo gupima

kandi ntiyabujije ukuboko kwiwe ngo ntigusambure.

Yahinduye impome n’inzitiro agacurantimba;

vyose vyahindutse umusaka.

9 Amarembo yaho yasenyukiye hasi;

ibihindizo vyayo vyaravunaguwe birasamburwa.

Umwami waho n’abaganwa bacitse inyagano mu mahanga,

nta vyagezwe bikiriho,

kandi abavugishwa baho ntibakibona

ivyo berekwa bivuye k’Uhoraho.

10 Inararibonye z’umukobwa w’i Siyoni

zicaye hasi, ntibakurako umunwa;

bisuriye umukungugu ku mitwe

bambara amagunira.

Abakobwa b’i Yerusalemu

bunamitse imitwe yabo mw’ivu.

11 Amaso yanje ananiwe no kurira,

muri jewe huzuye uruhagarara,

umutima wanje usutswe hasi kw’isi

kuko abantu banje basanganguwe,

kuko abana n’inzoya bapfira

mu mabarabara yo mu gisagara.

12 Babwira ba nyina bati:

"Umukate n’umuvinyu biri hehe?"

mu gihe bariko bararaba nk’abakomeretse

mu mabarabara y’igisagara,

maze ubuzima bukabavamwo

bari mu maboko ya ba nyina.

13 Mbega mvuge iki kuri wewe?

Mbega nokugereranya n’iki,

ga yewe mukobwa w’i Yerusalemu?

Nogushushanya n’iki,

kugira ngo nshobore kukuremesha,

ga yewe mukobwa w’i Siyoni?

Igikomere cawe gishika kure nk’ikiyaga.

None ni nde yogukiza?

14 Ivyo abavugishwa bawe beretswe

vyari ibinyoma bitagira akamaro;

ntibakweretse icaha cawe

ngo bigukize kujanwa uri inyagano.

Ivyo bavugishijwe imbere yawe

vyari ibinyoma bizimiza.

15 Abaca aho uri

bifata ku munwa;

bakavuza agahwa bazunguza imitwe

ku bw’umukobwa w’i Yerusalemu bati:

"Iki ni ca gisagara citwa

ubwiza busumba ubundi bwose,

umunezero w’isi yose?"

16 Abansi bawe bose barasamye

kandi basamira wewe;

bavuza agahwa bagahekenya amenyo

bavuga bati: "Twamumize tutamuhekenye.

Uyu ni wa musi twari turindiriye;

twabayeho ngo tuwubone."

17 Uhoraho yakoze ivyo yari yarateguye;

yashikije ijambo ryiwe,

iryo yari yaravuze kera.

Yaragusambuye ata kagongwe,

yatumye umwansi anezererwa ivyago vyawe,

yashize hejuru ihembe ry’abansi bawe.

18 Imitima y’abantu

itakambira Imana.

Yewe nzitiro z’umukobwa w’i Siyoni,

amosozi yawe nacuncubuke nk’uruzi

ku murango no mw’ijoro;

kandi nturuhuke,

n’amaso yawe ntaruhuke.

19 Va hasi, boroga mw’ijoro,

abateramyi bagitangura;

suka umutima wawe nk’amazi

imbere y’Imana.

Mumutarikire ibiganza

kubera ubuzima bw’abana banyu,

baraba kubera inzara

ku mpande zose z’amabarabara.

20 "Raba, yewe Uhoraho, kandi ubibabare:

Ni nde wigeze ugirira nk’ibi?

Mbega abagore borya abana bivyariye,

abana birereye?

Abaherezi n’abavugishwa bokwicirwa

mu Ngoro y’Imana?

21 Abana n’abakuze barambaraye hamwe

mu mukungugu wo mu mabarabara;

abasore banje n’abigeme

bishwe n’inkota.

Wabasogose ku musi w’uburake bwawe;

ubacumita ata kagongwe.

22 Nk’uko utumira abantu ku musi mukuru,

ni ko watumiye abaza kuntera ubwoba impande zose.

Ku musi w’uburake bwawe

nta n’umwe yashoboye guhunga canke ngo asigare;

abo nivyariye nkabirerera,

umwansi wanje yarabariritse."

Veja também

Publicidade
Lamentações
Ver todos os capítulos de Lamentações
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-