Publicidade

Jeremias 43

1 Yeremiya ahejeje kubwira abantu amajambo yose y’Uhoraho Imana yabo, ivyo Uhoraho yari yamutumye ngo ababwire vyose, 2 Azariya mwene Hoshaya na Yohanani mwene Kareya n’abantu bose b’ubwibone babwira Yeremiya bati: "Urabesha! Uhoraho Imana yacu ntiyagutumye kuvuga ngo: ‘Ntimuje muri Egiputa kubayo.’ 3 Ariko Baruki mwene Neriya ni we akuduteranyako ngo adutange mu maboko y’Abanyababiloni, kugira ngo batwice canke batujane turi inyagano i Babiloni."

4 Nuko Yohanani mwene Kareya n’abakuru b’ingabo bose n’abantu bose bagarariza icagezwe c’Uhoraho co kuguma mu gihugu c’i Buyuda. 5 Mbere Yohanani mwene Kareya n’abakuru b’ingabo baca barongora amasigarira yose y’i Buyuda yari yagarutse kuba mu gihugu c’i Buyuda bavuye mu mahanga yari yasanzariyemwo barabajana. 6 Bajana abagabo bose, abagore, n’abana n’abakobwa b’umwami abo Nebuzaradani umukuru w’ingabo zirinda umwami yari yasigaranye Gedaliya mwene Ahikamu, mwene Shafani, na Yeremiya uwavugishwa n’Imana na Baruki mwene Neriya. 7 Nuko binjira muri Egiputa ntibumvira Uhoraho baca baragenda gushika i Tafanihesi.

8 Bari aho i Tafanihesi ijambo ry’Uhoraho riza kuri Yeremiya riti: 9 "Fata amabuye maninimanini uyahambe mw’ibumba, Abayuda bose bariko barakuraba, mu musezero w’amatafari mu rwinjiriro rw’ikirimba ca Farawo i Tafanihesi. 10 Maze ubabwire uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose, Imana ya Isirayeli, avuze: Nzorungika umushumba wanje Nebukadineza umwami w’i Babiloni, kandi nzoshira intebe y’ubwami yiwe kuri aya mabuye nahamvye aha; azosasa umusezero wiwe w’ubwami hejuru yayo. 11 Azoza atere Egiputa, yice abagerewe gupfa, afate mpiri abagerewe gufatwa mpiri, yicishe inkota abagerewe kwicishwa n’inkota. 12 Azotongoza umuriro ingoro z’imana zo muri Egiputa; azoturira ingoro zazo atware mu kinyago imana zaho. Nk’uko umwungere yizingirako umutamana wiwe, ni ko na we azokwizingirako Egiputa aheze yigire anesheje. 13 Harya mu ngoro y’ikigirwamana c’izuba muri Egiputa azosenyura inkingi zaco atongoze umuriro ingoro z’imana zo muri Egiputa.’ "

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_10-32-54-