1 Maze ijambo ry’Uhoraho rimbwira riti: 2 "Ntuze urongore ngo uvyarire abahungu n’abakobwa aha hantu. 3 Kuko uku ari ko Uhoraho avuze ku vyerekeye abahungu n’abakobwa bavukiye muri iki gihugu no ku bagore ari bo ba nyina babo n’abagabo ari bo ba se babo. 4 Bazokwicwa n’ingwara zihonya. Ntibazogandarirwa canke ngo bahambwe, ariko bazoba nk’amase yandagaye hasi. Bazohona bishwe n’inkota n’ikigoyi, kandi imivyimba yabo izoba indya z’inyoni zo mu kirere n’ibikoko vyo mw’ishamba."
5 Kuko ibi ari vyo Uhoraho avuze: "Ntuze winjire aho bariko bararya ibiryazagu; ntuze uje kugandara canke ngo ugire ikibabarwe, kuko namaze gukuraho umugisha wanje, urukundo rwanje n’akagongwe kanje kuri ubu bwoko," ni ko Uhoraho avuze. 6 "Abakuru n’abato bose hamwe bazopfira muri iki gihugu. Ntibazohambwa canke ngo bagandarirwe, kandi nta n’umwe azokwimosha inkomvorera canke ngo yikebagure ku bwabo. 7 Nta n’umwe azozana indya zo kugaburira abagandaye, naho yoba ari se canke nyina, nta n’umwe azotanga ivyo kunywa ngo abagarukireko.
8 Kandi ntuze winjire aho bari mu birori ngo wicare urye canke unywe." 9 Kuko uku ari ko Uhoraho Mushoboravyose, Imana y’Abisirayeli avuze: Mu maso yawe kandi ukiriho nzokuraho ijwi ry’akanyamuneza n’uguhimbarwa hamwe n’amajwi y’umukwe n’umugeni aha hantu.
10 "Niwabwira aba bantu ibi vyose maze bakakubaza bati: ‘Ni kuki Uhoraho yageze ivyo vyago ngo bituzeko? Ikibi twakoze ni igiki? Ni ikihe caha twacumuye k’Uhoraho Imana yacu?’ 11 Maze uze ubishure uti: Ni kubera ba sogokuruza banyu bampevye, ni ko Uhoraho avuze, bagakurikira izindi mana bakazisaba bakazisenga. Barantaye ntibakurikira Ivyagezwe vyanje. 12 Ariko mwigenjeje nabi kurusha ba sogokuruza banyu. Raba ingene umuntu akurikira ugukomantara kw’umutima wiwe mubi aho kunyumvira. 13 Ni co gituma nzobaterera hanze y’iki gihugu nkabajana mu gihugu; baba mwebwe canke ba sogokuruza banyu mutigeze mumenya, aho ni ho muzokorera izindi mana ku murango no mw’ijoro, kuko ntazobagirira ubuntu na gatoya."
14 "Ariko, imisi iraje," ni ko Uhoraho avuze, "aho abantu batazosubira kuvuga ngo: Ni ukuri nk’uko Uhoraho ari muzima, yakuye Abisirayeli muri Egiputa, 15 ariko bazovuga bati: Ni ukuri nk’uko Uhoraho ari muzima, yakuye Abisirayeli mu gihugu co mu buraruko no mu bihugu vyose yari yarabangarijemwo. Kuko nzobasubiza mu gihugu nahaye ba sekuruza."
16 "Ariko ubu ngira ntume abarovyi benshi," ni ko Uhoraho avuze, "babarobe. Inyuma y’ivyo nzotuma abahigi benshi, bazobahiga ku musozi wose n’akarambi kose no mu bihoro vyo mu bitandara. 17 Inyonga zanje ziri ku nzira zabo zose; ntizihishijwe inyonga zanje, canke ngo icaha cabo gihishwe inyonga zanje. 18 Nzobasubiriza mu nkoko incuro zibiri ibibi vyabo n’icaha cabo, kuko bahumanije igihugu canje n’ibishushanyo vyabo bitagira ubuzima, bakuzuza ishamvu yanje ibigirwamana vyabo vyo kwankwa urunuka."
19 Yewe Uhoraho, nkomezi zanje n’igihome kinkingira,
ubwihisho bwanje mu gihe c’ivyago,
amahanga azoza kuri wewe
bavuye ku mpera z’isi bavuge bati:
"Ba sogokuruza nta co bari batunze atari ibigirwamana,
imana zitagira akamaro nta ciza zabazaniye.
20 Mbega abantu bokwiremera imana zabo bwite?
Egome, ariko si imana z’ukuri!"
21 Nuko rero nzobigisha;
ubu ngiye kubigisha
ububasha bwanje n’inkomezi zanje.
Maze bazomenya
ko izina ryanje ari Uhoraho.