Publicidade

Jeremias 5

Nta n’umwe agororotse

1 Muduge kandi mumanuke mu mayira yose y’i Yerusalemu,

murabe irya n’ino kandi mwitegereze,

murondere mu mpande zose.

Nimba mwoshobora kuronka umuntu n’umwe

acuruza mu kugororoka kandi arondera ukuri,

nanje nzobabarira iki gisagara.

2 N’aho bavuga bati: ‘Ni ukuri nk’uko Uhoraho ari muzima,’

barahira ibinyoma."

3 Yewe Uhoraho, mbega inyonga zawe ntizirondera ukuri?

Warabakubise, ariko ntibababara;

warabamenaguye ariko ntibemera gukosorwa.

Bakomantaje mu maso habo haba nk’ibuye

maze banka kwihana.

4 Nariyumviriye nti: "Abo ni aboro;

ni ibijuju,

ntibazi inzira y’Uhoraho,

ntibazi ivyo Imana yabo ishaka.

5 Ni co gituma ngiye kurondera abarongozi babo

maze mvugane na bo.

Ni ukuri barazi inzira y’Uhoraho,

barazi ivyo Imana yabo ishaka."

Ariko n’abo nyene baravunaguye ingogo y’Uhoraho

kandi baracagaguye iminyororo.

6 Ni co gituma intambwe yo mw’ishamba izobatera,

imfyisi yo mu bugaragwa ikabatabagura,

ingwe izobabundira hafi y’ibisagara vyabo

kugira ngo itabagure umuntu wese asohoka hanze,

kuko ubugarariji bwabo ari bwinshi

no gusubira inyuma kwabo ari kwinshi.

7 Ni kuki nobaharira?

Abana banyu barampevye

maze barahira mw’izina ry’izindi mana atari imana z’ukuri.

Nabahaye ivyo bakeneye vyose,

ariko bagiye mu busambanyi

kandi bahurumbira amazu y’abamaraya.

8 Bameze nk’amafarasi avyibushe,

umwe wese yiruka arondera umugore wa mugenziwe.

9 Mbega ivyo sinkwiye kubibahanira?

Ni ko Uhoraho avuze.

Mbega sinari nkwiye kwihora

ihanga rimeze gutyo?

10 Nimugende muce mu mizabibu yaho, maze muyitikize,

ariko ntimuyimare rwose.

Musangangure amashami yawo,

kuko aba bantu atari ab’Uhoraho.

11 Inzu ya Isirayeli n’inzu ya Yuda

barampemukiye bantera ibitugu,

ni ko Uhoraho avuze.

12 Bavuze ibinyoma k’Uhoraho;

baravuze bati: "Nta na kimwe azokora!

Nta kibi kizodushikako;

ntituzokwigera tubona inkota canke ikigoyi.

13 Abavugishwa ni umuyaga gusa

kandi nta jambo riri muri bo.

Ivyo bavuga nibibashikeko bo nyene."

14 Nuko rero uku ni ko Uhoraho Imana Mushoboravyose avuze:

Kubera ko abantu bavuze ayo majambo,

nzohindura amajambo yanje ari mu kanwa kawe acike umuriro

aba bantu na bo babe nk’inkwi zo gutongorwa n’uwo muriro.

15 Yemwe ab’inzu ya Isirayeli, ni ko Uhoraho avuze,

Nzozana ihanga rya kure rize kubagwanya,

ni ihanga rikomeye kandi ryamyeho kuva kera,

abantu bavuga ururimi mutazi,

bafise imvugo mutumva.

16 Isaho y’imyampi yabo ni nk’imva yuguruye;

kandi bose ni abagwanyi b’abahizi.

17 Bazorigita imyimbu yanyu n’indya zanyu,

bazorandura abahungu banyu n’abakobwa banyu;

bazoherengeteza amasho yanyu n’imikuku yanyu,

bazorigata imizabibu yanyu n’imisukoni yanyu.

Bazosambuza inkota

ibisagara bizitijwe inzitiro mwari mwizigiye.

18 "Ariko no muri iyo misi," ni ko Uhoraho "sinzogusambura rwose. 19 Kandi igihe abantu bazobaza bati: ‘Ni kuki Uhoraho Imana yacu yadukoreye ibi vyose?’ Muzobabwire muti: ‘Ni kubera mwanteye ibitugu mugakorera izindi mana z’inyamahanga mu gihugu canyu bwite, ubu na ho muzokorera abanyamahanga mu gihugu kitari icanyu.’

20 Menyesha ibi ab’inzu ya Yakobo

mubivuge i Buyuda:

21 nimwumve ibi, yemwe bantu b’ibipfu mutagira ubwenge,

mufise amaso ariko ntimubone,

mufise amatwi ariko ntimwumve.

22 Mbega ntimwonyubaha?" ni ko Uhoraho avuze.

"Mbega ntimwohindira agashitsi imbere yanje?

Naremye umusenyi ngo ushingire akarimbi ikiyaga,

ube akarimbi k’ibihe bidashira kidashobora kurengana.

Imipfunda yosuriranya,

ariko ntishobora kuharenga;

irashobora kubomborana,

ariko ntishobora kurenga ako karimbi.

23 Ariko aba bantu bo bafise imitima ikomantaye kandi igarariza;

bakikamiye hirya bigira ahandi.

24 Ntibibwira mu mitima bati:

‘Reka twubahe Uhoraho Imana yacu,

aduha imvura y’agatasi n’iy’urushana ku gihe cayo,

aduha amayinga meza yo kwimbura.’

25 Ibibi vyanyu mwakoze ni vyo vyababujije kubironka;

ivyaha vyanyu ni vyo vyababujije ivyiza.

26 Mu bantu banje harimwo abantu babi

babunda nk’abatega inyoni

nk’abantu batega imitego yo gufata abandi.

27 Kurya imitego yuzuramwo inyoni zafashwe,

ni ko amazu yabo yuzuyemwo kugunga,

babaye abatunzi b’abanyenkomezi

28 kandi baravyibushe barasayangana.

Ibikorwa vyabo bibi ntibigira akarimbi;

ntibababara urubanza rw’impfuvyi ngo bazirenganure,

ntibitaho urubanza rw’umukene.

29 Mbega ivyo sinkwiye kubibahanira?"

ni ko Uhoraho avuze.

"Mbega sinkwiye kwihora

ihanga rimeze gutyo?

30 Ikintu giteye ubwoba kandi kibabaje

carabaye mu gihugu:

31 abavugishwa bavugishwa ibinyoma,

abaherezi baganzisha igikenye,

kandi abantu banje barabinezerererwa.

Ariko none kw’iherezo muzokora iki?

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-