Publicidade

Jeremias 46

Ubutumwa kuri Egiputa

1 Iri ni ryo jambo Uhoraho yatumye kuri Yeremiya uwavugishwa n’Imana ryerekeye amahanga ngo:

2 Ku vyerekeye Egiputa:

Ubu ni bwo butumwa butumwe ku ngabo za Farawo Neko umwami wa Egiputa, zanesherejwe i Karikemishi ku ruzi Efurate na Nebukadineza umwami w’i Babiloni, mu mwaka ugira kane Yehoyakimu mwene Yosiya umwami w’i Buyuda ari ku ngoma:

3 "Tegura inkinzo zanyu, nini na ntoya,

maze mugende mu ntambara!

4 Shira amatandiko ku mafarasi,

mutegure imikogote!

Fata ibibanza

mwambare inkofero!

Karisha amacumu,

mwambare ibigwanisho!

5 Mbega mbona iki?

Batekewe n’ubwoba,

basubije umugongo inyuma,

abahizi babo baraneshejwe.

Bahunze isabagire

bataraba inyuma,

kandi hari ibiteye ubwoba impande zose,

ni ko Uhoraho avuze.

6 Unyaruka cane ntashobora guhunga

kandi umunyenkomezi ntashobora gukira urugamba.

Mu buraruko bw’uruzi Efurate

baratsitaye kandi baratemvye.

7 Uwo ni nde ava hasi nk’uruzi Nili,

nk’inzuzi z’amazi asebuye?

8 Egiputa hahagurutse nk’uruzi Nili,

nk’inzuzi z’amazi asebuye.

Haravuga ngo: ‘Nzova hasi maze nkwire isi;

nzosangangura ibisagara n’abantu bavyo.’

9 Nimugende, yemwe mafarasi!

Munyaruke, yemwe abagendera ku mikogote!

Nimuje imbere yemwe bahizi,

bagabo b’i Kushi n’i Puti mwitwaje inkinzo,

bagabo b’i Ludiya bitwaje imiheto.

10 Ariko uwo musi ni uw’Umwami, Uhoraho Mushoboravyose,

umusi wo kwihora, wo kwihora abansi biwe.

Inkota izorya gushika ihaze,

gushika yimaze inyota y’amaraso.

Kuko Umwami, Uhoraho Mushoboravyose, azotanga ikimazi

mu gihugu co mu buraruko i ruhande y’uruzi Efurate.

11 Duga uje i Gileyadi wironkere umuti wo gusomora,

yewe mukobwa wa Egiputa.

Ariko ugwiriza imiti ubusa;

nta gukira kuri kuri wewe.

12 Amahanga azokwumva ibimaramare vyawe;

n’amaborogo yawe bizokwuzura isi.

Umuhizi azotsitara ku wundi muhizi;

bose bazogwira hasi rimwe."

13 Ubu ni bwo butumwa Uhoraho yabwiye Yeremiya uwavugishwa n’Imana bwerekeye ukuza kwa Nebukadineza umwami w’i Babiloni aje gutera Egiputa:

14 "Menyesha ibi muri Egiputa, kandi ubivuge i Migidoli;

bivuge kandi n’i Memfisi n’i Tafanihesi uti:

‘Fata ibibanza mwitegure,

kuko inkota igira itabagure abagukikuje.’

15 Ni kuki abahizi bawe baryamye?

Ntibashobora guhagarara, kuko Uhoraho azobatsinda hasi.

16 Bazotsitagurika kenshi;

bazogwanako bahindikirane.

Bazovuga bati: Va hasi dusubire inyuma

mu bacu no mu mavukiro yacu,

duhunge inkota y’uwuducinyiza.

17 Aho ni ho bazokwiha akamo bavuga bati:

‘Umwami Farawo wa Egiputa ni akarimi gusa;

yahushije akaryo.’

18 ‘Ni ukuri nk’uko Uhoraho ari muzima,’ ni ko Umwami avuze,

izina ryiwe ni Uhoraho Mushoboravyose,

hari uwuzoza ameze nk’umusozi Tabori iyo uri hagati mu yindi misozi,

nka Karumeli i ruhande y’ikiyaga.

19 Tekera ivyawe witegurire kuja mu kinyago,

wewe uba muri Egiputa,

kuko Memfisi hazosigara ari amatongo,

kandi hazocika umusaka ata muntu ahaba.

20 Egiputa ni inyana nziza,

ariko ikibugu kirayiziye

giturutse mu buraruko.

21 Kandi n’abacangero bari muri bo

bameze nk’inyana zinuze.

Na bo nyene bazohindukira bahunge bose,

ntibazoshobora kurinda,

kuko umusi w’ivyago uje kuri bo,

ni igihe co guhanwa kwabo.

22 Egiputa hazovuza agahwa nk’inzoka ihunze

aho umwansi azoba ariko arabegereza abakurikiye n’inkomezi nyinshi;

bazomutera bafise incabiti,

nk’abantu bicira ibiti.

23 Bazotemera hasi ishamba ryiwe,

ni ko Uhoraho avuze,

naho ari insobane.

Ni benshi bameze nk’inzige,

ntiboharurika.

24 Umukobwa wa Egiputa azoteterwa,

ashirwe mu maboko y’abantu bo mu buraruko."

25 Uhoraho Mushoboravyose, Imana ya Isirayeli, avuze ati: "Ngira nshitse igihano kuri Amoni imana y’i Tebesi, kuri Farawo, kuri Egiputa n’imana zaho n’abami baho, n’abizigiye Farawo. 26 Nzobatanga mu maboko y’abagomba kubica, ya Nebukadineza umwami w’i Babiloni n’abakuru b’ingabo biwe. Hanyuma ariko, Egiputa hazosubira kubamwo abantu nk’uko vyahoze ubwa mbere," ni ko Uhoraho avuze.

27 "Ntutinye, yewe Yakobo musavyi wanje;

ntucike intege, yewe Isirayeli.

Kuko vy’ukuri nzogukiza ngukuye mu gihugu ca kure,

uruvyaro rwawe ndarukuye mu gihugu bajanywemwo ari inyagano.

Yakobo azosubira kugira amahoro n’umutekano,

kandi nta wuzomutera ubwoba.

28 Ntutinye, Yakobo musavyi wanje,

kuko ndi kumwe na we," ni ko Uhoraho avuze.

"Naho nzosangangura rwose amahanga yose

ayo nzogusanzarizamwo,

wewe sinzoguherengeteza.

Nzoguhana ariko mu kugororoka;

sinzokureka ngo ugende udahanywe rwose."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-