1 ‘Muri ico gihe,’ ni ko Uhoraho avuze, ‘amagufa y’abami n’abaganwa b’i Buyuda, ay’abaherezi n’ay’abavugishwa n’Imana, hamwe n’ay’abantu b’i Yerusalemu bose, azozurwa akurwe mu mva zayo. 2 Azokwanikirwa ku zuba, ku kwezi no ku nyenyeri zose zo kw’ijuru; ibigirwamana bakunze bakabikorera kandi ivyo bakurikiye, bakabisiguza, mbere bakanabisenga. Ntazokwegeranywa ngo asubire ahambwe, ahubwo azomera nk’amase ashanjwe kw’isi. 3 Aho nzobirukanira hose, abantu b’amasigarira bazoba barokotse bo muri iri hanga rikora ibizira bazohitamwo gupfa kuruta kubaho, ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.’
4 Babwire uti: ‘Uku ni ko Uhoraho avuze:
Iyo abantu baguye hasi, mbega ntibavyuka?
Canke iyo umuntu ataye inzira, mbega ntagaruka?
5 None ni kuki aba bantu banteye ibitugu?
Mbega ni kuki ab’i Yerusalemu bamvuyeko?
Bumiye ku majambo y’uruhendo;
baranse kugaruka.
6 Narabumvirije neza,
ariko ntibavuga ibigororotse.
Nta n’umwe yihana ububi bwiwe,
ngo avuge ati: "Ibi nakoze ni ibiki?"
Umwe wese ajana inzira yiwe ubwiwe
nk’ifarasi igiye mu ntambara.
7 Mbere n’agasoza kari mu kirere
karazi ibihe kashingiwe,
kandi n’inuma, intamba n’umusambi
bikurikiza ibihe vyo kuva ahantu bija ahandi.
Ariko abantu banje ntibazi
ivyo Uhoraho ashaka.
8 Ni kuki muvuga muti: "Turi abanyabwenge,
kuko dufise Ivyagezwe vy’Uhoraho,"
kandi ikaramu y’ikinyoma y’abanyabwenge b’ivyanditswe
yarabihinduye ikinyoma?
9 Abanyabwenge bazomaramara;
bazoterwa n’ubwoba kandi bazofatwa mu mutego.
Ko bataye ijambo ry’Uhoraho,
bafise ubwenge nyabaki?
10 Ni co gituma nzotanga abagore babo nkabaha abandi bagabo
n’amatongo yabo nkayaha abandi.
Kuva ku muto gushika ku mukuru,
bose bafise umunoho w’amaronko; kandi
kuva ku muvugishwa gushika ku muherezi,
bose ni abanyabinyoma.
11 Bavura igikomere c’abantu banje
nk’aho kitababaje;
bakavuga ngo: "Ni amahoro, ni amahoro,"
kandi ata mahoro ariho.
12 Mbega none boba bamaramazwa n’inyifato yabo igayitse?
Oya na mba nta soni bafise;
mbere ntibazi no kumaramara ico ari co.
Ni co gituma bazogwa aho abandi baguye;
bazotemba igihe nzoba ndiko ndabahana,
ni ko Uhoraho avuze.
13 Nzotwara ivyimburwa vyabo,
ni ko Uhoraho avuze.
Nta nzabibu zizokwama ku mizabibu.
Nta nsukoni zizokwama ku misukoni,
kandi amababi yavyo azokabirana.
Ivyo nabahaye
bazovyakwa.’ "
14 Ni kuki twicaye hano?
Nimwegerane!
Reka duhungire mu bisagara bizitijwe inzitiro
maze duhonereyo!
Kuko Uhoraho Imana yacu yaduciriye urwo gupfa
maze akaduha amazi arimwo uburozi ngo tuyanywe,
kuko twamucumuyeko.
15 Twari twizigiye amahoro
ariko nta ciza catujeko,
twari twiteze igihe co gukiza
ariko twabonye ibidutera ubwoba gusa.
16 Imirindi y’amafarasi y’umwansi
yumvikanira i Dani;
umurindi w’ibinono vyayo
binyiganyije igihugu cose.
Baraje gukomvomvora
igihugu n’ibiri muri co vyose,
igisagara n’abari muri co bose.
17 "Raba, nzorungika inzoka z’ubumara muri mwebwe,
incira zidashobora kugundwa,
kandi zizobakomora,"
ni ko Uhoraho avuze.
18 Yewe wewe undemesha mu mibabaro,
umutima wanje ucikiye intege muri jewe.
19 Umve uko abantu banje bariko baraboroga
bari mu gihugu ca kure:
bati: "Mbega Uhoraho ntari i Siyoni?
Mbega Umwami waho ntakiriho?"
"Ni kubera iki banteye ishavu bakandakisha ibishushanyo vyabo,
n’imana zabo zidashoboye z’inyamahanga?"
20 "Iyimbura riraheze,
ici rirarangiye,
kandi natwe ntitwakize."
21 Ko abantu banje bamenaguwe, nanje ndamenaguwe;
ndagandaye, kandi nishwe n’agahinda.
22 Mbega i Gileyadi nta muti wo gusomora uriyo?
Nta muganga ariyo?
None ni kuki ata gukira
kw’igikomere c’abantu banje?