1 Iri ni ryo jambo Uhoraho yatumye kuri Yeremiya ryerekeye uruzuba, ati:
2 "I Buyuda baragandaye,
ibisagara vyaho bicitse intege;
baraborogera igihugu,
kandi akaruru kumvikana kava i Yerusalemu.
3 Abaganwa baho batuma amazi abakozi babo;
na bo bakaja ku binogo bibika amazi,
bagasanga nta mazi ariyo.
Bagasubirana inyuma imibindi yabo ata kirimwo;
bamaramaye, bihebuye,
bitwikiriye imitwe.
4 Isi yase imigaga
kuko ata mvura ikigwa mu gihugu;
abarimyi barihebuye
kandi bitwikiriye imitwe.
5 Mbere n’impongokazi iri mw’ishamba
yataye umwagazi wayo ihejeje kuvyara
kuko ata bwatsi.
6 Indogoba z’inyeshamba zihagarara ku dutwe tw’imisozi y’uruharabuga
zihuzagizwa nk’imbwebwe zinyotewe;
zahwereye mu maso
kubera kubura ico zirya."
7 Naho ivyaha vyacu bitwagiriza,
yewe Uhoraho, gira ico ukoze ku bw’icubahiro c’izina ryawe.
Kuko twakugararije kenshi;
twaragucumuyeko.
8 Yewe vyizigiro vy’Abisirayeli,
kandi ukaba umukiza wabo mu gihe c’amagorwa,
ni kuki uri nk’umunyamahanga mu gihugu,
nk’ingenzi iraye hano ijoro rimwe gusa?
9 Ni kuki umeze nk’umuntu azazaniwe,
nk’umuhizi atagira inkomezi zo gutabara?
Uhoraho, wewe uri hagati muri twebwe
kandi twitirirwa izina ryawe,
ntuduhebe!
10 Uku ni ko Uhoraho abwira aba bantu:
"Bakunda cane kwangara;
ibirenge vyabo ntibitekana.
Ni co gituma Uhoraho atabemera;
agiye kwibuka ibibi vyabo,
abahanire ivyaha vyabo."
11 Maze Uhoraho arambwira ati: "Ntusengere aba bantu ngo bamererwe neza. 12 Naho bisonzesha, sinzokwumviriza ugutakamba kwabo; naho batanga ibimazi bituriwe n’amashikanwa y’ifu, sinzobemera. Ahubwo, nzobamarisha inkota, ikigoyi n’ikiza."
13 Ariko ndavuga nti: "Ewe Uhoraho Nyeninganji, abavugishwa babo baguma bababwira bati: ‘Ntimuzobona inkota canke ngo mwicwe na kigoyi. Ni ivy’ukuri, nzobaha amahoro adashira muri aha hantu.’ "
14 Maze Uhoraho ambwira ati: "Abo bavugishwa bavuga ibinyoma mw’izina ryanje. Sinabatumye canke ngo ndabatoranye canke ngo mvugane na bo. Bavugishwa kuri mwebwe ivyo beretswe bitari vyo, n’indagu, ubupfumu n’uruhendo rw’ubwenge bwabo.
15 Nuko rero uku ni ko Uhoraho avuze ku vyerekeye abo bavugishwa bariko bavugishwa mw’izina ryiwe: Si jewe nabatumye, ariko bavuga bati: ‘Inkota n’inzara ntibizoshika muri iki gihugu.’ Abo bavugishwa nyene bazorandurwa n’inkota n’inzara. 16 Kandi abo bariko baravugishwako bazotererwa mu mayira y’i Yerusalemu kubera ikigoyi n’inkota. Nta muntu wo kubahamba azoboneka baba bo canke abagore babo, abahungu babo canke abakobwa babo. Nzobarekurirako ivyago bibakwiye.
17 Uze ubabwire iri jambo uti:
‘Amaso yanje yuzuye amosozi
mw’ijoro no ku murango ubudasiba;
kuko umukobwa wanje w’inkumi, ari bo bantu banje,
bakomerekejwe cane,
uruguma rudakira.
18 Ninjiye mu gihugu,
mbona abicishijwe inkota;
iyo ngiye mu gisagara,
mbona abishwe na kigoyi.
Umuvugishwa n’umuherezi
bagiye mu gihugu batazi.’ "
19 Mbega warahevye Ubuyuda rwose?
Mbega warataye Siyoni?
Ni kuki watubabaje
gushika aho tutagikira?
Twari twizigiye amahoro,
ariko nta ciza twabonye;
twari twiteze igihe co gukira,
ariko haje iterabwoba gusa.
20 Yewe Uhoraho, turemeye ububi bwacu
n’ukugabitanya kwa ba sogokuruza;
ni ukuri twaragucumuyeko.
21 Ku bw’izina ryawe ntuduhebe;
ntutetereze intebe yawe y’ubwami.
Niwibuke isezerano wasezeranye natwe
nturyice.
22 Mbega ibigirwamana vy’amahanga vyotanga imvura?
Mbega amajuru yonyene yozana imvura?
Oyaye ni wewe wenyene, yewe Uhoraho Mana yacu.
Ni co gituma tukwizigiye,
kuko ari wewe ukora ivyo vyose.