Publicidade

Lamentações 4

1 Ese ukuntu inzahabu yacuye,

inzahabu nziza yataye ubwiza bwayo!

Amabuye y’urusengero yandagaye hasi

mu mayira no mu mpande zose.

2 Ese ukuntu abahungu beza b’i Siyoni,

bahora baremereye nk’inzahabu,

ubu bameze nk’inkono z’ibumba,

igikorwa c’amaboko y’umubumvyi!

3 N’imbwebwe zironsa

mu kugaburira ivyana vyazo,

ariko abantu banje babaye abatagira umutima

bameze nk’ikinyoni citwa otirishe mu bugaragwa.

4 Kubera inyota ururimi rw’uruhinja

rwafatanye n’amagage;

abana barasega umukate,

ariko nta n’umwe abaha na mba.

5 Abahora barya ibishwashwagira

bishwe n’inzara mu mayira.

Abakuze bambara impuzu z’inyambarabami

ubu barara ku magunira y’imyavu.

6 Igihano c’abantu banje

kirengeye ic’ab’i Sodomu,

bamwe barandurwa mu kanya isase

ata wo kubatabara.

7 Abaganwa baho barera derere kurusha shelegi

mbere barera kurusha n’amata,

imibiri yabo yari ikomeye nk’amabuye,

mu maso habo basa n’ibuye ry’agaciro ryitwa lapisi lazuli.

8 Ariko ubu barirabura kurusha umwijima w’umuzitanya;

mu nzira nta wushobora kubamenya.

Urukoba rwabo rwafatanye n’amagufa yabo;

rwarumye nk’inkoni.

9 Abicwa n’inkota bapfa neza kuruta

abicwa n’ikigoyi.

Kubera gusonza, barapfa

bishwe no kubura ivyokurya vyo mu mirima.

10 Abagore, naho bagirira impuhwe abana babo,

barabatetse n’amaboko yabo,

maze barabarya

igihe abantu banje bariko barahona.

11 Uhoraho yadusutseko uburake bwiwe bwose;

yarekuye uburake bwiwe bwaka nk’umuriro.

Yadometse umuriro i Siyoni

uturira amatanguriro yaho.

12 Abami bo mw’isi ntibavyizera,

canke umuntu n’umwe wo mu baba kw’isi,

ko abansi n’abakeba boshobora kwinjira

amarembo y’i Yerusalemu.

13 Ariko vyashitse kubera ivyaha vy’abavugishwa b’aho

n’ukugabitanya kw’abaherezi b’aho,

bahasheshe

amaraso y’abagororotsi.

14 Bagendagenda mu mayira y’aho

nk’abantu b’impumyi.

Bahumanijwe n’amaraso

ku buryo ata n’umwe yubahuka gukora no ku mpuzu zabo.

15 Abantu barasemerera bati: "Igirayo! Murahumanye!"

"Nimuje kure! Nimuje kure! Ntimudukoreko!"

Bariko barahunga bangara,

abantu bo mu mahanga bavuga bati:

"Ntibagikwiye kuguma hano na gatoya."

16 Uhoraho ubwiwe ni we yabasabagije;

ntakiri umwungere wabo.

Abaherezi ntibacubahwa,

n’inararibonye ngo zigirirwe akagongwe.

17 Vyongeye, amaso yacu yaruhijwe

no kwitega ugutabarwa kandi kutari buboneke;

twarerekeye ku minara yacu

turaba ihanga ritashobora kudutabara.

18 Abantu baguma bareretse intambuko zacu zose,

kubera ivyo ntitwacaruka ngo tugendagende mu mabarabara iwacu.

Iherezo ryacu ryari hafi, imisi yacu yari iharuwe,

kuko iherezo ryacu ryari rishitse.

19 Abaduhiga banyaruka

nk’inkona mu kirere;

badukinagiza ku misozi

kandi batubundiye mu bugaragwa.

20 Uwasizwe amavuta n’Uhoraho, ari we ubugingo bwacu bwenenako,

yafashwe n’imitego yabo.

Twiyumvira ko musi y’igitutu ciwe

ari ho tuzoba turi mu mahanga.

21 Nezerwa kandi uhimbarwe, yewe mukobwa w’i Edomu,

wewe uba mu gihugu c’i Uzi.

Ariko na wewe igikombe cawe kizoza;

uzoborerwa, ute impuzu ugende gusa.

22 Igihano cawe kizohera, yewe mukobwa w’i Siyoni;

ntazokwongereza igihe cawe co kuba mu kinyago.

Ariko azohana ivyaha vyawe, wewe mukobwa w’i Edomu,

agaragaze ububi bwawe.

Veja também

Publicidade
Lamentações
Ver todos os capítulos de Lamentações
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-