Publicidade

Jeremias 19

1 Uku ni ko Uhoraho avuze: "Genda ugure umubindi w’ibumba ku mubumvyi. Jana na bamwe mu batware, hamwe n’abaherezi 2 maze usohoke uje mu kiyaya ca Beni-Hinomu, i ruhande y’Irembo ry’Inkono zamenetse. Aho ni ho uzobamenyeshereza amajambo nzokubwira. 3 Uze uvuge uti: ‘Nimwumve ijambo ry’Uhoraho, yemwe bami b’i Buyuda n’ababa i Yerusalemu. Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose, Imana y’Abisirayeli, avuze: Umviriza! Ngiye guteza icago aha hantu kizotuma mu matwi ya bose haza iminzerere. 4 Kuko bantaye maze bagahindura aha hantu ikibanza c’imana z’inyamahanga; barahatangiye ibimazi vy’imana batigeze bamenya; baba bo, baba ba sekuruza canke abami b’i Buyuda, kandi bujuje aha hantu amaraso y’abatagira icaha. 5 Batavye ibibanza vya Bayali ahantu hejuru ku misozi ngo bahatangire abahungu babo kw’ibimazi babishikanire Bayali, ikintu ntigeze ndabategeka canke ngo ncishe no mu kanwa, canke ngo cigere kiza no mu bwenge bwanje. 6 Nuko nimwiyubare, imisi iraje, ni ko Uhoraho avuze, aho abantu batazoba bacita aha hantu Tofeti canke ikiyaya ca Beni-Hinomu, ahubwo bazohita ikiyaya co gusogotwa.

7 Muri iki kibanza ni ho nzokwicira imigambi y’Ubuyuda n’iya Yerusalemu. Nzobareka bicwe n’inkota y’abansi babo, bagwe mu maboko y’ababahiga ngo babice, kandi imivyimba yabo nzoyihindura indya z’inyoni zo mu kirere n’ibikoko vyo mw’ishamba. 8 Nzosambura iki gisagara ndagihindure umusaka n’akajoreza; abahaca bose bazohinda agashitsi bavuze agahwa kubera ibikomere vyaho. 9 Nzotuma barya inyama z’abahungu babo n’iz’abakobwa babo, kandi bazoryana mu gihe bazoba bugarijwe n’abansi babo barondera kubica.’

10 Maze uze umene uwo mubindi mu maso y’abazoba bajanye nawe, 11 ubabwire uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: Nzomenagura iri hanga n’iki gisagara nk’uko uwu mubindi w’umubumvyi umenaguritse kandi ata woshobora kuwunga. Bazohamba abapfuye muri Tofeti kugeza aho ata kibanza kizoba kigisigaye. 12 Uku ni ko nzogirira aha hantu n’abahaba, ni ko Uhoraho avuze. Nzohindura iki gisagara nk’i Tofeti. 13 Amazu y’i Yerusalemu n’ingoro z’abami b’i Buyuda bizohumanywa nk’aha i Tofeti, amazu yose batuririyemwo ibimota neza, bageneye inyenyeri, bagashikanira ishikanwa ry’ibinyobwa izindi mana.’ "

14 Maze Yeremiya arataha avuye i Tofeti, aho Uhoraho yari yamutumye kuvugishwa, hanyuma ahagarara ku mbuga y’Ingoro y’Uhoraho abwira abantu bose ati: 15 "Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose, Imana y’Abisirayeli avuze: ‘Nimwumve! Ngiye guteza muri iki gisagara no mu mihana ihakikije ivyago vyose vyahagenewe, kuko bagamitse amazosi ntibumvire amajambo yanje.’ "

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_10-32-54-