1 Ijambo ry’Uhoraho ryatumwe kuri Yeremiya igihe umwami Zedekiya yamurungikira Pashuri mwene Malikiya n’umuherezi Zefaniya mwene Mayaseya. Bavuga bati: 2 "Dusigurize Uhoraho ubu kuko Nebukadineza umwami w’i Babiloni ariko aradutera. Kumbure Uhoraho yodukorera ibitangaza nko mu bihe vya kera maze akagenda akareka kudutera."
3 Ariko Yeremiya arabishura ati: "Bwira Zedekiya muti: 4 ‘Uku ni ko Uhoraho, Imana ya Isirayeli avuze: Ngiye kuguhindukirizako ibigwanisho vyose vy’intambara ufise mu ntoke zawe, ivyo uriko urakoresha mu kugwanya umwami w’i Babiloni n’Abanyababiloni bari inyuma y’uruzitiro bamaze kukwugariza. Kandi nzobakoraniriza hagati muri iki gisagara. 5 Jewe ubwanje nzokugwanya n’ukuboko kwanje kubanguye kandi kw’inkomezi no mu burake n’ubushangashirwe n’ishavu ryinshi. 6 Nzokwica abantu bose baba muri kino gisagara, abantu n’ibikoko, kandi bazokwicwa n’ivyago biteye ubwoba. 7 Inyuma y’ivyo, ni ko Uhoraho avuze, Zedekiya umwami w’i Buyuda, abaganwa biwe n’abantu bo muri iki gisagara bazosigara batishwe n’icago, inkota n’ikigoyi, nzobatanga mu maboko ya Nebukadineza umwami w’i Babiloni n’abansi babo bashaka kubamara. Azobicisha inkota; ntazobagirira imbabazi canke akagongwe canke ikibabarwe.’
8 Vyongeye, bwira abantu muti: ‘Uku ni ko Uhoraho avuze: Raba, ngira nshire imbere yanyu inzira y’ubugingo n’inzira y’urupfu. 9 Umuntu wese azoguma muri iki gisagara azokwicishwa inkota, ikigoyi n’ikiza. Ariko uwuzokivamwo akishikana ku Banyababiloni babugarije azobaho; azokiza ubugingo bwiwe. 10 Nafashe ingingo yo kugirira nabi iki gisagara, si ineza, ni ko Uhoraho avuze. Kizotangwa mu maboko y’umwami w’i Babiloni, na we azogitongoza umuriro.’
11 Vyongeye, bwira abo mu nzu y’ingoma y’i Buyuda muti: ‘Nimwumve ijambo ry’Uhoraho. 12 Yemwe abo mu nzu ya Dawidi, uku ni ko Uhoraho avuze:
Nimuce imanza zibereye uko bukeye,
mukure mu maboko y’uwuhahaza
uwanyazwe utwiwe,
ahandi ho uburake bwanje buzoziriringa
kubera ibibi mwakoze,
buzorurumba nk’umuriro utazima.
13 Nzobagwanya mwebwe, ab’i Yerusalemu,
mwebwe mwibera hejuru y’iki kiyaya,
mu kibande c’amabuye, ni ko Uhoraho avuze;
mwebwe muvuga muti: "Ni nde yoza kutugwanya?
Ni nde yokwinjira mu bwihisho bwacu?"
14 Nzobahana ibikwiranye n’ibikorwa vyanyu,
ni ko Uhoraho avuze.
Nzokwatsa umuriro mu mashamba yanyu
na wo uzotongora ibintu vyose bibakikije.’ "