1 Uku ni ko Uhoraho yambwiye, ati: "Genda ugure umukanda wera derere maze uwambare mu rukenyerero, ariko ntihagire amazi awukorako." 2 Nuko ngura umukanda, nk’uko Uhoraho yari yabintegetse, ndawukenyera mu rukenyerero.
3 Maze Uhoraho aza aho ndi ubwa kabiri, ati: 4 "Twara uwo mukanda waguze kandi ukenyeje, maze ugende uwunyegeze i Perati mu mugaga wo mu bitandara." 5 Nuko ndagenda ndawunyegeza hafi ya Perati, nk’uko Uhoraho yari yabimbwiye.
6 Hashize imisi Uhoraho arambwira ati: "Ubu na ho genda i Perati maze uzane wa mukanda nakubwira ngo ugende unyegezeyo." 7 Nuko nja i Perati nzura wa mukanda ndawukura aho nari narawunyegeje, ariko wari wononekaye rwose ata woshobora kuwukoresha.
8 Maze Uhoraho ambwira ijambo ati: 9 "Uko uwo mukanda umeze, ni ko Uhoraho avuze: ‘Uko ni ko nzokwonona ubwibone bwa Yuda n’ubwibone buhambaye bwa Yerusalemu. 10 Abo banyakibi, banka kwumva amajambo yanje, bagakurikira ugukomantara kw’imitima yabo kandi bagakurikira izindi mana ngo bazisabe bongere bazisenge, bazoba nk’uwu mukanda, ata co ugishoboye kumara! 11 Kuko, nk’uko umukanda bawukenyera mu rukenyerero, ni ko nakenyeye inzu yose ya Isirayeli n’inzu yose ya Yuda,’ ni ko Uhoraho avuze, kugira ngo babe abantu banje, bitirirwe izina ryanje, maze bampimbaze kandi bampe icubahiro. Ariko ntibanyumviye.
12 Uze ubabwire uti: ‘Uku ni ko Uhoraho, Imana ya Isirayeli, avuze: Umukuza wose w’urusato ukwiye kwuzuzwa umuvinyu. Kandi nibakubwira bati: None ntitubizi ko umukuza wose ukwiye kwuzuzwa umuvinyu?’ 13 Uzoce ubabwira uti: ‘Uku ni ko Uhoraho avuze: Ngiye kuzokwuzuza akaborerwe abantu bose baba muri iki gihugu, harimwo n’abami bicara ku ntebe y’ubwami ya Dawidi, abaherezi, abavugishwa, n’abantu bose baba i Yerusalemu. 14 Nzobamenagura umwe wese kuri mugenziwe, abavyeyi n’abana co kimwe, ni ko Uhoraho avuze. Nta kagongwe nzogira canke imbabazi canke ikibabarwe ngo bimbuze kubaherengeteza.’ "
15 Nimwumve kandi muntege amatwi,
ntimugire ubwibone,
kuko Uhoraho aravuze.
16 Nimuhe Uhoraho Imana yanyu icubahiro
atarazana umwijima,
ibirenge vyanyu bigatsitara
ku misozi kuko iri mu mwijima.
Mwizigira umuco,
ariko azowuhindura umwijima w’umuzitanya
kandi azowuhindura nk’igicu gitwaye isegenya.
17 Ariko nimutanyumvira,
nzoririra mu mpisho
kubera ubwibone bwanyu;
amaso yanje azorira abogoze,
amosozi acundugute,
kuko umukuku w’Uhoraho uzoba utwawe kw’inyagano.
18 Bwira umwami n’umugabekazi uti:
"Nimuve ku ntebe zanyu z’ubwami,
kuko ingori z’ubwiza
zizokoroka zive ku mitwe yanyu.
19 Ibisagara vy’i Negebu bizokwugarwa,
kandi ntihazoboneka uwo kuvyugurura.
Abayuda bose bazojanwa ari inyagano,
bazojanwa bose nta wuzosigara.
20 Nimwunamure amaso yanyu murabe
abaje bava mu buraruko.
Mbega umukuku bakuragije uri he,
intama wari wishimiye?
21 Mbega uzovuga iki Uhoraho niyatuma
abo wimenyereje ko ari abakunzi bawe bagutegeka?
Mbega ntuzofatwa n’uburibwe
nk’ubw’umugore afashwe n’ibise?
22 Kandi niwibaza uti:
‘Ni kuki ibi vyanshikiye?’
Ni kubera ivyaha vyawe vyinshi
vyatumye uduhuzu twawe tugutabagurikirako
n’umubiri wawe ukaba warakubaguwe.
23 Mbega Abanyetiyopiya bohindura urukoba rwabo
canke ingwe yohindura amabara yayo?
Ni ko na wewe utoshobora gukora ivyiza
kuko wamenyereye gukora ibibi.
24 Nzobasanzaza nk’umuguruka
utwarwa mu bugaragwa n’umuyaga.
25 Uyu ni wo mugabane wawe,
umugabane nakugereye,"
ni ko Uhoraho avuze,
"kuko wanyibagiye
ukizigira imana z’ibinyoma.
26 Nzoduza agahuzu kawe gashike mu maso yawe
kugira ngo umaramare,
27 Narabonye ubusambanyi bwawe n’ivyipfuzo vyawe,
n’ubumaraya bwawe buteye isoni!
Narabonye ibikorwa vyawe vyo kwankwa urunuka,
ivyo wakoreye ku mirambi no ku misozi.
Uragowe, Yewe Yerusalemu!
Mbega uzogeza ryari kuba uwuhumanye?"